Nehemiya 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Sanibalati ashinyagurira Abayuda 1 Bukeye Sanibalati yumvise ko twubaka urwo ruzitiro rw’ amabuye, araraka arashangashirwa; aca aratunegura twebge Abayuda, 2 avugira imbere ya bagenzi biwe n’imbere y’ingabo z’i Samariya, ati Barya bagoyigoyi b’Abayuda bakora ibiki? Mbega bagomba kwizitirira? Canke bazotanga ibimazi? Mbega bagomba kwubaka ngo buzuze ku musi umwe? None bozīkurura amabuye bayakūra mu bishingwe kandi yarahiye? 3 Kandi na Tobiya w’Umwamoni yar’ ahagararanye na we, aravuga, ati Ni mubareke bubake! N’imbgebge yosimbira kur’ urwo ruzitiro rw’ amabuye rwoca rusenyuka! 4 Maze ndasenga, nti Mana yacu, ni wumve ingene dukengerewe; ibitutsi vyabo abe ari bo bisubira ku mitwe; ubatange bajanwe mu mahanga ar’ inyagano. 5 Ntutwikire igicumuro cabo, ntusibanganye icaha cabo ngo kive imbere yawe, kukw ijambo ryabo ar’ akavunamutima ku bubatsi. 6 Nuko dushimikira kwubaka uruzitiro, rwose turaruhwanya, gushitsa rutimbanye; kukw abantu bari bashize umutima kur’ ico gikorwa. 7 Bukeye Sanibalati na Tobiya n’Abarabo n’Abamoni n’Abanyashidodi bumvise yukw igikorwa co gusana uruzitiro rw’i Yerusalemu kija imbere, kandi yukw ibihengeri bitanguye kuzibirwa, bararaka cane, 8 bahiga imihigo bose yuko bazoja gutera i Yerusalemu no kutuburabuza. 9 Ariko twebge dusenga Imana yacu, dushiraho n’abarinzi bo kuharinda ku murango no mw ijoro, ngo tubabuze gutera. Bubaka bagavye 10 Maz’ Abayuda baravuga, bat’ Abikorezi bacitse intege kuko har’ ibishingwe vyinshi; ntitugishoboye kwubaka uruzitiro. 11 Kand’ abarwanizi bacu na bo baravuga, bati Nta co bazomenya canke ngo bagire ico babona, kugeza aho tuzobūbīrira tukabīca, igikorwa cabo kigaca kiburangana. 12 Kand’ Abayuda bāba hafi yabo bama baza kutubūrira bava hirya no hino, mbere bātubūriye ibihetangabo cumi baja baragaruka aho turi. 13 Ni co catumye nshira abantu inyuma y’uruzitiro, mbashira mu myonga n’ahītārūye, ukw imiryango yabo iri, bitwaje inkota n’amacumu n’imiheto. 14 Mbitegereje, mva hasi mbarira abakuru n’abaganza n’abandi bose, nti Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu. 15 Nukw abansi bacu bumva ko vyamenyekanye muri twebge; Imana ihindura ubusa imigabo yabo, natwe twese dusubira ku ruzitiro, umuntu wese ku gikorwa ciwe. 16 Uhereye ico gihe mu bantu banje, igihimba cakoze ico gikorwa, ikindi gihimba bahagarara bitwaje amacumu n’inkinzo n’ imiheto, bambaye n’amakoti y’ ivyuma; kand’ abaganza bāri bahagaze inyuma y’Abayuda bose. 17 Nukw abubaka uruzitiro n’abikorezi n’ababakorera, umuntu wese yakoresha ukuboko kumwe, ukundi gufashe ikirwanishwa ciwe. 18 N’abubatsi, umuntu wese yakora yambaye inkota kw itako, akubaka artyo. Kand’ uwo kuvuza inzamba yama ar’ i ruhande yanje. 19 Ndaheza mbgira abakuru n’abaganza n’ abandi bose, nt’ Igikorwa cacu ni kinini kigera kure, kandi turasanzaye hose ku ruzitiro, umuntu wese ari kure y’uwundi; 20 none rero ni mwumva inzamba ivuze, muce mukoranira aho turi ah’ izoba ivugiye hose. Imana yacu ntizobura kuturwanira. 21 Uko ni ko twākora ico gikorwa; umuce umwe wo muri twebge bitwaza amacumu uhereye mu mutwenzi ugashitsa inyenyeri zibonetse. 22 Ico gihe nyene mbarira abantu, nt’ Umuntu wese n’aze arāre i Yerusalemu azananye n’umuntu wiwe, kugira ngo duterame mw ijoro, ku murango dukore. 23 Nuko nanje na bagenzi banje n’abantu banje n’abarinzi bāri kuri jewe, twese twama turāra twambaye, mbere n’ūgiye kuvoma wese yama agenda yitwaje ikirwanishwa ciwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi