Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Tito 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uk’ Umukristo akwiye kumera

1 Ariko weho uvuge ibihwanye na kwa kwigisha kuzima.

2 Bgira abatāma boye kurenza urugero, babe inyankamugayo, badahugumba, babe abahangaye mu kwizera no mu rukundo no mu kwihangana.

3 N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza,

4 kugira ngo batoze abagore bakiri bato ubgenge bgo gukunda abagabo babo n’abana babo,

5 no kudahugumba, no kwirinda ubgēruzi, no kwubaka ingo zabo, no kuba inda nziza, bagororokere abagabo babo, kugira ngw ijambo ry’Imana ntiritukwe.

6 N’imisore n’uko ubahanūre ntibahugumbe;

7 nawe ubgawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo,

8 ugire n’ijambo rizima ritogawa, kugira ng’ umuntu ari mu ruhande rw’abansi amāramāre, abuze ikibi yotuvuga.

9 Hanūra abagurano bagororokere ba shebuja, babahimbare muri vyose, ata guhārīra,

10 badakorakora, ariko berekane ukuyoboka kwiza kwose, kugira ngo muri vyose basharize ivyigishwa vy’Imana, Umukiza wacu.


Uk’ ubuntu bg’Imana bgatuzaniye agakiza

11 Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza,

12 butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’ isi, bukatwigisha kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none,

13 twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,

14 yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.

15 Wame uvuga ivyo, ubahanūra, ubahana, nk’ūfise ububasha rwose. Ntihakagire ūgukēngēra.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan