Matayo 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Umugani w’umubivyi 1 Kur’ uwo musi Yesu asohoka ava mu nzu, yicara ku nkombe y’ikiyaga. 2 Ishengero ryinshi rikoranira kuri we, bimutera gutambukira mu bgato, yicaramwo; ishengero ryose rihagarara i musozi. 3 Ababgira vyinshi mu migani, aravuga, at’ Umubivyi yasohoye imbuto. 4 Akibiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, inyoni ziraza, zirazinobagura. 5 Izindi zigwa ku rutare, hatar’ ivu ryinshi; zica zimera vuba, kukw ata vu ryinshi ririho. 6 Izuba rirashe, ziraraba, kukw ata mizi zifise, zirūma. 7 Izindi zigwa mu mahwa, amahwa arakura, arazinyoha. 8 Izindi zigwa mw ivu ryiza, zihunda impeke, zimwe ijana, izindi mirongwitandatu, izindi mirongwitatu birtyo birtyo. 9 Ūri n’amatwi ni yumve. Inyanduruko itera Yesu kwigishiriza mu migani 10 Abigishwa baramwēgēra, baramubaza, bati Mbeg’ ikigutera kubigishiriza mu migani n’iki? 11 Arabishura, ati Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bgo mw ijuru, ariko bo ntibābihawe. 12 Kuk’ ūfise azohabga, bikamucagatira; arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ asanzwe afise. 13 Igituma mbabgirira mu migani, n’ukw iyo barāba batabona; kand’ iyo bumva batumva, badatahura. 14 Kand’ ivyo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze, bibashitseko, ngo Kwumva muzokwumva, ariko ntimuzoruha mubitahura; Kurāba muzorāba, ariko ntimuzoruha muvyihweza. 15 Kuk’ umutima w’ubu bgoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza: Ngo ntibarābishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Mbakize. 16 Arikw amaso yanyu arahiriwe, kukw abona, n’amatwi yanyu, kuko yumva. 17 Ndababgira ukuri yukw abavugishwa n’Imana benshi n’abagororotsi benshi bāhahamiye kubona ivyo mubona, ntibābibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibāvyumva. Yesu asobanura umugani w’umubivyi 18 Nuko mweho ni mutahure umugani w’umubivyi. 19 Uwumva wese ijambo ry’ubgami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibge mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibge i ruhande y’inzira. 20 Uwabibge ku rutare ni we yumva ijambo, agaca aryakirana umunezero; 21 ariko ntagira imizi muri we, ahagarara umwanya muto; iyo yadutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo azira iryo jambo, bica bimutsitaza. 22 Uwabibge mu mahwa ni we yumva iryo jambo, arik’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane. 23 Uwabibge mw ivu ryiza ni we yumva iryo jambo, akaritahura, uwo ni we rero yama imbuto, umwe akagira ijana, uwundi mirongwitandatu, uwundi mirongwitatu, birtyo birtyo. Urwamfu mu buro 24 Abacira uwundi mugani, at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’umuntu yabivye imbuto nziza mu ndimiro yiwe. 25 Abantu basinziriye, haza umwansi wiwe abiba urwamfu mu buro hagati, arīgīra. 26 Bumaze gusēsa no kuyangika, urwamfu ruca ruraboneka. 27 Abashumba ba nyen’ urugo baraza baramubaza, bati Mbega mutungwa, ntiwabivye imbuto nziza mu ndimiro yawe? Non’ urwamfu rwavuye hehe? 28 Na we ati N’umuntu w’umwansi yagize artyo. Ba bashumba baramubaza, bati Non’ uragomba ko tugenda kurutororokanya? 29 At’ Oyaye, kuko kumbure mu kurandura urwamfu mworandurana n’uburo. 30 Mureke bikurane vyompi gushitsa mw igenya. Maze mu gihe c’igenya nzobgira abagenyi, nti Mubanze mutororokanye urwamfu, muruhambire imikama, muruturire; arik’ uburo mubgimburire mu kigega canje. Umugani w’akabuto ka sinapi n’uw’ umwambiro 31 Abacira uwundi mugani, at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’akabuto ka sinapi, umuntu yābiriye akagatera mu ndimiro yiwe. 32 Kandi ni kanzinya hanyuma y’imbuto zose, arikw iyo gakuze kaba kanini kakaruta ibirimwa vyose, kakaba igiti. Maz’ inyoni zo mu kirere zikaza zikārika mu mashami yaco. 33 Abacira uwundi mugani, at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’umwambiro, umugore yābiriye akawuvanga n’ingero zitatu z’ifu, gushitsa ah’ iribututumbire yose. 34 Ivyo vyose Yesu yabibgiye ishengero mu migani, nta co yababgiye atabaciriye umugani. 35 Ni co catumye ivyo umuntu yavugishwa n’Imana yavuze biboneka, ngo Nzoteranura akanwa kanje, nce imigani, Nzovuga ivyahishijwe uhereye ku kuremwa kw’isi. Yesu asobanura umugani w’urwamfu 36 Maz’ asezera ishengero, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza kuri we, bati Dusobanurire umugani w’urwamfu rwo mu ndimiro. 37 Na we arabishura, at’ Ūbiba imbuto nziza n’Umwana w’umuntu. 38 Indimiro n’isi. Imbuto nziza ni bo bana b’ubgami. Urwamfu n’abana ba wa Mubi. 39 Umwansi yarubivye ni wa Murwanizi. Igenya n’umuhero w’isi. Abagenyi n’abamarayika. 40 Nk’uk’ urwamfu rutororokanywa rugaturirwa mu muriro, ni ko bizoba ku muhero w’isi. 41 Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe. 42 Bazobaterera mw itanure ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo. 43 Bun’ abagororotsi bazokwaka nk’izuba mu bgami bga Se. Ūri n’amatwi ni yumve. Izahabu n’imaragarita 44 Ubgami bgo mw ijuru busa n’izahabu zanyegejwe mw itongo. Umuntu yazubutseko, arazihisha, aragenda, umunezero umutera gushōra ivy’ afise vyose, agura iryo tongo. 45 Kand’ ubgami bgo mw ijuru busa n’umudandaza arondera imaragarita nziza. 46 Abonye imaragarita imwe, y’igiciro kinini, aragenda, ashōra ivy’ afise vyose, arayigura. Urusenga 47 Kand’ ubgami bgo mw ijuru busa n’urusenga runiniya rwaterewe mu kiyaga, rukoranya ifi z’amoko yose. 48 Rwuzuye, barukwegera i musozi, baricara barobanurira nziza mu gisangaza, mbi barazita. 49 Uko ni ko bizoba ku muhero w’isi. Abamarayika bazoza, barobanure ababi mu bagororotsi, 50 babaterere mw itanure ry’umuriro; ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo. 51 Mbeg’ ivyo murabitahuye vyose? Baramwishura, bat’ Ego me. 52 Na we arababgira, ati Ni co gituma umunyabgenge w’ivyanditswe wese, amaze guhinduka umwigishwa w’ivy’ ubgami bgo mw ijuru asa na nyen’ urugo asokorora mu vyo atunze ibintu bisha n’ivya kera. Yesu anēbagurwa n’abo mu ntāra y’i wabo 53 Yesu amaze guca iyo migani, avayo. 54 Aja mu ntāra y’i wabo, yigishiriza mw isinagogi yabo, bituma batangara, bat’ Ubu bgenge n’ivyo bitangaza mbeg’ uyu yabikūye hehe? 55 Mbega si wa mwana w’umubāji? Nyina ntiyitwa Mariya, kand’ abavukana na we si Yakobo na Yosefu na Simoni na Yuda? 56 Bashiki biwe ntibar’i wacu bose? Non’ ivyo vyose yabikūye hehe? 57 Ivyiwe birabatsitaza. Yesu arababgira, at’ Umuntu avugishwa n’Imana ntabura icubahiro, atari mu ntāra y’i wabo no mu nzu y’i wabo. 58 Kandi nta bitangaza vyinshi yahakoreye, kubg’ ukutizera kwabo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi