Rusi 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Elimeleki na Nawomi basuhukira i Mowabu 1 Mu misi y’abacamanza ikigoyi cateye mu gihugu. Nuk’ umugabo w’i Betelehemu h’i Buyuda asuhukira mu gihugu c’i Mowabu, bo n’umugore wiwe n’abahungu biwe bompi. 2 Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe bompi umwe yitwa Mahaloni, uwundi yitwa Kiliyoni, bār’ Abanyefurata b’i Betelehemu h’i Buyuda. Bashika mu gihugu c’i Mowabu, babayo. 3 Elimeleki, umugabo wa Nawomi, arapfa; asigarana n’abahungu biwe bompi. 4 Bābīra Abanyamowabukazi; umwe yitwa Orupa, uwundi yitwa Rusi: bamaray’ imyaka nk’ icumi. 5 Maze Mahaloni na Kiliyoni bompi barapfa; uwo mugore abura abana biwe bompi n’umugabo wiwe. Rusi yanka guheba inabukwe 6 Bukeye avana hasi n’abakazana biwe, kugira ngw ave mu gihugu c’i Mowabu asubire i wabo: kuko yari yumvise ari mu gihugu c’i Mowabu yuk’ Uhoraho yagendeye abantu biwe, akabaha ivyo kurya. 7 Ava aho hantu yar’ ari, bo n’abakazana biwe bompi, bajana inzira isubira mu gihugu c’i Buyuda. 8 Nawomi abgira abakazana biwe bompi, ati Ni mugende, musubire mu mazu ya ba nyoko: Uhoraho abagirire neza, nk’uko mwagiriye neza abahisi, bo nanje. 9 Uhoraho abahe mwempi gusubira kwubaka ingo mugire abagabo. Arabagūmbīra, baraturikisha, bararira. 10 Baramwishura, bat’ Oya, ariko turasubiranayo nawe mw ihanga ryanyu. 11 Nawomi arabishura, ati Bakobga banje, ni mwisubirire inyuma: n’iki gitumye mugomba kujana nanje? Har’ abandi bana ngifise mu nda, ngo baze babe abagabo banyu? 12 Ni mwisubirire inyuma, bakobga banje, mwīgīre; kuko ndenze gucūrwa. Iyo mba mvuzeho, nti Ndi n’ivyizigiro; ndeke naho noronka umugabo iri joro nyene nkazovyara abahungu; 13 mbeg’ ivyo vyotuma mubarīndīra gushitsa aho bazokurira? Ivyo vyotuma mureka kurondera abagabo? Vyoye kuba birtyo, bakobga banje, kuko muntera akagongwe, kuk’ ukuboko kw’Uhoraho kwaramvuriye kundwanya. 14 Barongera baraturikīsha, bararira: Orupa agūmbīra inabukwe, ariko Rusi we amugumakw akaramata. 15 Nawomi aravuga, ati Rāba, mugenzawe asubiye mu b’i wabo no ku mana yabo: nawe subirayo, ukurikire mugenzawe. 16 Rusi aramwishura, ati Reka kunyinginga kuguheba, no gusubira inyuma ngo noye kugukurikira; kukw ah’ uzoja ari ho nzoja, kand’ ah’ uzorāra ari ho nzorāra; ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje; 17 ah’ uzogwa ni ho nzogwa, bahampambe: Uhoraho arakabimpanira, kandi birushirije, ni nagira ikizontandukanya nawe, atar’ urupfu. 18 Nawomi abonye yukw amaramaje kujana na we aca arahora. 19 Nuko bompi barajana kurinda bashika i Betelehemu. Nuko rero bashitse i Betelehemu abo mu gisagara bose barashwabāduka, abagore barabazanya, bati Mbeg’ uyo yoba Nawomi? 20 Arabishura, ati Ntimube mukinyita Nawomi, ariko munyite Mara; kuko Rugira Vyose ivyo yangiriye vyambereye umururāzi. 21 Navuye ino nninahaye, Uhoraho angarukanye i wacu nd’ imbokoboko: munyitira iki Nawomi, Uhoraho ko yantuntuje, kandi Rugira Vyose akaba yanteye ivyago? 22 Uko ni ko Nawomi yagarukanye na Rusi Umunyamowabukazi umukazana wiwe, bavuye mu gihugu c’i Mowabu: bashika i Betelehemu mw itangura ry’igenya rya sayiri. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi