Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Nehemiya 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bukeye Eliyashibu, umuherezi mukuru, hamwe na bagenzi biwe b’abaherezi, bashirako bubaka irembo ry’intama; bararihezagira, bashiraho n’inzugi zaryo; bakomeza kwubaka barinda bashitsa ku munara wa Hameya, na wo barawuhezagira; bavudukaho bashitsa no ku munara wa Hananeli.

2 Maz’ ab’ i Yeriko bahēra aho Eliyashibu yagarukiye, barubaka; bakurikirwa na Zakuri mwene Imuri.

3 Irembo ryitwa iry’ Amafi ryubakwa na bene Hasenaya, barishiramw’ imitambikwa yaryo, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.

4 Bakurikirwa na Meremoti mwene Uriya, Uriya wa Hakosi, mu kuhasana; na we akurikirwa na Meshulamu mwene Berekiya, Berekiya wa Meshezabeli; na we akurikirwa na Sadoki mwene Bayana.

5 Bakurikirwa n’ab’i Tekowa, arikw abapfasoni bo muri bo ntibarushe bemera gukora igikorwa ca Segaba.

6 Irembo rya kera ryasanwe na Yoyada mwene Paseya na Meshulamu mwene Besodeya; barishiramw’ imitambikwa yaryo, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.

7 Bakurikirwa na Melatiya w’i Gibeya na Yadoni w’i Meronoti, hamwe n’ab’i Gibeya n’ab’i Misipa bo mu baganzwa n’icēgēra c’ umwami co hakuno y’uruzi.

8 Bakurikirwa na Uziyeli mwene Harihaya, umwe wo mu bacuzi b’izahabu; na we akurikirwa na Hananiya, umwe wo mu bahinga bazi kwinjiza imibavu; nuko basana inzitiro z’i Yerusalemu bashitsa no ku ruzitiro rw’intimba nini.

9 Bakurikirwa na Refaya mwene Huri, umukuru aganza igice kimwe c’intāra y’i Yerusalemu;

10 akurikirwa na Yedaya mwene Harumafu, asana aherekeye inzu yiwe; na we akurikirwa na Hatushi mwene Hashabuneya.

11 Malakiya mwene Harimu, na Hashubu mwene Pahati‐mowabu, basana ikindi gice, bo n’umunara wo ku matanure.

12 Akurikirwa na Shalumu mwene Haloheshi, umukuru aganza ikindi gice c’i Yerusalemu nyene, na we arasana, bo n’abakobga biwe.

13 Irembo rija ku mwonga ryasanwe na Hanuni bo n’abantu b’i Zanowa; bararyubaka, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, basana uruzitiro rw’amatambge igihumbi y’ukuboko uciriye mu nkokora, bageza kw irembo ricishwamw’ umwavu.

14 Iryo rembo ricishwamw’ umwavu ryasanwe na Malakiya mwene Rekabu, umukuru aganza intāra y’i Beti‐hakeremu; araryubaka, aterakw inzugi zaryo n’ ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.

15 Irembo rija kw iriba risanwa na Shalumu mwene Koli‐hoze, umukuru aganza intāra y’i Misipa, araryubaka ararisakara, ariterakw inzugi zaryo, n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, yubaka n’uruzitiro rwo ku kidengeri Shela co ku ndimiro y’umwami, kurinda ashitsa ahagenda hadondagirwa hamanuka hava ku gisagara ca Dawidi.

16 Hakurikira Nehemiya mwene Azibuki, umukuru aganza igice c’intāra y’i Beti‐suri, agenda arasana ashitsa aharābana n’imva za Dawidi, no ku kidengeri cāgomewe, arinda ashitsa no ku nzu y’abahizi.

17 Akurikirwa n’Abalewi, Rehumu mwene Bani, na we akurikirwa na Hashabiya, umukuru aganza igice c’ intāra y’i Keyila, asana akorera intāra yiwe.

18 Hakurikira bagenzi babo bava mu kindi gice c’ intāra y’i Keyila nyene, umukuru ni Bavayi mwene Henadadi.

19 Hakurikira umukuru w’i Misipa, ni we Ezeri mwene Yeshuwa, asana igihimba kirābana n’ahadondagirwa hadūga ku nzu y’ ibirwanishwa iri ku mfuruka y’ uruzitiro.

20 Akurikirwa na Baruki mwene Zabayi, asana ikindi gihimba afise umwete, ahereye kur’ iyo mfuruka nyene, arinda ashitsa ku muryango w’inzu ya Eliyashibu umuherezi mukuru.

21 Akurikirwa na Meremoti mwene Uriya, Uriya wa Hakosi, asana ikindi gihimba, ahereye ku muryango w’iyo nzu ya Eliyashibu akageza ah’ iyo nzu nyene igarukira.

22 Akurikirwa n’abaherezi bo mur’ iyo ntāra.

23 Na bo bakurikirwa na Benyamini na Hashubu, basana aharābana n’ inzu yabo; bakurikirwa na Azariya mwene Mayaseya, Mayaseya wa Ananiya, asana ahabangikanye n’inzu yiwe.

24 Akurikirwa na Binuwi mwene Henadadi, asana ikindi gihimba ahereye kur’ iyo nzu ya Azariya ashitsa ah’ uruzitiro rwiheteye, ku mfuruka.

25 Akurikirwa na Palali mwene Uzayi, asana aharābana n’ahihese, ahahera ku munara wometswe ku ngoro y’umwami yo haruguru, ahahereranye n’urugo rw’abateramyi. Na we akurikirwa na Pedaya mwene Paroshi,

26 bo n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero bāba muri Ofeli; basana ahahereranye n’irembo ry’amazi ryerekeye i burasirazuba, bo n’ umunara wometseko.

27 Hakurikirakw abantu b’i Tekowa, basana ikindi gihimba kirābana n’ uwo munara munini wometseko nyene, bashitsa ku ruzitiro rw’i Ofeli.

28 Haruguru y’irembo ry’amafarasi hasanwa n’abaherezi, umuherezi wese asana ahahereranye n’inzu yiwe.

29 Hakurikirako Sadoki mwene Imeri, asana ahahereranye n’inzu yiwe; hakurikira Shemaya mwene Shekaniya, umushibamyi w’irembo rihera i burasirazuba.

30 Akurikirwa na Hananiya mwene Shelemiya, na Hanuni umuhungu agira gatandatu wo muri bene Salafu, basana ikindi gihimba; hakurikira Meshulamu mwene Berekiya, asana ahahereranye n’icumba ciwe.

31 Hakurikira Malikiya, umwe wo mu bacuzi b’izahabu, arasana ashitsa ku nzu y’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, no ku nzu y’abadandaza, aharābana n’ irembo ryitwa Hamifukadi, kugeza ahadūga haja ku mfuruka.

32 Kandi hagati y’ahadūga haja ku mfuruka n’irembo ry’intama hasanwa n’abacuzi b’izahabu hamwe n’abadandaza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan