Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Matayo 27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umutwenzi utambitse abaherezi bakuru bose n’abashingantahe b’ubgo bgoko bagīra inama Yesu ngo bamwice.

2 Baramuboha baramujana, bamushikiriza Pilato, icēgēra ca Kayisari.


Yuda aja kwiyahura

3 Maze Yuda yamuguze, abonye Yesu ko bamutsindishije, aricuza, asubiza abaherezi bakuru n’abashingantahe za ntete z’ifeza mirongwitatu,

4 ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.

5 Aterera izo ntete z’ifeza ahēra h’urusengero, aragenda, arīmanika.

6 Abaherezi bakuru bāndūra zino feza, bati Ntizemerwa gushirwa mu mashikanwa, kukw ar’ ibiguze amaraso.

7 Baja inama, bazigura ubgatsi n’umubumvyi, ngo baze bahahambe injabuka.

8 Ni co catumye ubgo bgatsi bgitwa Ubgatsi bg’amaraso, na bugingo n’ubu.

9 Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n’Imana vyashikiye, ngo Bābiriye za ntete z’ifeza mirongwitatu, ni zo giciro yaciriwe, uwo bamwe mu Bisirayeli baciriye,

10 bazigura ubgatsi n’umubumvyi, nk’uk’ Uhoraho yambariye.


Pilato acira urubanza Yesu

11 Ariko Yesu yar’ ahagaze mu maso ya ca cēgēra ca Kayisari; ico cēgēra kiramubaza, kiti Ni wewe Mwami w’Abayuda? Yesu aramwishura, at’ Urarivuze.

12 Ariko mu vyo arezwe n’abaherezi bakuru n’abashingantahe ntiyishura na rimwe.

13 Pilato aramubaza, ati Ntiwumva ingene bakwagiriza vyinshi?

14 Ariko ntiyamwishura n’ijambo na rimwe, bituma ico cēgēra gitangara cane.

15 Mur’ iyo misi mikuru icēgēra camenyereye kurekurira abantu imbohe imwe, iyo bagomba.

16 Kandi bāri n’imbohe imwe yari rurangiranwa yitwa Baraba.

17 Bakoranye, Pilato arababaza, at’ Uwo mugomba ko ndabarekurira ni nde? Ni Baraba, canke ni Yesu yitwa Kristo?

18 Kuko yamenye yukw ishari ari ryo rimubatangishije.

19 Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.

20 Arikw abaherezi bakuru n’abashingantahe bosha ishengero ngo rimusabe Baraba, ryicishe Yesu.

21 Ico cēgēra kirababaza, kiti Mur’ abo bompi uwo mugomba ko ndabarekurira ni nde? Na bo baramwishura, bati Ni Baraba.

22 Pilato arababaza, ati None Yesu yitwa Kristo, we ndamugire nte? Bose bati N’abambge.

23 Arababaza, ati Ku ki? Yakoze ikibi ki? Ariko barushiriza gusemerera cane, bati N’abambge.

24 Maze Pilato abonye kw arushwa n’ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugūmūko, yābīra amazi akarabira imbere y’ishengero, ati Jeho ndacuna kubg’ amaraso y’uyu mugororotsi: n’ivyanyu.

25 Abantu bose baramwishura, bat’ Amaraso yiwe araba ari twebge akora n’abana bacu.

26 Maz’ abarekurira Baraba, ariko Yesu aramutonagura, amutanga ngw abambge.


Abasoda bashinyagurira Yesu

27 Maz’ abasoda b’ico cēgēra ca Kayisari bajana Yesu mw iboma, bateraniriza ingabo zose kuri we.

28 Bamwambura iziwe mpuzu bamwambika umutamana w’agahama,

29 batsiba igitsibo c’amahwa, bakimwambika mu mutwe, bashira n’irenga mu kuryo kwiwe; baramupfukamira, baramucurīra, bati Ndagize bgakeye Mwami w’Abayuda!

30 Bamuvuma amate, bamushikura rya renga, barimukubita mu mutwe.

31 Bamaze kumucurīra, bamwambura wa mutamana, bamwambika iziwe mpuzu, bamujana kumubamba.


Ukubambga kwa Yesu

32 Bakirenga irembo bahūra n’Umunyakurene yitwa Simoni, uyo baramufata kugira ngw amutwaze umusaraba.

33 Bashitse ahantu hitwa i Gologota, risobanurwa ngw Ahantu h’agahanga,

34 bamuha vino ivanze n’umuti w’umururazi, ngw ayinywe; ayumvirije yanka kuyinywa.

35 Bamaze kumubamba, bagabura impuzu ziwe, barazipfindira,

36 bicara hano baramurinda.

37 Hejuru y’umutwe wiwe bahashira ikirego ciwe, canditswe ng’ UYU NI YESU, UMWAMI W’ABAYUDA.

38 Maze babambana na we abambuzi babiri, umwe i buryo, uwundi i bumoso.

39 Abahahita baramutuka, bazunguza imitwe,

40 bat’ Ewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu, ni wikize: ni waba ur’ Umwana w’Imana imanure ku musaraba.

41 N’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe bamucurīra bartyo na bo,

42 bati Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza. N’Umwami w’Abisirayeli, ni yīmanure ku musaraba ubu nyene, duheze tumwizere.

43 Yizigiye Imana, n’imukize ubu nyene ni yaba imubabaye: kuko yīgira ngo Nd’ Umwana w’Imana.

44 N’abambuzi babambanywe na we na bo barabimutuka.


Urupfu rwa Yesu

45 Uhereye kw isaha ya gatandatu ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw isaha y’icenda.

46 Nko kw isaha y’icenda Yesu asemerera n’ijwi rirenga, ati Eli, Eli, lama sabakatani? risobanurwa ngo Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje?

47 Bamwe mu bahahagaze bavyumvise, baravuga, bat’ Uyo ahamagaye Eliya.

48 Umwe muri bo aca arirukanga yābīra sipongo, ayuzuza inkarisha ayirungikisha irenga, arayimusomesha.

49 Arikw abandi bati Banza ugume: turābe ko Eliya yoza kumukiza.

50 Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, umutima uraca.


Ibitangaza vyabaye Yesu acikanye

51 Igihuzu gikingiriye ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi; isi iratigita; ibitandara birasaduka;

52 imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bāri basinziriye irazurwa;

53 bava mu mva amaze kuzuka, bashika mu gisagara cera, babonekera benshi.

54 Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.

55 Hāriho n’abagore benshi bāri kure babirāba; ni bo bākurikiye Yesu ava i Galilaya, bamukorera.

56 Muri bo hārimwo Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yakobo na Yose, na nyina wa bene Zebedayo.


Yosefu aja guhamba Yesu

57 Ariko bugorovye haza umutunzi w’i Arimataya yitwa Yosefu, kandi na we yar’ umwigishwa wa Yesu;

58 uyo aja kuri Pilato asaba ikiziga ca Yesu. Maze Pilato avuga ko bakimuha.

59 Yosefu ajana ico kiziga, akizingira mu mpuzu yera nziza,

60 agishira mu mva yiwe nsha, yari yarimbishije mu bitandara; atembagaza ikibuye kinini acugaza umuryango w’imva, aragenda.

61 Mariya Magadalene na Mariya wundi ni ho bāri bari, bicaye berekeye ku mva.


Barinda imva ya Yesu

62 Bukeye bgaho, ni wo musi wakurikira uwo Kwitegura, abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranira kwa Pilato,

63 baramubgira, bati Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka.

64 Nuko n’ugere barinde imva cane gushitsa ku musi ugira gatatu, kugira ngw abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabgira abantu ngo yazutse mu bapfuye; maz’ ubuhumvyi bga nyuma bgoruta ubga mbere.

65 Pilato arababgira, at’ Abarinzi ngabo: ni mubajane; muyīrindishirize uko muzi.

66 Nuko baragenda barindisha imva, ca kibuye bagihomakw ishashara, bayidomamw’ ikimenyetso, abo barinzi babona.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan