Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Nehemiya 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abansi bagerageza gutesha igikorwa c’Imana

1 Bukeye babgira Sanibalati na Tobiya na Geshemu Umwarabo n’abandi bansi bacu, yuko nujuje uruzitiro kandi kw ata kirengero kigisigaye, naho ntaribgatere inzugi ku marembo.

2 Nuko Sanibalati na Geshemu baca bantumako ngo ngende duhūrire mu mihana yo mu kiyaya c’i Ono. Arikw ico bāgomba kwar’ ukungirira nabi.

3 Maze mbatumakw intumwa, mut’ Arikw arakora igikorwa gihambaye, ntashobora kuza; muti Ntiyota igikorwa ngo gihagarare, ngw amanuke abasange iyo.

4 Bantumako bartyo ibihetangabo bine, nanje ngenda mbishura kwa kundi nyene.

5 Ubugira gatanu Sanibalati asubira kuntumak’ umuntu wiwe kuno nyene, amurungikana n’ icete kitazinze,

6 canditswemwo ngo Mu mahanga humvikana impuha, kandi na Geshemu aravyemeza, yuko wewe n’Abayuda muri n’imigabo yo kugarariza, kandi kw ari yo nyanduruko yatumye mwubaka uruzitiro, kandi nawe ng’ ugomba kwiyimika.

7 Bitayeko ngo Washizeho ba kamenyi bo kukwāmāmaza i Yerusalemu, ngo Mu Bayuda har’ umwami. Izo nkuru ntibobura kuzibgira umwami: none rero n’ uze tubivugane.

8 Ndaheza ntuma kumwishura, ut’ Ivyo uvuga nta ho vyigeze bibaho, ut’ Ariko ni wewe wavyigeneye gusa.

9 Kuko bose bāgomba kudutera ubgoba, bati Bazohava bacika intege, igikorwa gihere aho. Ariko none Mana, undemeshe.


Shemaya agerageza guca umutima Nehemiya

10 Bukeye ninjira mu nzu ya Shemaya mwene Delaya, Delaya wa Mehetabeli, kand’ uyo yari yiyugaranye; arambarira, at’ Ingo tuje kubonanira mu ngoro y’ Imana, mu rusengero hagati, twugare inzugi, kuko haza kuza abantu bo kukwica: mbere mur’ iri joro nta kabuza barakwica.

11 Nanje ndamwishura, nti Mbeg’ umuntu nkanje nohunga? Kand’ umuntu nkanje yokwinjira mu rusengero ngo yikize? Eka sinjayo!

12 Maze mvyitegereje mmenya kw atar’ Imana yabimutumye, ariko yaje kubimbgira kuko Tobiya na Sanibalati bāri bāmuhēreye.

13 Bāmuhēreye ngw antere ubgoba, mpeze nemere inama yiwe, mbe ncumuye, na bo ngo baronke urwitwazo rwo kwanda inkuru mbi no kunyambika ibara.

14 Ndaheza ndasenga, nt’ Ewe Mana yanje, uze wibuke Tobiya na Sanibalati kubg’ ivyo bakoze, hamwe na Nowadiya wa mumenyikazi, n’abandi ba kamenyi bashatse kuntera ubgoba.


Basozera uruzitiro

15 Ku musi ugira mirongwibiri na gatanu w’ukwezi kwa Eluli ni ho twarangije uruzitiro, tumaze imisi mirongwitanu n’ibiri turwubaka.

16 Maz’ abansi bacu bose bavyumvise, bo n’abanyamahanga bose bo ku mpande zacu zose, bagira ubgoba, baratētērwa, kuko bamenye kw ar’ Imana yacu yadushoboje kurangiza igikorwa kingana girtyo.

17 Kandi mur’ iyo misi abakuru b’i Buyuda na Tobiya bandikiranira ivyete vyinshi.

18 Kandi benshi bo mu Bayuda bari bafitaniye amasezerano na we, kuko yar’ umukwe wa Shekaniya mwene Ara, kand’ umuhungu wiwe Yohanani yar’ afise umukobga wa Meshulamu mwene Berekiya.

19 Kandi bama bambgira ivyiza kuri we, bakongera bakamubgira amajambo yanje; Tobiya na we akandungikira ivyete vyo kuntera ubgoba.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan