Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Mika 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Mika avugishwa ivy’ ubgami bg’amahoro buzobaho

1 Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’ iyindi mirambi; kand’ amoko azosendanisha aja kuri wo.

2 Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.

3 Azocira imanza amoko menshi, ahane amahanga akomeye ya kure; inkota zabo bazozivunjavunja bazicuremw’ amasuka, n’amacumu bazoyavunjavunja bayakūremw’ inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.

4 Arik’ umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ ingabo ari ko kabivuze.

5 Kukw ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw izina ry’Uhoraho Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.

6 Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, nzokoraniriza hamwe abacumbagira, nkumakume abasanzaye, n’abo nababaje;

7 kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira.

8 Nawe, mutara wo kurābirak’ umukuku, umusozi w’umukobga w’i Siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako, bga bgami bg’umukobga w’i Yerusalemu.

9 None se n’iki gituma uvuza induru? Mbega nta mwami ari muri wewe? Canke se umujanama wawe yapfuye, kw ibise bigufashe nk’umugore aramutswe?

10 Ribga, unihe, ewe mukobga w’i Siyoni, nk’umugore aramutswe; kuk’ ugira ng’ uve mu gisagara, ube mu gahinga, mber’ uzoruha ushike n’i Babuloni: iyo ni ho uzorokorerwa; iyo ni ho Uhoraho azogucungurira, agukūre mu maboko y’abansi bawe.

11 Ubu amahanga menshi akoraniye kugutera, aravuga, ati Siyoni ni hahumanywe, amaso yacu avyibonere!

12 Ariko ntibazi ivyiyumviro vy’Uhoraho, canke ngo batahure imigabo yiwe, yuko yabakoranirije hamwe nk’imikama irunze ku mbuga.

13 Va hasi uhūre, ewe mukobga w’i Siyoni! Kukw ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’inzāra zo ku binono vyawe nzozihindura imiringa; kand’ uzojonjanga amahanga menshi; iminyago wabanyaze uzoyigira inyegu y’Uhoraho, n’ibintu vyabo ubigire inyegu ya Nyen’ isi yose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan