Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Matayo 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu yerekana abahirwe ab’ ari bo

1 Abonye iryo shengero, adūga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwēgēra.

2 Yanzika kuvuga, arabigisha,

3 ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.

4 Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.

5 Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.

6 Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa.

7 Hahirwa abagira imbabazi, kukw ari bo bazozigirirwa.

8 Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana.

9 Hahirwa ababanguranya, kukw ari bo bazokwitwa abana b’Imana.

10 Hahirwa abahamwa bahōrwa ukugororoka, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.

11 Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye.

12 Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere.


Abakristo ni bo munyu w’isi n’umuco wayo

13 Mur’ umunyu w’isi. Arik’ umunyu, iy’ ushize uburyohe, uba ukiryoshwa n’iki? Nta co uba ukimaze atar’ ugutabga hanze ugakandagirwa n’abantu.

14 Mur’ umuco w’isi. Igisagara cubatswe ku mpinga y’umusozi ntigishobora guhishwa.

15 Nta bodomeka itara ngo baryubikekw igisimbo, ariko barishira ku gitereko caryo, ngo riboneshereze abari mu nzu bose.

16 Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.


Yesu ashitsa ivyagezwe

17 Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kubisenyura, naje kubishitsa.

18 Ndababgire ukuri, Gushitsa ah’ ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa.

19 Nuk’ ūzorenga ibgirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire bartyo, mu bgami bgo mw ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’ ūyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bgami bgo mw ijuru.

20 Ariko ndababgira yuk’ ukugororoka kwanyu ni kutaruta ukw’ abanyabgenge b’ivyanditswe n’ukw’ Abafarisayo, mutazoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.


Ntukice

21 Mwarumvise kw aba kera bābgiwe, ngo Ntukice: uwica aba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza.

22 Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.

23 Ni wajana ishikanwa ryawe ku gicaniro, ukahībukira ko har’ ico upfa na mugenzawe,

24 usige ishikanwa ryawe imbere y’igicaniro, ubanze ugende wikiranure na mugenzawe, uce ugaruka, ushikane ishikanwa ryawe.

25 Wuzure vuba n’ūkurega mukiri mu nzira; ūkurega ntagushikirize umucamanza, umucamanza akaguha umusoda, ugashirwa mw ibohero.

26 Ndakubgira ukuri yuk’ utazohava na gatoya utishuye n’ikuta ry’imperēra.


Ntugasambane

27 Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngo Ntugasambane.

28 Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.

29 Ijisho ryawe ry’i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure: vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hak’ umubiri wawe wose wotabga muri Gehinomu.

30 N’ukuboko kwawe kw’i buryo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugite kure: vyokubera vyiza gupfa urugingo rwawe rumwe, hak’ umubiri wawe wose woja muri Gehinomu.


Ntukāhukane

31 Kandi vyaravuzwe, ng’ Umuntu wese yirukana umugore wiwe n’amuhe icete co kuvāvānura.

32 Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhōye ubusambanyi, aba amusambanishije: kand’ uwābīra uwahukanye azoba asambanye.


Ntukarahire

33 Mwarumvise kandi kw aba kera bābgiwe, ngo Ntukarahire ngo wirahuruze, arik’ uz’ ukorere Uhoraho ivyo wamusezeraniye:

34 ariko jeho ndababgire: Ntukarahire na mba; nturahire ijuru, kukw ar’ intebe y’Imana;

35 cank’ isi, kukw ari yo ndava y’ibirenge vyayo; cank’ i Yerusalemu, kukw ar’ umurwa w’Umwami ahambaye.

36 Nturahire umutwe wawe, kuk’ udashobora guhindura agashatsi na kamwe ngo kēre canke ngo kirabure.

37 Arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya: ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi.


Ntimukīhōre

38 Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngw Ijisho rihōrwe irindi, n’iryinyo rihōrwe irindi;

39 ariko jeho ndababgire: Ntimurwanye umunyakibi: ūgukubise urushi mu musaya w’i buryo umuhindukirize n’uwundi;

40 umuntu ni yagomba kukubūranya ngw akunyage ipfundo, umuhebere n’umutamana;

41 ūgufata ng’ umurenze umusozi umwe, umurenze n’uwa kabiri.

42 Ūgusaba, umuhe, ūgomba kukugurana, ntumutere ibitugu.


Mube agahore

43 Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngo Mukunde bagenzi banyu, mwanke abansi banyu.

44 Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama,

45 kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’ aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.

46 Ni mwakunda ababakunda, muri n’impēra ki? Mbeg’ abatozakori bo si ko bagira?

47 Ni mwaramukanya n’incuti zanyu gusa, abandi muzoba mubarusha iki? Abanyamahanga bo si ko bagira?

48 Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan