Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Nahumu 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ibara ryabaye kuri Ninewe

1 Igisagara kivisha amaraso kirakabona ibara! Cuzuye ibinyoma n’isahu; nta ho gisība kunyaga.

2 Humvikana inyobozo, n’uguhinda kw’amakurudumu abomborana, n’imirindi y’amafarasi agenda yiginagura, n’uguhinda kw’imikogote y’intambara isimbagurika;

3 uwisuka mu rugamba ari kw ifarasi, inkota ziravya indimi, amacumu aca ibibatsi, abishwe n’indiri, har’ ibirundo vy’imirambararo, imivyimba ntiyoharūrika, ingabo zitsitara ku mivyimba yabo!

4 Ivyo vyose vyatewe n’ubusambanyi burenze urugero bga maraya ateye igomwe, umurozikazi w’umuhanga, aresha amahanga kubg’ ubusambanyi bgiwe, n’imiryango kubg’ uburozi bgiwe.

5 Ehe nzohigūra nawe, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize; nzogukūrakw impuzu, mfate ku musozo ndenze ku mutwe wawe, nereke amahanga ubgambure bgawe, n’ibihugu ndavyereke ibiteye isoni vyawe,

6 ngutere ivyatsi, nguhindure agashinyo, nkugire akabarore.

7 Nukw abazokurāba bose bazoguhunga, bati Ninewe harageseye! Ni nde azoharirira? Nokūra hehe abo kukwirura?

8 Mbega har’ ico urusha No‐Amona, hāba hagati y’inzūzi, amazi akahubakira nk’urugo, kand’ ikiyaga kikahahindukira uruzitiro?

9 Isinzi ry’Abanyetiyopiya n’ Abanyegiputa ni bo bār’ inkomezi zaho; Abaputi n’Abalubimu bār’ abatabazi baho.

10 Ariko hāranyazwe, hajanwa ar’ inyagano; n’ibibondo vyaho vyāhondaguriwe mu mayirabiri yose: n’abanyacubahiro baho bābagabanganishije ubupfindo, n’abahambaye baho bābabohesheje iminyororo.

11 Nawe n’uko, uzoborerwa, uje kwinyegeza; kand’ uzokwironderera ubuhungiro kubg’ abansi.

12 Amaboma yawe yose azoba nk’ibiti vy’imisukoni, birikw insukoni z’isega: iyo binyiganyigijwe zigahungurukira mu kanwa k’ umuryi.

13 Eh’ abantu bawe bari muri wewe bameze bga bagore; amarembo y’igihugu cawe yugururiwe abansi bawe: umuriro watōngōye imyugariro yawe.

14 Enda ni wivomere amazi azomara igihe uzoba wugarijwe; amaboma yawe n’uyakomeze; ja mw ibumba, ukāte urwondo; fata iforoma ry’amatafari.

15 Aho ni houmuriro uzogutōngōrera; uzotikizwa n’inkota, ikurye nk’ukw intoteza zirya. Enda ni wigwize nk’intoteza, n’ugwire nk’inzige!

16 Abadandaza bawe wabagwijije kurusha inyenyeri zo kw ijuru; bameze nk’inzige zizingurura amababa yazo, zikigurukira!

17 Abagaba bawe bameze nk’inzige, n’ abagabisha bawe bameze nk’intoteza zāraraye ku mirombero mu kabeho k’umugoroba, maz’ izuba ryarasa zikigurukira, kandi nta wuba akimenya aho zaroye.

18 Ewe kuntu abungere bawe bisinziriye, ga mwami wa Ashuri; abanyacubahiro bawe bakiruhukira! Abantu bawe bāsābagiriye ku misozi, kandi nta wo kubegeranya.

19 Uruguma rwawe nta kōyōkwe rugira; igikomere cawe ntikizokira: abumvise inkuru zawe bose bakubita amashi ku yandi; mbega ni nde utāhora ugirira nabi?

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan