Matayo 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesu n’Umwami w’isabato 1 Mur’ ico gihe Yesu aca mu mirima y’ingano kw isabato. Abigishwa biwe bashonje, batangura kumyoza ingano, barazihekenya. 2 Abafarisayo babibonye, baramubgira, bati Mbeg’ abigishwa bawe ko bakora ikizira gukorwa kw isabato! 3 Na we arababaza, ati Nta ho murasoma ico Dawidi yakoze, aho yar’ asonzanye n’abāri kumwe na we; 4 ingene yinjiye mu nzu y’Imana, akarya imitsima y’ibiterekērwa, yar’ umuziro kuri we no ku bāri kumwe na we, ukūye abaherezi bonyene? 5 Canke nta ho murasoma mu vyagezwe ingene kw isabato abaherezi, iyo bari mu rusengero, bazirura isabato, ntibabekw igicumuro? 6 Ariko ndababgira yuko hano har’ ūruta urusengero. 7 Iyo muba mwari muzi iri jambo ico rivuga, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi; ntimuba mutsindishije abatarikw igicumuro. 8 Kuk’ Umwana w’umuntu ar’ Umwami w’isabato. Yesu akiza umuntu anyunyutse ukuboko 9 Avayo, yinjira mw isinagogi yabo. 10 Kandi hārimw’ umuntu anyunyutse ukuboko. Baramubaza, bati Mbega birēmerwa gukiza kw isabato? Ngo baronke uko bomurega. 11 Arabishura, ati Ni nde muri mwebge yoba afise intama imwe ikagwa mu cobo kw isabato, ntayifate ngw ayikūreyo? 12 Mbega non’ umuntu ntaruta intama cane? None rero birēmerwa gukora ivyiza kw isabato. 13 Maz’ abgira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira, gukomera nk’ukundi. 14 Abafarisayo barasohoka, bamugīra inama ngo babone ingene bomwica. Yesu akiza abandi benshi 15 Yesu abimenye, arahava. Benshi baramukurikira, abakiza bose. 16 Arabihaniza ngo ntibagende baramwandagaza, 17 ngw ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya bishike, 18 ngo Nguyu umushumba wanje natoranije, Nkunda, ahimbara umutima wanje; Nzoshira Mpwemu wanje kuri we, Azomenyesha abanyamahanga amateka azocibga. 19 Ntazosinda, kandi ntazoyogora, Kandi nta wuzokwumva ijwi ryiwe mu nzira: 20 Ntazohohosha irenga rivunitse, N’urumuri ruyenga ntazoruzimya, Gushitsa ah’ azogomorera amateka akanesha; 21 Kand’ izina ryiwe ni ryo abanyamahanga bazokwizigira. Yesu akiza impumyi y’ikiragi itewe na dayimoni; Abafarisayo bashira ibikorwa vya Mpwemu Yera kuri Satani 22 Maze bamuzanira impumyi y’ikiragi yinjiwemwo na dayimoni, arayikiza; ico kiragi kiravuga, kirahumūka. 23 Ishengero ryose rirumirwa, riti Mbeg uyu yoba wa mwana wa Dawidi? 24 Arikw Abafarisayo bavyumvise baravuga, bat’ Uyu ntashobozwa n’ikindi gusenda abadayimoni, atari Beyezebuli, umukuru w’abadayimoni. 25 Amenye ivyo biyumvira, arababgira, at’ Ubgami bgose iyo bgitandukanije ubgabgo burahona. Igisagara cose n’umuryango wose iyo vyitandukanije ntibirama. 26 Na Satani, yosenda Satani, yoba yitandukanije ubgiwe; non’ ubgami bgiwe bgorama bute? 27 Ariko jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni, abana banyu bashobozwa na nde kubasenda? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha. 28 Ariko Mpwemu w’Imana ni yaba ari we anshoboza gusenda abadayimoni, noneh’ ubgami bg’Imana burabashikiriye. 29 Non’ umuntu yoshobora ate kwinjira mu nzu y’umuntu w’inkomezi kumusahura ibintu atabanje kuboha wa munyenkomezi? Maz’ akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe. 30 Ūtamperereyeko n’umwansi wanje, kand’ ūdasukiranya nanje arasanzaza. 31 Kubg’ ivyo ndababgira yukw icaha cose n’ukurogota, abantu bazobiharirwa; ariko kurogota kuri Mpwemu n’icaha kitazoharirwa. 32 Umuntu wese azodedemba ku Mwana w’umuntu azobiharirwa, arik’ ūdedemba kuri Mpwemu Yera ntazobiharirwa, naho hoba mur’ iki gihe canke mu gihe kizoza. 33 Ni mube muvuga igiti kw ari ciza n’ivyo camye kw ari vyiza, canke mube muvuga igiti kw ari kibi n’ivyo camye kw ari bibi; kukw igiti kimenyekanira ku vyo camye. 34 Mwa bana b’inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga. 35 Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiwe ryiza; umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ryiwe ribi. 36 Kandi ndababgira yukw ijambo ryose risunitswe n’impwemu abantu bavuga bazoribazwa ku musi w’amateka. 37 Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda cank’ amajambo yawe ni yo azotuma utsindwa. Yesu yima Abafarisayo ikimenyetso 38 Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bamwe baramubgira, bati Mwigisha, turagomba kurāba ikimenyetso ukora. 39 Arabishura, at’ Ab’ urunganwe rubi rw’ubumaka barondera ikimenyetso; kandi nta kimenyetso bazohabga, atar’ ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona. 40 Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu. 41 Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ uru runganwe ku musi w’amateka, babatsindishe: kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano. 42 Umugabekazi w’igihugu c’i bumanuko azovana hasi n’ab’ iki gihe ku musi w’amateka, abatsindishe: kuko yavanywe ku mpera y’isi no kwumva ubgenge bga Salomo; kandi rāba, ūruta Salomo ari hano. Umugani w’impwemu ihumanye isubiye mu muntu 43 Impwemu ihumanye iy’ ivuye mu muntu, ica ahatagira amazi, irondera uburuhukiro, ikabubura. 44 Ikavuga, iti Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo. Ihashitse, igasanga igaragara, ikubuye, iteguritse. 45 Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu ndwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy’uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi. Ni ko bizoba no ku b’iki gihe kibi. Yesu yerekana umuryango wiwe bgite 46 Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we. 47 Umwe aramubgira, at’ Ereg’ umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze, baragomba ko mubonana. 48 Yishura uno abimubgiye, ati Mama ni nde? Canke bene mama ni ba nde? 49 Atunga urutoke abigishwa biwe, ati Ngaba mama na bene mama. 50 Kuk’ umuntu wese akora ivyo Data wo mw ijuru agomba ari we murumunanje na mushikanje na mama. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi