Matayo 17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ugukayangana kwa Yesu 1 Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero na Yakobo na mwene nyina Yohana, abadūgana igisozi kirekire ari bonyene. 2 Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco. 3 Maze Mose na Eliya barababonekera, bavugana na we. 4 Petero abgira Yesu, ati Mugenzi, bitubereye vyiza ko turi hano: ni wabigomba ndaca insago zitatu hano, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya. 5 Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve. 6 Abigishwa bavyumvise, bubama hasi baratinya cane. 7 Yesu arabēgēra, abakorako, ati Ve hasi, ntimutinye. 8 Bunamuye amaso, ntibagira uwundi babona, atari Yesu wenyene. 9 Bariko baramanuka ico gisozi, Yesu arabihanikiriza, ati Ntihagire umuntu mubgira ivyo mweretswe, gushitsa ah’ Umwana w’umuntu azozukira avuye mu bāpfuye. 10 Abigishwa baramubaza, bati None rero n’iki gituma abanyabgenge b’ivyanditswe bavuga yuko Eliya akwiye kubanza kuza? 11 Arabishura, ati Eliya azoza koko, aroranye vyose neza. 12 Ariko ndababgira yuko Eliya yamaze kuza, yamara ntibāmumenye, ariko bamwigiriye uko bagomba kwose. Uko ni ko n’Umwana w’umuntu agira ababazwe na bo. 13 Bun’ abigishwa batahura ko yababgiye Yohana Umubatizi. Yesu akiza umuhungu arwaye intandara 14 Bashikiriye ishengero, umuntu araza aramupfukamira, 15 ati Mwami wanje, girira ikigongwe umwana wanje, kukw arwaye intandara, arasinzikaye cane. Kuko kenshi na kenshi agwa mu muriro no mu mazi. 16 Namuzaniye abigishwa bawe, ariko vyabananiye kumukiza. 17 Yesu arishura, ati Yemwe ab’ iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe; nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire hano. 18 Yesu aramukankamira, dayimoni amuvamwo, umuhungu aca akira uwo mwanya. 19 Maz’ abigishwa baza kuri Yesu biherereye, baramubaza, bati Tweho n’iki catumye bitunanira kumusenda? 20 Arabishura, ati N’ukwizera kwanyu guke. Ndababgire ukuri: Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobgira kino gisozi, mut’ Imuka aha, uje harya, kandi cokwimuka. Kandi nta kitazobashobokera. [ 21 Ariko ben’ urya ntakūrwamwo n’ikindi atar’ ugusenga no kwisonzesha.] Yesu avuga urupfu rwiwe 22 Bakigendagenda i Galilaya, Yesu arababgira, at’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu, 23 kandi bazomwica, maze ku musi ugira gatatu azozurwa. Barababara cane. Yesu atanga ikori ry’urusengero 24 Bashitse i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero baza kuri Petero, baramubaza, bati Harya Umwigisha wanyu ntatanga ikigabane ca shekeli? Na we at’ Ego me, aragitanga. 25 Binjiye mu nzu, Yesu aramwitanga, aramubaza, at’ Ugira ngw iki ga Simoni? Abami bo mw isi babugurisha canke batoza abahe? N’ababo canke n’abandi? 26 Aramwishura, ati N’abandi. Yesu aramubgira, ati Noneh’ ababo baracuna. 27 Ariko twoye kubatsitaza, genda ku kiyaga, uteremw’ igera, wābīre ifi iribubanze gufatwa, uyasamike, urasangamwo shekeli; abe ari yo ujana, uyitange kubganje nawe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi