Matayo 22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ubukwe bg’umwana w’umwami 1 Yesu yongera kuvuganira na bo mu migani, 2 at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’umwami atahisha ubukwe bg’umwana wiwe arongora. 3 Atuma abagendanyi biwe, ngo bahamagare abātōrewe gutaha ubukwe, banka kuza. 4 Yongera gutuma abandi bagendanyi, ati Mubgire abatowe, muti Rāba amazimano yiwe yayiteguye, n’amapfizi n’amagumba vyiwe vyābāzwe, kandi vyose biriteguwe: ni muze mutahe ubukwe. 5 Ariko barirengagiza barīgīra, umwe aja mw itongo ryiwe, uwundi mu bidandazwa vyiwe. 6 Abasigaye bafata abo bagendanyi biwe, babakorera ibara, barabica. 7 Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo. 8 Maz’ abgira abagendanyi biwe, at’ Ubukwe buriteguwe, arikw abābutorewe ntibāri babukwiye. 9 Nuko ni mugende mu mayirabiri, abo muribuboneyo bose mubahamagare, baze babutahe. 10 Abo bagendanyi baragenda baja mu nzira bakoranya abo babonye bose, ababi n’abeza; mu bukwe huzura ababutorewe. 11 Umwami yinjiye kurāba abatowe abonamw’ umuntu atambaye impuzu y’ubukwe; 12 aramubaza, ati Mugenzi wanje, winjiye ute hano utambaye impuzu y’ubukwe? Arajorerwa. 13 Maz’ umwami abgira abakozi biwe, ati Ni mumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwiza; ni ho hazoba amarira n’ukuryanya insya z’amenyo. 14 Kukw abatowe ari benshi, arikw abatoranijwe bakaba bake. Abafarisayo bamugezesha ivy’ ikori 15 Bun’ Abafarisayo baragenda baja inama, ngo baronke ingene bomutegera mu majambo yovuga. 16 Bamutumakw abigishwa babo hamwe n’abantu ba Herode, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri, kandi k’udatinya umuntu n’umwe ku kigohe; kuk’ udatinya ijunja ry’abantu: 17 non’ utubgire, wiyumvira ute? Biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa? 18 Ariko Yesu amenya ububi bgabo, arababaza, ati Mungereza iki ga mwa ndyarya mwe? 19 Ni munyereke ihera ry’ikori. Bamuzanira idenariyo. 20 Arababaza, at’ Iki gishushanyo n’ibi vyanditsweko n’ivya nde? 21 Bati N’ivya Kayisari. Bun’ arababgira, ati Nuko rer’ ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana. 22 Bavyumvise baratangara, bamusigaho barīgīra. Yesu yishura Abasadukayo ivy’ ukuzuka 23 Nya musi Abasadukayo baza kuri we, abahakana yukw ata kuzuka kuriho, baramubaza, 24 bati Mwigisha, Mose yavuze ng’umuntu ni yapfa adasize abana, mwene nyina acūre umugore wiwe, ngw ahonore mwene nyina. 25 I wacu hār’ abavukana ndwi. Uwa mbere yararongoye, arapfa, maze kukw adasize umwana umugore wiwe amuraga mwene nyina. 26 Nuko n’uwa kabiri, n’uwa gatatu biba birtyo gushitsa ku wa ndwi. 27 Hanyuma ya bose nya mugore arapfa. 28 None mw izuka azoba muka nde mur’ abo ukw ar’ indwi? Ko bari bamufise bose! 29 Yesu arabishura, ati Mwarazimiye, ko mutāmenye ivyanditswe n’ubushobozi bg’Imana. 30 Mw izuka ntibazorongora kandi ntibazoshingirwa: bazoba nk’abamarayika bo mw ijuru. 31 Arikw ivyo kuzuka kw’abapfuye nta ho murasoma ico Imana yababgiye, 32 iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo? Imana s’iy’ abapfuye, n’iy’ abariho. 33 Ishengero rivyumvise, ritangazwa n’inyigisho ziwe. Ibgirizwa rikuru 34 Abafarisayo bumvise ko Yesu yajoreje Abasadukayo, bakoranira hamwe. 35 Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe aramubaza amugeza, 36 ati Mwigisha, ibgirizwa risumba ayandi mu vyagezwe n’irihe? 37 Aramwishura, ati Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose. 38 Iryo ni ryo rihambaye rya mbere. 39 Har’ irindi rya kabiri rimeze nka ryo, n’iri: Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. 40 Kur’ ayo mabgirizwa yompi ivyagezwe vyose n’amajambo y’abavugishwa n’Imana ni yo vyenenako. Umwana wa Dawidi 41 Abafarisayo bagikoraniye hamwe, Yesu arababaza, 42 at’ Ivya Kristo muvyiyumvira mute? Ni mwene nde? Baramwishura, bati Ni mwene Dawidi. 43 Na we arababaza, ati None Dawidi mu vya Mpwemu yamwitiye iki Umwami? 44 at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y’ibirenge vyawe. 45 None Dawidi ko yamwise Umwami, yoshobora ate kuba umwana wiwe? 46 Ntihāgira ūshobora kumwishura ijambo na rimwe, kand’ uhereye kur’ uwo musi nta muntu yubahutse gusubira kumubaza ikindi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi