Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Nehemiya 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umwami w’Abaperesi arungika Nehemiya i Yerusalemu

1 Nuko mu mwaka ugira mirongwibiri umwami Aritazeruzi ari ku ngoma, mu kwezi kwa Nisani, umusi ur’ izina vino yar’ iteretse imbere y’umwami, maze ndayābira, ndayimuhēreza. Kandi sinaribgagire umubabaro nd’ imbere yiwe.

2 Nuk’ umwami arambaza, ati Mbega k’ubabaye, wiraburaniwe mu maso, kand’ utarwaye? Ivyo ntibiterwa n’ikindi, atar’ umubabaro wo mu mutima. Ndaheza ngira ubgoba bginshi;

3 ndamwishura, nti Mwami nyaguhora ku ngoma, mbega nobura kwiraburanirwa, igisagara ca ba sogokuruza, aho bāhambge, carabaye amatongo kand’ amarembo yaco yarahiye?

4 Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.

5 Maze nishura umwami, nti Ni wabishima ga mugenzi, nkagira ubutoni imbere yawe, ico ngusaba n’ukugira ng’ undungike i Buyuda, mu gisagara kirimw’ imva za ba sogokuruza, nsubire ndacubake.

6 Kand’ umwami yar’ avyagiye ngaho ari kumwe n’umwamikazi wiwe; nukw arambaza, at’ Urugendo rwawe ruzoba urw’ imisi ingahe kand’ uzogaruka ryari? Nuk’ umwami yemera kundekura, nanje nca ndamubgira igihe.

7 Ndaheza ndamubarira, nti Ni wabishima ga mugenzi, mpabge ivyete nshīra ivyēgēra vyawe vyo hakurya y’ uruzi, kugira ngo bemere kumpa inzira nshike i Buyuda,

8 bo n’ icete nshira Asafu, umurinzi arinda icibare cawe, kugira ngw ampe ibiti vyo kubāza ibikingi vy’amarembo y’igihome c’abashibamyi co ku ngoro, bo n’ivy’ uruzitiro rw’igisagara n’ivy’ inzu nzobamwo. Nuk’ umwami arabinyemerera, abitewe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri jewe.


Nehemiya aja kurāba inzitiro zasenyutse

9 Maze ngenda njanye n’abagabisha b’ingabo bo n’abagendera ku mafarasi umwami yampaye, nshikīra ivyēgēra vyiwe vyo hakurya y’uruzi, mbahēreza ivyete umwami yandungikanye.

10 Buno Sanibalati Umuhoroni bo na Tobiya Umwamoni w’umugurano bavyumvise, bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.

11 Nuko nshitse i Yerusalemu mmaray’ imisi itatu.

12 Ndaheza mpenga mw ijoro mvyukana n’ abantu bake, kandi sinagize umuntu n’umwe mbgira ivyo Imana yashize mu mutima wanje ngo ndabikorere Yerusalemu; kandi nta mafarasi twajanye atar’ iyo nagenderako.

13 Nukw iryo joro nca mw irembo rija ku mwonga, nkomeza inzira y’isōko y’ikiyoka, nshika no kw irembo bācishamw’ umwavu, ngenda nitegereza inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu ukuntu zāsenyutse, n’amarembo yaho ingene yahiye.

14 Maze nkomeza inzira nshika kw irembo rija kw iriba, nshika no ku kidengeri c’umwami, ariko ntihaboneka inzira ifarasi nagenderako icamwo.

15 Nukw iryo joro nyene nsubira kudūgana akagezi, nkomeza kugenda nitegereza inzitiro, ndaheza ndakevya nsubira guca muri rya rembo rija ku mwonga; nuko ndataha.

16 Arikw abakuru ntibari bazi iyo nagiye cank’ ico nakoze, kandi nta co naribgabarire Abayuda, ar’ abaherezi cank’ abanyacubahiro cank’ abakuru cank’ abandi bose bazokorana nanje ico gikorwa.


Nehemiya aremesha abantu ngo bubake

17 Maze ndababarira, nti Mbega ntimubona ayo twabonye, ingen’ i Yerusalemu hahindutse imisaka, n’amarembo yaho akaba yarahīye! Enda ni muze dusubire twubake uruzitiro rwaho, kugira ngo twoye kwama tur’ agatwengo.

18 Ndaheza mbiganira ingen’ ikiganza ciza c’Imana yanje cabaye kuri jewe, mbiganira n’amajambo umwami yambgiye; na bo baravuga, bati Ni tuve hasi twubake. Nuko bariyungunganya, bashirako bakora ico gikorwa ciza.

19 Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?

20 Nanje ndabishura, nt’ Imana yo mw ijuru ni yo izotuma bikunda, ni co gituma twebge abasavyi bayo dushirako tukubaka; ariko mweho nta mugabane, nta bubasha, nta n’icibutso mufise i Yerusalemu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan