Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Matayo 18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umukuru mu bgami bgo mw ijuru uw’ ari we

1 Mur’ uwo mwanya abigishwa baza kuri Yesu, baramubaza, bat’ Umukuru mu bgami bgo mw ijuru ni nde?

2 Ahamagara akana, agahagarika hagati yabo,

3 arababgira, ati Ndababgire ukuri: Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato, ntimuzoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.

4 Nuk’ ūzokwicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu bgami bgo mw ijuru.

5 Kand’ ūzokwākīra akana kamwe nk’aka mw izina ryanje azoba anyakiriye.

6 Arik’ ūzotsitaza n’umwe mur’ abo bato banyizera, icoroshe n’uko yohambirirwa urusyo ruremereye kw izosi, akadobezwa i bgina mu kiyaga.

7 Isi izobona ibara kubg’ ibitsitaza, kukw ivyo bitsitaza bitazobura kuza, arik’ uyo muntu azana igitsitaza azobona ibara.

8 Ukuboko kwawe cank’ ikirenge cawe ni hagira ikigutsitaza muri vyo, ugice, ugite kure; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse igikonjo cank’ ikirenge, hak’ utererwa mu muriro utazima ufise amaboko yompi n’ibirenge vyompi.

9 Kand’ ijisho ryawe ni ryagutsitaza, urinogore urite kure; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo upfuye ijisho, hak’ utererwa muri Gehinomu y’umuriro ufise amaso yompi.

10 Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [

11 Kand’ Umwana w’umuntu yaje gukiza icari cazimiye.]

12 Mugira ngw iki? Umuntu afise intama ijana, imwe yozimira, ntiyosiga zimwe mirongwicenda n’icenda, akagenda mu misozi kurondera iyazimiye?

13 Kand’ iy’ ayibonye, ndababgira ukuri yukw ayinezererwa kuyirutisha zimwe mirongwicenda n’icenda zitāzimiye.

14 Ni ko bidakundwa mu nyonga za So wo mw ijuru k’umwe mur’ abo bato apfa rubi.


Guharira abatugiriye nabi

15 Mugenzawe ni yakugirira nabi, ugende umuhishuke mwiherereye; ni yakwumvira, uzoba wigaruriye mugenzawe.

16 Ariko n’atakwumvira, ujane umwe canke babiri, kugira ngw ijambo ryose rize riringanizwe, bivuye mu kanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu.

17 N’atabumvira ubgire ishengero; ni yanka kwumvira ishengero na ryo, kuri wewe azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori.

18 Ndababgire ukuri: Ivyo muzohambira mw isi vyose bizoba bihambiriwe mw ijuru; kand’ ivyo muzohamburura mw isi vyose bizoba bihamburuwe mw ijuru.

19 Kandi ndababgira ukuri yukw ababiri muri mwebge ni bahuriza inama mw isi gusaba ikintu cose, Data wo mw ijuru azokibakorera

20 Kukw aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo.


Umugani w’abariye umwenda babiri

21 Maze Petero aza kuri we, aramubgira, ati Mushingantahe, incuti yanje ni yangirira nabi, nzomuharira ngeze kangahe? Ngeze indwi?

22 Yesu aramubgira, ati Jeho sinkubgira yuk’ ugeza indwi, arik’ ugeze indwi‐indwi gushitsa ibihetangabo mirongwirindwi.

23 Ni co gituma ubgami bgo mw ijuru busa n’umwami yagomvye gusuzuma ivyo yabīkije abantu biwe.

24 Atanguye guharūra, bamuzanira uwamurīriye umwenda w’italanto ibihumbi cumi.

25 Ariko kukw atar’ afise ico yishura, shebuja agera ko bamugura, n’umugore, n’abana, n’ivy’ afise vyose, ng’ umwenda wishurwe.

26 Wa muntu yikubita hasi, amwitembagaza imbere, ati Mwami, nyihanganira, nzokwishura vyose.

27 Shebuja w’uyo muntu amugirira akagongwe, aramurekura, amuhebera wa mwenda amufitiye.

28 Uno muntu asohotse, abona mugenzi we yamurīriye umwenda w’idenariyo ijana; aramufata, amugwa mu gahogo, ati Nyishura ivyo umperaniye.

29 Uyo mugenzi we yikubita hasi, aramutakambira, ati Nyihanganira, nzokwishura vyose.

30 Wa wundi aranka, aragenda, amushirisha mw ibohero, gushitsa ah’ azomwishurira ivy’ amufitiye.

31 Bagenzi biwe babonye ibibaye, barababara cane, baragenda babgira shebuja ibibaye vyose.

32 Buno shebuja aramuhamagaza, aramubgira, ati Wa muntu mubi we, naguhebeye wa mwenda wose aho wantakambira:

33 none nawe ntiwar’ ukwiye kugirira imbabazi mugenzawe, nk’uko nanje nazikugiriye?

34 Shebuja araraka, amuhereza abasoda, gushitsa ah’ azokwishurira ivy’ amufitiye vyose.

35 Na Data wo mw ijuru ni kw azobagirira, ni mutāharirana, umuntu wese ngw aharire mugenzi we bivuye mu mutima.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan