Matayo 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ingene Herode yishe Yohana Umubatizi 1 Mur’ ico gihe umwami Herode yumva inkuru za Yesu. 2 Abgira abagendanyi biwe, at’ Uwo ni Yohana Umubatizi yazutse mu bāpfuye; ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we. 3 Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw ibohero kubga Herodiya, muka Filipo mwene se. 4 Kuko Yohana yari yarabgiye Herode, ati N’ikizira k’umwābiriye. 5 Agomba kumwica, arikw atinya abantu, kuko bāmwiyumvira kw ar’ umuntu avugishwa n’Imana. 6 Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobga wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode. 7 Ni co catumye amwemerera amurahiye kw amuha ico yomusaba cose. 8 Na we amaze kwoshwa na nyina, ati Mpēra ngaha ku mubehe umutwe wa Yohana Umubatizi. 9 Bun’ umwami arijirwa; ariko kubga za ndahiro, no kubg’ abāsangira na we, abgiriza ko bawumuha; 10 atuma mw ibohero ngo bace izosi Yohana. 11 Bazana umutwe ku kibehe, bawuha wa mwigeme, awushīra nyina. 12 Abigishwa biwe baraza, bajana ikiziga, baragihamba, maze baja kubikira Yesu. Yesu ahāza abantu ibihumbi bitanu 13 Yesu avyumvise, arahava, agenda mu bgato, aja ahantu h’agahinga kwiherērayo. Ishengero rivyumvise, riva mu bisagara, rimukurikira rijanye inkōkoro. 14 Avuye mu bgato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe, abakiriza abarwaye. 15 Bugorovye, abigishwa baramwēgēra, bati Mbega hano hantu kw ari mu gahinga, kandi bukaba buriko burīra: sezera abantu baje mu mihana kwirondereray’ ivyo kurya. 16 Yesu arababgira, ati Ntibarinda kugenda: mube ari mwebge mubagaburira. 17 Baramwishura, bati Nta vyo dufise hano atar’ udutsima dutanu n’udufi tubiri. 18 Na we ati Ni mubinzanire hano. 19 Abgira abantu kwicara hasi ku vyatsi, yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira; amanyagura ya mitsima, ayiha abigishwa, abigishwa bagaburira ishengero. 20 Bararya bose, barahāga. Batororokanya utumanyagu tw’imisigazwa twuzura ibisimbo cumi na bibiri. 21 Kand’ abāriye bār’ abagabo nk’ibihumbi bitanu, ukūyemw’ abagore n’abana. Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga 22 Uwo mwanya agōbēra abigishwa ngo batambukire mu bgato bītangire kujabuka hakurya, abanze gusezera ishengero. 23 Ahejeje gusezera ishengero, adūga umusozi gusenga yiherereye. Bgagorovye ariyo ari wenyene gusa. 24 Arik’ ubgato bushitse hagati mu kiyaga bāri batamijwe n’imipfunda, kuk’ umuyaga war’ ubaturutse imbere. 25 Ku muteramyi agira kane, aza aho bari, agendesha amaguru hejuru ku kiyaga. 26 Abigishwa bamubonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, basimbga n’umutima, bati N’igihūme; baturishwa ubuku n’ubgoba. 27 Uwo mwanya Yesu arababgira, ati Hūmura, ni jewe, ni mureke gutinya. 28 Petero aramwishura, ati Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze ah’ uri ku mazi. 29 Na we ati Ngo. Petero yururuka mu bgato, agendesha amaguru ku mazi, ngw aje aho Yesu ari. 30 Abonye igihuhuta, aratinya, atanguye kuroka arataka, ati Ntabara Mugenzi. 31 Buno Yesu aramvura ukuboko, aramucakira, aramubgira, ati Yewe w’ukwizera guke, n’iki cagukekeranishije? 32 Būriye mu bgato, umuyaga uraca. 33 Abāri mu bgato baramupfukamira, bati N’ukuri ur’ Umwana w’Imana. Yesu akiza abarwaye benshi 34 Bamaze kujabuka hakurya, bafata i musozi mu ntāra y’i Genesareti. 35 Abantu b’aho hantu baramumenya, batumatumanako mur’ ico gihugu cose, bamuzanira abarwaye bose, 36 baramwinginga ngo bakore ku buyonga bg’impuzu yiwe gusa, ababukozeko bose barakira. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi