Matayo 24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ibimenyetso vyerekana uguhona kw’i Yerusalemu, n’ukugaruka kwa Yesu 1 Yesu arasohoka ava mu rusengero; akigenda abigishwa biwe baramwēgēra ngo bamwereke inyubako y’urusengero. 2 Arababgira, ati Ntimubona ivyo vyose? Ndababgire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi. 3 Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwēgēra bihereranye, baramubaza, bati Tubgire, ivyo bizobaho ryari, kand’ ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ic’ umuhero w’isi? 4 Yesu arabishura, ati Mwirinde, ntihagire ūbazimiza. 5 Kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ni jewe Kristo, kandi bazozimiza benshi. 6 Muzokwumva intambara n’impuha z’intambara: mwirinde, ntimugahagarike imitima; kuko bitazobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza. 7 Kukw ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami; amapfa no kunyiganyiga kw’isi bizobaho henshi; 8 arikw ivyo vyose n’itanguriro ryo kuramukwa. 9 Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje. 10 Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana. 11 Kandi hazokwaduka abīgira abavugishwa n’Imana benshi, bazimize benshi. 12 Maze kuk’ ubugarariji buzogwira urukundo rw’abenshi ruzotimba. 13 Arik’ uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira. 14 Kand’ ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’ umuhero uzoca uza. 15 Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare — 16 ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, 17 ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no gusahura ibiri mu nzu yiwe, 18 ūzoba ari mu mirima ntaz’ asubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe. 19 Ariko mur’ iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara. 20 Kandi muze musenge kugira ng’ uruhungo rwanyu ntiruze rube mu rushana canke kw isabato. 21 Kuko mur’ iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho. 22 Kand’ iyo misi iy’ itagerurwa ntihorokotse umuntu n’umwe; ariko kubg’ abatoranijwe iyo misi izogerurwa. 23 Ico gihe ni hāgira umuntu ababgira, at’ Ehe Kristo ari hano, canke, at’ Ari hariya: ntimuze muvyemere. 24 Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka. 25 Rāba ndabibabgiye bitaraba. 26 Nuko ni bababgira, bat’ Eh’ ari mu bugaragwa, ntimuze mujeyo; canke, ngw Ari haruguru mu mpete, ntimuze muvyemere. 27 Nk’uk’ umuravyo urabiriza i burasirazuba ukabonekera iyo rirengera, ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera. 28 Ah’ umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira. 29 Hanyuma y’ayo marushwa y’ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n’inyenyeri zizokoragurika zive kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa. 30 Bun’ ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi. 31 Azotuma abamarayika biwe n’ijwi rirenga ry’inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birēre bine, guhēra iy’ ijuru ritangurira kugeza iyo riherera. 32 Ni mwigire ku musukoni umugani wawo: ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yukw agatāsi kari hafi. 33 Nuko namwe, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muze mumenye kw ari hafi, ku rugi. 34 Ndababgire ukuri: Ab’ iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika. 35 Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba. 36 Arik’ uwo musi cank’ iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’ Umwana w’Imana, atari Data gusa. 37 Kand’ uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu kuza kw’Umwana w’umuntu. 38 Kukw ari ko bāri bameze mu misi umwuzure utaribgatere: bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, 39 ntibagira ico bamenya kugeza ah’ umwuzure waziye ubatwara bose; ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera. 40 Ico gihe abagabo babiri bazoba mu murima, umwe azojanwa, uwundi arekwe. 41 Abagore babiri bazoba bariko barasēra hamwe ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi arekwe. 42 Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako. 43 Arikw ibi mubimenye: iyaba nyen’ urugo yar’ asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw inzu yiwe yimbga. 44 Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye. 45 None ni nde mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire igihe kigeze? 46 Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo. 47 Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’ afise vyose. 48 Arik’ umushumba mubi ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye: 49 maz’ agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa; 50 shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi: 51 azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’indyarya: ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi