Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Matayo 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu ashika i Yerusalemu, ari ku nyana y’indogoba

1 Bageze hafi y’i Yerusalemu, bashikira i Betifage ku musozi wa Elayono, Yesu atuma abigishwa babiri,

2 arababarira, ati Mugende mur’ iriya mihana ir’ imbere yanyu, muca mubona indogoba iziritseho n’inyana yayo; muziziture, muzinzanire.

3 Ni hagira ūbabaza, mumubgire, muti Databuja ni we azigomba. Aca azirungika.

4 Ivyo vyabayeho ngw ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana bishike,

5 ngo Mubgire umukobga w’i Siyoni, Muti Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ar’ umutekerezi, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.

6 Abigishwa baragenda, babigenza nk’uko Yesu yababgiye,

7 bazana indogoba n’inyana yayo, bazisasakw impuzu zabo, yicarako.

8 Abenshi mw ishengero basasa impuzu zabo mu nzira, abandi baca amashami y’ibiti, bayasasa mu nzira.

9 Kand’ ishengero rimugiye imbere n’irimukurikiye rirasemerera, riti Hoziyana, mwana wa Dawidi, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, hoziyana mw ijuru.

10 Ashitse i Yerusalemu, igisagara cose kirashwabaduka, barabaza, bat’ Uyo ni nde?

11 Abo mw ishengero barabishura, bat’ Uyo n’ūvugishwa n’Imana, Yesu w’i Nazareti i Galilaya.


Yesu yirukana abahumanya urusengero

12 Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.

13 Arababgira, ati Handitswe ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo, ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.

14 Maz’ impumyi n’abacumbagira baza kuri we mu rusengero, arabakiza.

15 Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe babonye ibitangaza akoze, n’abana basemererera mu rusengero, ngo Hoziyana mwana wa Dawidi; baritonganya,

16 baramubaza, bat’ Urumva ivyo bavuga? Yesu arabishura, at’ Ego me; nta ho murasoma, ngo Mu kanwa k’abana bato n’abonka waroranijemw’ ishimwe?

17 Abasigaho, asokoroka mu gisagara, aja i Betaniya, arārayo.


Yesu avuma umusukoni

18 Kare mu gatondo arikw arasubira mu gisagara, yumva arashonje.

19 Abonye umusukoni ku nzira, arawēgēra, ntiyagira ico awubonako, atar’ amababi gusa, arawubarira, ati Ntugapfe wamye insukoni uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira. Uwo musukoni uca ukabirana uwo mwanya.

20 Abigishwa babibonye, baratangara, bati Mbeg’ uyu musukoni uyu mwanya ukabiranijwe n’iki?

21 Yesu arabishura, ati Ndababgire ukuri: Iyo muba muri n’ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ic’ uyu musukoni gusa, ariko mwobgira n’uyu musozi, muti Shingūka, utabge mu kiyaga; vyoba ko.

22 Kand’ ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.


Abaherezi bakuru babaza Yesu ububasha bgiwe

23 Yinjiye mu rusengero, arikw arigisha, abaherezi bakuru n’abashingantahe b’ubgo bgoko baza kuri we, baramubaza, bati N’ububasha ki bugutera gukora ivyo? Kandi ni nde yaguhaye ubgo bubasha?

24 Yesu arabishura, ati Nanje hinge ndababaze ijambo rimwe; ni mwarinyishura nanje mpeze ndababarire ububasha bunkoresha ivyo.

25 Non’ ukubatiza kwa Yohana kwaturutse hehe? Ni mw ijuru, canke ni mu bantu? Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera?

26 Kandi ni twavuga tuti Ni mu bantu; n’uko dutinya ishengero, kuko bose bavuga yuko Yohana yar’ ūvugishwa n’Imana.

27 Bishura Yesu, bati Ntituhazi. Na we ati Nuko rero nanje simbabgira ububasha bunkoresha ivyo.


Umugani w’abahungu babiri

28 Mugira ngw iki? Hābaye umuntu yar’ afise abahungu babiri: aragenda abarira umukuru, ati Genda, mwana wanje, uyu musi uje gukora mu ruzabibu.

29 Aramwishura, at’ Eka singenda. Maze hanyuma aririmbura, aragenda.

30 Aja ku wa kabiri, amubgira kuno. Aramwishura, ati Ndagiye muvyeyi; ntiyajayo.

31 None mur’ abo bompi n’uwuhe yakoze ivyo se agomba? Baramwishura, bati N’uwa mbere. Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yukw abatozakori n’abasambanyikazi babatanga kwinjira mu bgami bg’Imana.

32 Kuko Yohana yaje muri mwebge agendera mu nzira yo kugororoka, kandi ntimwamwemera. Arikw abatozakori n’abasambanyikazi baramwemeye. Namwe mubibonye, no hanyuma ntimwirimbura ngo mumwemere.


Umugani w’abarimyi b’abagarariji

33 Ni mwumvīre uwundi mugani: Hābaye nyen’ urugo yateye uruzabibu; aruzitirira uruzitiro, yimbamw’ ubgato bg’ikinogo, yubakamw’ umutara, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga.

34 Nukw igihe c’iyera kigomba kugera, atuma abakozi biwe kuri ba barimyi ngo babahe inzabibu ziwe.

35 Maz’ abo barimyi bafata ba bakozi biwe, umwe baramushishagura, uwundi baramwica, uwundi bamutera amabuye.

36 Yongera gutuma abandi bakozi barengeye aba mbere; babagira kuno.

37 Hanyuma abatumak’ umwana wiwe, ati Bazosonera umwana wanje.

38 Abo barimyi babonye wa mwana wiwe, baravugana, bat’ Urya ni we samuragwa: ni muze tumwice, tuze twegukire umwandu wiwe.

39 Baramufata bamuhindira inyuma y’uruzabibu, baramwica.

40 None nyen’ uruzabibu ni yiyizira azobagira ate, abo barimyi?

41 Baramwishura, bat’ Abo babi azobica rubi, uruzabibu arusigarane abandi barimyi, bazohora bamuha inzabibu igihe cazo.

42 Yesu arababaza, ati Nta ho murasoma mu vyanditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka: Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu?

43 Ni co gitumye mbabgira yuk’ ubgami bg’Imana muzobgakwa, bugahabga ihanga ryama imbuto zabgo.

44 Arik’ ūzogwa kur’ iryo buye azovunagurika; arik’ uwo rizogwako rizomuvungura.

45 Maz’ abaherezi bakuru n’Abafarisayo bumvise iyo migani yiwe, bamenya kw ari bo avuga.

46 Barondeye ingene bomufata, batinya abantu, kuko bamwiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan