Matayo 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Amazina ya ba sekuruza ba Yesu Kristo 1 Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi, Dawidi wa Aburahamu. 2 Aburahamu yavyaye Isaka, Isaka yavyaye Yakobo, Yakobo yavyaye Yuda n’abandi bavukana, 3 Yuda yavyaye Peresi na Zera kuri Tamari, Peresi yavyaye Hesironi, Hesironi yavyaye Ramu, 4 Ramu yavyaye Aminadabu, Aminadabu yavyaye Nahasoni, Nahasoni yavyaye Salumoni, 5 Salumoni yavyaye Bowazi kuri Rahabu, Bowazi yavyaye Obedi kuri Rusi, Obedi yavyaye Isayi, 6 Isayi yavyaye umwami Dawidi. Dawidi yavyaye Salomo kuri muka Uriya, 7 Salomo yavyaye Rehobowamu, Rehobowamu yavyaye Abiya, Abiya yavyaye Asa, 8 Asa yavyaye Yehoshafati, Yehoshafati yavyaye Yoramu, Yoramu yavyaye Uziya, 9 Uziya yavyaye Yotamu, Yotamu yavyaye Ahazi, Ahazi yavyaye Hezekiya, 10 Hezekiya yavyaye Manase, Manase yavyaye Amoni, Amoni yavyaye Yosiya, 11 Yosiya yavyaye Yekoniya n’abandi bavukana, mu gihe co kwambukanwa i Babuloni. 12 Kuva mu gihe co kwambukanwa i Babuloni Yekoniya yavyaye Shalutiyeli, Shalutiyeli yavyaye Zerubabeli, 13 Zerubabeli yavyaye Abihudi, Abihudi yavyaye Eliyakimu, Eliyakimu yavyaye Azori, 14 Azori yavyaye Sadoki, Sadoki yavyaye Akimu, Akimu yavyaye Elihudi, 15 Elihudi yavyaye Eleyazari, Eleyazari yavyaye Matani, Matani yavyaye Yakobo, 16 Yakobo yavyaye Yosefu, umugabo wa Mariya nyina wa Yesu yitwa Kristo. 17 Nuko ba sekuruza bose guhera kuri Aburahamu gushitsa kuri Dawidi n’icumi na bane, kandi guhera kuri Dawidi gushitsa ku gihe co kwambukanwa i Babuloni n’icumi na bane, kandi guhera ku gihe co kwambukanwa i Babuloni gushitsa kuri Kristo n’icumi na bane nyene. Ukuvuka kwa Yesu Kristo uko kwagenze 18 Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gurtya: nyina Mariya yar’ akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera. 19 Ariko Yosefu, umugabo wiwe, kukw ar’ umugororotsi, kandi kukw atagomvye kumutetereza, yiyumvira kumubengera mu mpisho. 20 Akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera. 21 Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’ umwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo. 22 Ivyo vyose vyabaye birtyo ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu kanwa k’uwavugishwa na we biboneke, 23 ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe. 24 Yosefu yikanguye aravyuka, agira nk’uk’ umumarayika w’Umwami Imana yamubariye, arongora umugeni wiwe. 25 Kandi ntiyigera amwēgēra gushitsa aho yavyariye umwana w’umuhungu; araheza amwita YESU. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi