Obadiya 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ uguhona kw’ Abanyedomu 1 Ivyo Obadiya yeretswe. Uku ni k’Umwami Uhoraho agize ku vy’Abanyedomu. Twumvise inkuru zivuye k’Uhoraho, kandi har’ intumwa itumwe ku mahanga, ngo Ni muhaguruke, natwe nyene dukūre hasi, tubatere, tuje mu ntambara. 2 Rāba, nakugize ritoya ku yandi mahanga: uba inkengerwa rwose. 3 Ubgibone bgo mu mutima wawe bgaraguhenze, wewe uba mu bitandara vyacitsemw’ ibihoro, ukīvyagirira hejuru iyo bigwa; wewe uvugira mu mutima wawe, uti Ni nde yonkororera hasi? 4 Naho wodūga intumbgejuru nk’inkukuma, kandi naho wokwārika icāri cawe hagati y’inyenyeri, nzogukorora ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize. 5 Ewe kuntu ugeseye! Ibisuma vyokūzira, cank’ abambuzi mw ijoro, mbega ntibogusahura kugeza bīhāgije gusa? Cank’ abāmūzi b’inzabibu boza kuri wewe, mbega ntibosigaza uduhūmbga tw’inzabibu? 6 Ewe kuntu ivya Esau bisesanguwe! Itunga ryiwe ryari rinyegejwe ukuntu risokorowe! 7 Abo mwari mwifatanije bose bāragusohoye, bagushitsa no ku rubibe: abo mwari mwuzuye baragusutse, none barakunesheje; abo wagaburira bāguteze umutego: ariko ntiwabimenye. 8 Mbega kur’ uwo musi sinzorandura abanyabgenge bo muri Edomu, ngaherengeteza amakenga ku musozi wa Esau? ni k’Uhoraho abaza. 9 Ewe Temani, abahizi bawe bazogwa igihumura, bitume abantu bose iyo bava bakagera baririkwa, bashire ku musozi wa Esau. Icazaniye Abanyedomu kugesezwa 10 Kubg’ inabi wagiriye mwene nyoko Yakobo uzomāramāra, uzorandurwa uheneberezwe. 11 Kuri wa musi wari wihagarariye urāba utw’ ininga, umusi ab’ akavantara bāsahura ibintu vyiwe, abanyamahanga bakamūzira mu marembo, bagapfindira i Yerusalemu, nawe wari nk’uwo muri bo. 12 Yamara ntiwar’ ukwiye kurāba utw’ ininga umusi wa mwene nyoko ugeze, ku musi yashikiweko n’ivyago; umusi Abayuda bagesezwa, ntivyari bikwiye kukunezereza; ntiwari gutwengera mw ijigo ku musi w’amazigirizwa yabo. 13 Abantu banje ntiwari kubāzira mw irembo, umusi baboneyekw amagorwa; mbere ntiwari kwirābira utw’ ininga agahahazo barimwo, umusi baboneyekw amagorwa; kandi ntiwari gusahura ibintu vyabo, umusi baboneyekw amagorwa. 14 Ntiwar’ ukwiye guhagarara mu mayirabiri ng’ utikize ababo bacitse, kandi ntiwari gutanga amasigarira yabo ku musi w’amazigirizwa yabo. 15 Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi, uziye amahanga yose: uko wagize ni k’uzogirirwa; ivyo wakoze bizogusubira ku mutwe. 16 Kand’ uko mwanywereye ku musozi wanje wera, uko ni kw amahanga yose azokwama anywa na ntaryo; mbere bazonywa bagotomere, bamere nk’abatakiriho. Ubgami bg’ Abayuda buzoba ubg’ Uhoraho 17 Ariko ku musozi Siyoni hazoba ubukiriro, kandi hazoba hēra; ab’ inzu ya Yakobo bazokwiganzira ivyabo. 18 Kand’ ab’ inzu ya Yakobo bazoba umuriro, n’ab’ inzu ya Yosefu babe imbeya zawo, n’ab’ inzu ya Esau babe nk’ibishingwe, babaturire, babatongōre; nta wuzosigara mu b’ inzu ya Esau; kuk’ Uhoraho ari we abivuze. 19 Kand’ ab’ i bumanuko bazokwegukira umusozi wa Esau; n’ababa mu kiyaya begukire i Bufilisitiya; bazokwegukira igihugu ca Efurayimu, n’igihugu c’i Samariya: kand’ i Gileyadi hazoba aha Benyamini. 20 Kand’ abo mur’ izo ngabo z’Abisirayeli bāgiye mu Banyakanani ar’ inyagano, bazokwegukira igihugu gushitsa i Zarefati: n’ ab’ i Yerusalemu bājanywe ar’ inyagano, bar’ i Sefaradi, bazokwegukira ibisagara vy’i bumanuko. 21 Kand’ abatabazi bazodūga ku musozi Siyoni, ngo bacire urubanza umusozi wa Esau; kand’ ubgami buzoba ubg’ Uhoraho. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi