Mika 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uhoraho abūranya abantu biwe 1 Enda ni mwumve ico Uhoraho avuga, ati Va hasi, ubūranire imbere y’imisozi, uturambi ni twumve ijwi ryawe. 2 Yemwe misozi, namwe matanguriro y’isi yahamye, ni mwumve ukubūrana kw’Uhoraho; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’abantu biwe, kand’ agira abūrane n’Abisirayeli. 3 Yemwe bantu banje, nabakoreye iki? Canke nabagoje iki? Ni mukimbarire. 4 Ko nabadūganye nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, nkabacungura nkabakūra mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu kugira ngo babarōngōre. 5 Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke imigabo Balaki umwami w’i Mowabu yīgīriye, n’ico Balamu mwene Beyori yamwishuye; mwibuke n’ivyabaye uhereye i Shitimu ukageza i Gilugali, kugira ngo mumenye ivy’ ubugororotsi nakoze, jewe Uhoraho. 6 Mbega norengukana iki imbere y’Uhoraho, nkūnama imbere y’ Imana isumba vyose? None nomurenguka imbere njanye ibimazi vyoshejwe, n’inyana zimaze umwaka? 7 Mbeg’ Uhoraho yohimbarwa n’amapfizi y’intama ibihumbi, cank’ inzūzi z’amavuta ya elayo ibihumbi cumi? Notanga imfura yanje ku gicumuro canje, imbuto y’umubiri wanje nkayitanga ku caha c’umutima wanje? 8 Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi? Uhoraho abāgiriza icaha 9 Ijwi ry’Uhoraho rirasemerera, ribarira igisagara — kand’ umunyabgenge azokwubaha izina ryiwe — riti Ni wumve wa hanga we, nawe koraniro ryo mu gisagara! 10 Mbega nokwirengagiza itunga ryandurutse mu vyaha riri mu mazu y’abanyakibi, cank’ ingero zitūvya, zivumwa? 11 Abafise umunzane ubesha, n’isaho irimw’ ibigeresho bihendana, mbega nobīta abatunganye? 12 Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana. 13 Ni co gituma nzogukubita nkagusāvya, nkugeseze nguhōye ivyaha vyawe. 14 Uzorya ntuhage, uhorane ikigoyi mu nda; ivyo uzonyuruza ntuzobikiza, kandi n’ivyo wokijije nzobigaburira inkota. 15 Uzobiba, ariko ntuzokwimbura; uzokānya elayo, ariko ntuzokwisīga amavuta yayo; ukānye n’imizabibu, ariko ntuzonywa vino yayo. 16 Kukw amabgirizwa ya Omuri acitonderwa, bo n’ivyakozwe n’inzu ya Ahabu vyose, mugakomeza kugendera mu nama zabo; ni co gituma nguhindura umusaka, n’abakubamwo bakaba abo kuvuzwakw agahwa; kandi muzogībgako n’igitutsi batuka abantu banje. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi