Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Matayo 25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umugani w’inkumi cumi

1 Ico gihe ubgami bgo mw ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe.

2 Batanu muri bo bār’ ibijuju, bandi batanu bār’ abanyabgenge.

3 Kuko vya bijuju, mu kujana amatara yavyo, bitajananye n’amavuta.

4 Arikw abanyabgenge bo, bajananye n’amavuta mu macupa yabo hamwe n’amatara yabo.

5 Umukwe agitebaganye bose barahūnyiza, barasinzira.

6 Mu gicugu humvikana urwamo, ngo Nguyu umukwe, ni musohoke mumusanganire.

7 Buno za nkumi zose zirazanzamuka, zitunganya amatara yazo.

8 Vya bijuju bibgira abanyabgenge, biti Ni muduhe se ku mavuta yanyu, kukw amatara yacu arikw arazima.

9 Arikw abanyabgenge barabishura, bati Kumbure ntiyodukwira twese: ivyiza ni muje ku badandaza mwigurire.

10 Bakigiye kugura umukwe arashika; abiteguye binjirana na we mu bukwe, urugi rurugarwa.

11 Mu nyuma za nkumi zindi na zo ziraza, ziti Mupfasoni, mupfasoni, n’utwugururire.

12 Na we arabishura, ati Ndababgire ukuri: Simbazi.

13 Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’ isaha.


Umugani w’ababikijwe italanto

14 Bizoba nk’ivy’ umuntu agira agende mu mahanga, ahamagara abantu biwe, abasigarana ivyo atunze.

15 Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi imwe, uk’ umuntu wese ashobora, aja mu mahanga.

16 Uwo mwanya uwahawe italanto zitanu aragenda arazicurūza, yungukamw’ izindi talanto zitanu.

17 N’uwa zibiri abigenza artyo, yungukamw’ izindi zibiri.

18 Arik’ uwahawe imwe arīgīra, yimba mu kuzimu, ahisha amahera ya shebuja.

19 Hashize igihe kirekire, shebuja w’abo bantu aragaruka, asuzuma ivyo yabasigaranye.

20 Uwari yahawe italanto zitanu araza, azana italanto zindi zitanu, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zitanu, ehe nungutsemw’ izindi talanto zitanu.

21 Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja.

22 Haza uwari yahawe italanto zibiri, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zibiri, ehe nungutsemw’ izindi talanto zibiri.

23 Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja.

24 Kandi haza uwahawe italanto imwe, ati Mugenzi, nari nkuzi k’ur’ umuntu w’ingāre, wimbura ivyo utārimye, ukumakuma ivyo utāsanzaje;

25 ndatinya, ndagenda mpisha italanto yawe mu kuzimu: ehe ngibi ivyawe.

26 Shebuja aramwishura, ati Wa muntu wanje mubi we, wa kinebge we, war’ uzi ko nimbura ivyo ntārimye, nkumakuma ivyo ntāsanzaje.

27 Nuko war’ ukwiye kujana amahera yanje mu bayacurūza, nanje nagaruka nkaronka ayanje n’inyungu yayo.

28 Nuko ni mumwake italanto, muyihe ūfise italanto cumi.

29 Kuk’ ūfise wese azohabga, asesekarizwe: arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ afise.

30 N’uyo muntu wanje w’imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Gucira amahanga urubanza

31 Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:

32 amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk’uk’ umwungere arobanura intama mu mpene.

33 Intama azoziherereza i buryo bgiwe, impene na zo i bumoso.

34 Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.

35 Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nnywa; nar’ ingenzi, mumpa indāro;

36 nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kurāba uko mmeze; nari mw ibohero, muza kundāba.

37 Maz’ abagororotsi bazomubaza, bati Mwami, twakubonye ryari ushonje, tukakugaburira; cank’ ufise inyota, tuguha ico unywa?

38 Twakubonye ryari ur’ ingenzi, tuguha indāro; cank’ ugenda gusa tukakwambika?

39 Twakubonye ryari urwaye, cank’ uri mw ibohero, tuza kukurāba?

40 Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.

41 Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.

42 Nari nshonje, ntimwangaburira; nari mfise inyota ntimwampa ico nnywa;

43 nar’ ingenzi, ntimwampa indāro; nagenda gusa, ntimwanyambika; nari ndwaye, nari mw ibohero, ntimwaza kundāba.

44 Maze na bo bazomwishura, bati Mwami, twakubonye ryari ushonje, cank’ ufise inyota, cank’ ur’ ingenzi, cank’ ugenda gusa, cank’ urwaye, cank’ uri mw ibohero, ntitwagira ico tugukorera?

45 Maz’ azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mutabigiriye umwe mur’ aba bari hanyuma y’abandi, nanje ntimwabingiriye.

46 Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan