Mika 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Umurokozi azovukira i Betelehemu 1 Rinda ushikame, wa boma we! Kuko badutanze irya n’ino: umucamanza w’Abisirayeli bazomukubita inkoni kw itama. 2 Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi. 3 Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli. 4 Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi. 5 Kand’ uwo muntu azoba amahoro yacu. Umwashuri ni yaza mu gihugu cacu, akadusiribangira ingoro, tuzomugomorera abungere ndwi, n’abaganwa munani. 6 Kand’ igihugu ca Ashuri bazokiririkisha inkota, bo n’igihugu ca Nimurodi uhereye ku mbibe zaco. Nukw azodukiza Umwashuri, ni yaza mu gihugu cacu, akadukandagirira mu rubibe. 7 Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu. 8 Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza. 9 Ukuboko kwawe n’ukubangurire abarwanizi bawe, kand’ abansi bawe bose ni barandurwe. Ibirwanishwa n’ibigirwamana vyose bizokūrwaho 10 Maz’ ico gihe, ni k’Uhoraho agize, nzorandura muri wewe amafarasi, mvungavunge imikogote yawe y’intambara; 11 kandi nzorandura ibisagara vyo mu gihugu cawe, mpomvagurire hasi amaboma yawe yose; 12 nzoshikura ubupfumu mu kuboko kwawe, kandi ntuzoba ukigira abaragura. 13 Nzorandura muri wewe ibishushanyo vyawe bibājwe, n’ibigirwamana vyawe vy’ inkingi; ntuzokwongera gusenga ivyakozwe n’amaboko yawe. 14 Kandi nzoshingūra muri wewe ibitabo vyawe watabiye Ashera, mponnye ibisagara vyawe. 15 Kandi nzokwīhōra amahanga atumvira, nsuguriwe, ndatse. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi