Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Matayo 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abanyabgenge b’inyenyeri baninahaza Yesu

1 Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,

2 barabaza, bat’ Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twābonye inyenyeri yiwe, tur’ i burasirazuba, none tukaba tuzanywe no kumushengerera.

3 Umwami Herode avyumvise, ahagarikana umutima n’ab’i Yerusalemu bose.

4 Akoranya abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bose bo mur’ ubgo bgoko, arababaza, ati Kristo azovukira hehe?

5 Bati N’i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya, ni ko vyanditswe n’umuntu yavugishwa n’Imana,

6 ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.

7 Buno Herode ahamagaza ba banyabgenge mu mpisho, abasiguza igihe iyo nyenyeri yabonekeye.

8 Abatuma i Betelehemu, ati Mugende, mubaze mushirutse umwete ivy’ uwo mwana. Ni mwamubona muce muza kumbarira, ngo nanje nze kumushengerera.

9 Na bo bumvise iry’ umwami, baragenda. Maz’ iyo nyenyeri bābonye i burasirazuba irabarōngōra, irinda ishika hejuru y’ah’ uwo mwana ari, ihagararaho.

10 Babonye iyo nyenyeri banezerwa akaneza kenshi cane.

11 Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.

12 Babgiriwe n’Imana mu nzozi ngo ntibasubire guca kwa Herode, baca mu yindi nzira, bīsubirira mu gihugu c’i wabo.


Guhungira muri Egiputa

13 Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.

14 Ahenga mw ijoro aravyuka, ajana umwana na nyina, aja muri Egiputa,

15 agumayo gushitsa Herode amaze gutanga, ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu wavugishwa na we bishike, ngo Nahamagaye umwana wanje ngw ave muri Egiputa.


Herode ageseza abana b’i Betelehemu

16 Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.

17 Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n’Imana vyashikiye,

18 ngw Induru yumvikana i Rama, Amarira n’amaborogo menshi; Rakeli aririra abana biwe, Yanka kwīrūrwa, kuko batakiriho.


Bajana Yesu i Nazareti

19 Herode amaze gutanga, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi ari muri Egiputa,

20 aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uje mu gihugu c’i Bgisirayeli, kukw abārondera kwica umwana bāpfuye.

21 Avyutse, ajana umwana na nyina, aragenda, ashika mu gihugu c’i Bgisirayeli.

22 Ariko yumvise yuko Arukelayo yimye i Yudaya, asubiye ku ngoma ya se Herode, atinya kujayo. Abgiriwe mu nzozi, aja mu bihugu vy’i Galilaya.

23 Ashitseyo, agerēra mu gisagara citwa Nazareti, ngw ivyavuzwe n’abāvugishwa n’Imana bishike, ngw Azokwitwa Umunyanazareti.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan