Matayo 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesu atuma abigishwa biwe cumi na babiri kwigisha 1 Ahamagara abigishwa biwe cumi na babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye n’ubgo kuzisenda, no gukiza indwara zose n’ubumuga bgose. 2 Amazina y’izo ntumwa cumi na zibiri n’aya: Uwa mbere ni Simoni, yitwa Petero, na mwene nyina Andereya, na Yakobo mwene Zebedayo na mwene nyina Yohana, 3 na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo, 4 na Simoni Umunyakananayo, na Yuda Isikaryota, umwe yamugura. 5 Abo cumi na babiri Yesu arabatuma ababarira, ati Ntimuze mujane inzira ija mu banyamahanga, canke mu bisagara vy’Abasamariya. 6 Ariko muje mu ntama zazimiye zo mu muryango wa Isirayeli. 7 Uko mugenda kwose mwigishe, mut’ Ubgami bgo mw ijuru buri hafi. 8 Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi. 9 Ntimutekere izahabu cank’ ifeza cank’ amahera mu mipfuko yanyu, 10 cank’ isaho y’impamba, kandi ntimujane amapfundo abiri, cank’ inkweto cank’ inkoni, kuk’ umukozi akwiye impembo yiwe. 11 Igisagara cose cank’ imihana muzoshikamwo, muhabaze ūbereye, mumurārire gushitsa aho muzovirayo. 12 Mucinjira mu nzu muyiramutse; 13 nya nzu ni yaba ibereye, amahoro yanyu azoyizako. Ni yaba itabereye, amahoro yanyu azobagarukako. 14 Kand’ umuntu n’atabākīra, canke ngo yumve amajambo yanyu, mukiva mur’ ino nzu canke muri nya gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu. 15 Ndababgire ukuri, ku musi w’amateka igihugu c’i Sodomu n’i Gomora kizogira agahengekezo kurusha nya gisagara. Amarushwa azoba ku ntumwa 16 Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe. 17 Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo. 18 Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampōra, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n’abanyamahanga. 19 Ariko babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muyuga n’ingene muzokivuga, kukw ivyo muvuga muzobihabga mur’ ako kanya. 20 Kukw atazoba ari mwebge muvuga, azoba ari Mpwemu wa So avugira muri mwebge. 21 Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe. 22 Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira. 23 Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi: kuko mbabgira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza. Yesu aremesha intumwa 24 Umwigishwa ntaruta umwigisha; kandi n’umushumba ntaruta shebuja. 25 Umwigishwa biramubereye kumera nk’umwigisha wiwe, n’umushumba nka shebuja. Nyen’ urugo ko bamwise Beyezebuli, non’ abo mu rugo rwiwe ntibazorushiriza kubīta bartyo? 26 Nuko ntimuze mubatinye, kukw ata catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana. 27 Ico mbabaririra mu mwiza muze mukivugire mu muco, kand’ ico mwongorewe mu gutwi muze mukivugire ku mazu hejuru. 28 Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu. 29 Mbeg’ utunyoni tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi. 30 Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. 31 Nuko ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi. 32 Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, nanje nzomwaturira imbere ya Data wo mw ijuru. 33 Arik’ umuntu wese azonyihakanira imbere y’abantu, nanje nzomwihakanira imbere ya Data wo mw ijuru. Kwikorera umusaraba 34 Mwoye kwiyumvira ngo naje gutera amahoro mw isi: sinaje gutera amahoro, atar’ inkota. 35 Kuko naje guteranya umwana na se, n’umukobga na nyina, n’umukazana na inabukwe. 36 Kand’ abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe. 37 Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ ūkunze umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye. 38 Kand’ ūtikoreye umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntaba ankwiye. 39 Ūrokora ubugingo bgiwe azobubura; n’ūheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka. 40 Ūbākiriye aba anyakiriye, kand’ ūnyakiriye aba yākiriye uwantumye. 41 Uwākīra umuntu avugishwa n’Imana kukw avugishwa na yo azohabga impēra nk’iy’ ūvugishwa n’Imana; uwākīra umuntu agororotse kukw agororotse azohabga impēra nk’iy’ umugororotsi. 42 Kand’ ūzoha umwe mur’ abo bato urwato rw’amazi apfutse gusa kukw ar’ umwigishwa, ndababgira ukuri yukw atazobura impēra yiwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi