Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Nahumu 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uguterwa kwa Ninewe

1 Ūjonjanga arakudūgiye: mera magabo ku ruzitiro rw’amabuye, shibama mu nzira, kenyera zigume, iyungunganye uk’ ushoboye kwose!

2 Kuk’ Uhoraho agarukanye icubahiro c’aba Yakobo, nk’icubahiro c’Abisirayeli; kukw abasahuzi babasahuye, bagahanyagura amashami y’imizabibu yabo.

3 Inkinzo z’abahizi biwe ziratukura, intōre ziwe zambaye iz’ agahama: ivyuma vy’imikogote yiwe y’intambara birakayangana ku musi wo kwitegura kwiwe, amacumu arikw aranyugutwa.

4 Imikogote y’intambara igenda akābushūngwe mu mayira, igenda iranyuranwa mu nzira z’ibihamo; uyibonye wogira ngo n’imuri, yidunya nk’umuravyo.

5 Ahamagara abahizi biwe, ariko bagenda baratsitara; bihutira kuja ku ruzitiro rwaho rw’amabuye, kandi bakitegura kwirwanira.

6 Imigomero y’inzūzi iragomorowe, n’ingoro y’umwami irasenyeranye.

7 Umwamikazi yambitswe ubusa, ajanywe ar’ inyagano; incoreke ziwe zicura intimba nk’ inuma, zikagenda zirīshishitira.

8 Ninewe hameze nk’ikidengeri c’amazi gisenzwe: barasemerera, bati Hagarara, hagarara! ariko ntihagira ūhindukira.

9 Ni musahure amafeza, musahure n’amazahabu, kukw itunga ririho ritimirije gushira, bo n’isinzi ry’ ibintu vyose vy’imbombovu bihimbaye.

10 Hasigaye ubusa, barahogeje, bahasize ar’ umusaka; umutima wahavuyemwo, amavi arakomangana, ukwihebura kuhaciye umugongo, mu maso ha bose harajonjogoye.

11 Urwobo rw’intambge rwabaye iki, n’irīro ry’imigunza, ah’ intambge n’ingore yayo n’ivyana vyazo vyatahukira, ata co vyicura?

12 Ereg’ intambge yahora itabagura ivyo guhimvya ivyana vyayo, ikanigira ingore zayo, ikuzuza amasenga yayo ivyo yishe, n’ivyobo vyayo ivyo yasahuye.

13 Ehe nzohigūra nawe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi nzoturira imikogote yawe y’intambara, itūmūke, kand’ inkota izoririka imigunza yawe y’intambge; nzokūrah’ ugusahura kwawe kw isi, kand’ ijwi ry’ intumwa zawe ntirizokwongera kwumvikana ukundi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan