Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Nehemiya 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Nehemiya akomeza Yerusalemu

1 Barangije kwubaka uruzitiro nca nterakw inzugi hose, ntora abashibamyi ndabashiraho, nongera nshirah’ abaririmvyi n’ Abalewi.

2 Ndaheza nzeza igisagara c’i Yerusalemu mwene wacu Hanani, bo na Hananiya umukuru w’iboma y’abashibamyi, kukw ar’ umuntu yizigirwa, yubaha Imana kurusha benshi;

3 ndababgira, nt’ Amarembo y’i Yerusalemu ntaze yugururwe hataraba ku gasase, kandi ngo bayugarire, inzugi bazishirekw ibihindizo, izuba ritararenga; nti Maze mushireh’ abashibamyi bo mu baba i Yerusalemu, umuntu wese mu gishingo ciwe, aharābana n’inzu yiwe.

4 Kand’ ico gisagara cari kinini kikagera kure, arikw abantu bakibamwo bari bakiri bake, kand’ amazu ntiyaribgubakwe.


Amazina y’abāvuye mu kinyago

5 Imana yanje impa ivyiyumviro vyo gukoranya abakuru n’abaganza n’abantu bose ngo mbandikishe ivy’ akārōnda kabo. Ndondeye mbona igitabo kidonda ivy’ akārōnda k’abābanje kudūga, mbona ko handitswemw’ ibi:

6 Aba ni bo bantu bo mu gihugu cacu bādūze bava mu kinyago mu bo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yajanye ar’ inyagano, bakagaruka i Yerusalemu n’i Buyuda, umuntu wese agasubira mu gisagara c’i wabo;

7 bāzananye na Zerubabeli na Yosuwa, na Nehemiya na Azariya, na Rayamiya na Nahamani, na Moridekayi na Bilishani, na Misipereti na Bigivayi, na Nehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu Bisirayeli ngiki:

8 abo mu ba Paroshi n’ ibihumbi bibiri n’ijana na mirongwirindwi na babiri.

9 Abo mu ba Shefatiya n’amajana atatu na mirongwirindwi na babiri.

10 Abo mu ba Ara n’amajana atandatu na mirongwitanu na babiri.

11 Abo mu ba Pahati‐mowabu, bandurutse kuri Yosuwa na Yowabu, n’ibihumbi bibiri n’amajana munani n’icumi n’umunani.

12 Abo mu ba Elamu n’igihumbi n’amajana abiri na mirongwitanu na bane.

13 Abo mu ba Zatu n’amajana munani na mirongwine na batanu.

14 Abo mu ba Zakayi n’amajana ndwi na mirongwitandatu.

15 Abo mu ba Binuwi n’ amajana atandatu na mirongwine n’umunani.

16 Abo mu ba Bebayi n’amajana atandatu na mirongwibiri n’umunani.

17 Abo mu ba Azigadi n’ibihumbi bibiri n’ amajana atatu na mirongwibiri na babiri.

18 Abo mu ba Adonikamu n’amajana atandatu na mirongwitandatu n’indwi.

19 Abo mu ba Bigivayi n’ibihumbi bibiri na mirongwitandatu n’indwi.

20 Abo mu ba Adini n’amajana atandatu na mirongwitanu na batanu.

21 Abo mu ba Ateri, bo mu muryango wa Hezekiya, ni mirongwicenda n’umunani.

22 Abo mu ba Hashumu n’amajana atatu na mirongwibiri n’ umunani.

23 Abo mu ba Besayi n’amajana atatu na mirongwibiri na bane.

24 Abo mu ba Harifu n’ijana n’icumi na babiri.

25 Ab’i Gibeyoni ni mirongwicenda na batanu.

26 Abagabo b’i Betelehemu n’i Netofa n’ijana na mirongumunani n’umunani.

27 Abagabo b’i Anatoti n’ijana na mirongwibiri n’umunani.

28 Abagabo b’i Beti‐azimaveti ni mirongwine na babiri.

29 Abagabo b’i Kiriyati‐yeyarimu n’i Kefira n’i Beroti n’amajana ndwi na mirongwine na batatu.

30 Abagabo b’i Rama n’i Geba n’amajana atandatu na mirongwibiri n’umwe.

31 Abagabo b’i Mikimasi n’ijana na mirongwibiri na babiri.

32 Abagabo b’i Beteli n’i Hayi n’ijana na mirongwibiri na batatu.

33 Abagabo b’i Nebo handi ni mirongwitanu na babiri.

34 Ab’i Elamu handi n’igihumbi n’amajana abiri na mirongwitanu na bane.

35 Ab’i Harimu n’ amajana atatu na mirongwibiri.

36 Ab’i Yeriko n’amajana atatu na mirongwine na batanu.

37 Ab’i Lodi n’i Hadidi n’i Ono n’amajana ndwi na mirongwibiri n’umwe.

38 Ab’i Sena n’ibihumbi bitatu n’amajana cenda na mirongwitatu.


Abāgarutse bo mu baherezi n’Abalewi

39 Abaherezi n’aba: abo mu ba Yedaya, bo mu nzu ya Yosuwa, n’amajana cenda na mirongwirindwi na batatu.

40 Abo mu ba Imeri n’igihumbi na mirongwitanu na babiri.

41 Abo mu ba Pashuri n’igihumbi n’amajana abiri na mirongwine n’indwi.

42 Abo mu ba Harimu n’igihumbi n’icumi n’indwi.

43 Abalewi n’aba: abo mu ba Yosuwa na Kadimiyeli, ari bo bandurutse kuri Hodeva, ni mirongwirindwi na bane.

44 Abaririmvyi bo mu ba Asafu n’ijana na mirongwine n’umunani.

45 Abashibamyi n’aba: abo mu ba Shalumu, no mu ba Ateri, no mu ba Talimoni, no mu ba Akubu, no mu ba Hatita, no mu ba Shobayi, bose na bose n’ijana na mirongwitatu n’umunani.

46 Abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero n’aba: abo mu ba Siha, no mu ba Hasufa, no mu ba Tabayoti,

47 no mu ba Kerosi, no mu ba Siya, no mu ba Padoni,

48 no mu ba Lebana, no mu ba Hagaba, no mu ba Salimayi,

49 no mu ba Hanani, no mu ba Gedeli, no mu ba Gahari,

50 no mu ba Reyaya, no mu ba Resini, no mu ba Nekoda,

51 no mu ba Gazamu, no mu ba Uza, no mu ba Paseya,

52 no mu ba Besayi, no mu ba Mehunimu, no mu ba Nefushesimu,

53 no mu ba Bakibuki, no mu ba Hakufa, no mu ba Harihuri,

54 no mu ba Basiliti, no mu ba Mehida, no mu ba Harisha,

55 no mu ba Barikosi, no mu ba Sisera, no mu ba Tema,

56 no mu ba Nesiya, no mu ba Hatifa.

57 Abuzukuruza b’abasavyi ba Salomo n’aba: abo mu ba Sotayi, no mu ba Sofereti, no mu ba Perida,

58 no mu ba Yahala, no mu ba Darikoni, no mu ba Gideli,

59 no mu ba Shefatiya, no mu ba Hatili, no mu ba Pokereti‐hasebayimu, no mu ba Amoni.

60 Abahawe iryo bango bose, bo n’abuzukuruza b’abasavyi ba Salomo, bose na bose bār’ amajana atatu na mirongwicenda na babiri.

61 Kand’ aba ni bo bādūze bava i Telimela n’i Teliharisha n’i Kerubu n’i Adoni n’i Imeri, ariko vyarabananira kwerekana amazu ya ba sekuruza bandurutseko cank’ abo bākomōtseko yukw ar’ Abisirayeli vy’ukuri.

62 Abo mu ba Delaya no mu ba Tobiya no mu ba Nekoda n’amajana atandatu na mirongwine na babiri.

63 Abo mu baherezi ni bo aba: abo mu ba Habaya, no mu ba Hakosi, no mu ba Baruzilayi, umwe yābiriye umugeni mu bakobga ba Baruzilayi w’Umunyagileyadi, agaca yitiranwa na sebukwe,

64 abo bārondeye amazina yabo mu gitabo kidōndōra ba sekuruza, ntibayabona, ni co gituma biyumviriwe nk’ abahumanye, bagakūrwa mu buherezi.

65 Umucamatēka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.


Abāgarutse bose n’ibintu vyabo n’amashikanwa yabo

66 Nukw iryo shengero ryose iyo riva rikagera, bose na bose bār’ ibihumbi mirongwine na bibiri n’amajana atatu na mirongwitandatu;

67 udashizemw’ abagurano n’abaguranokazi babo, igitigiri cabo bār’ ibihumbi ndwi n’ amajana atatu na mirongwitatu n’ indwi; kandi bāri bafise abaririmvyi b’abagabo n’abagore amajana abiri na mirongwine na batanu.

68 Amafarasi yabo yār’ amajana ndwi na mirongwitatu n’atandatu; n’inyumbu zabo zār’ amajana abiri na mirongwine na zitanu;

69 n’ingamiya zabo zār’ amajana ane na mirongwitatu na zitanu, n’indogoba zabo ibihumbi bitandatu n’amajana ndwi na mirongwibiri.

70 Bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza batanze imfashanyo yo gufasha ico gikorwa, n’icēgēra c’umwami na we atanga amahera y’izahabu yitwa dariki igihumbi, n’ibikombe mirongwitanu, n’ imyambaro amajana atanu na mirongwitatu y’abaherezi, babishira mu bubīko.

71 Bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza bashira mu bubiko burimw’ ibikoreshwa, dariki z’izahabu ibihumbi mirongwibiri, n’ifeza irivye ingero yitwa mina ibihumbi bibiri n’amajana abiri.

72 Ivyo abandi bantu batanze bishika kuri dariki z’izahabu ibihumbi mirongwibiri nyene, n’ibihumbi bibiri vya mina z’ifeza, bo n’imyambaro y’abaherezi mirongwitandatu n’ indwi.

73 Nukw abaherezi n’Abalewi n’ abashibamyi n’abaririmvyi n’abantu bamwe, n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abandi Bisirayeli bose, bībēra mu bisagara vyabo; mber’ ukwezi kw’indwi kwabonetse Abisirayeli bamaze kwībēra mu bisagara vyabo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan