Mariko 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ugukayangana kwa Yesu 1 Arababgira, ati Ndababgira ukuri: mur’ aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubgami bg’Imana buzananye n’ubushobozi. 2 Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero na Yakobo na Yohana, abadūgana igisozi kirekire ari bonyene. Ahinduka ukundi imbere yabo, 3 impuzu ziwe zirakayangana, zera derere, kandi nta mumesuzi kw isi yoshoboye kuzeza artyo. 4 Maze Eliya na Mose barabiyereka, bavugana na Yesu. 5 Petero abgira Yesu, ati Mwigisha, bitubereye vyiza ko turi hano, nuko duce insago zitatu, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya. 6 Ntiyar’ azi ico akwiye kuvuga, kuko bari baguye igihūmura. 7 Maz’ igicu kiraza kibatera igitūtu, ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, ni mumwumve. 8 Maze bakebaguza vuba, ntibaba bakigira uwundi babona, atari Yesu wenyene, ari kumwe na bo. 9 Bariko baramanuka ico gisozi, arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu badondera ivyo babonye, Umwana w’umuntu atarazuka avuye mu bapfuye. 10 Babīka iryo jambo, basiguzanya ivy’ ukuzuka mu bapfuye ivy’ ari vyo. 11 Baramubaza, bati Mbeg’ abanyabgenge b’ivyanditswe ko bavuga yuko Eliya akwiye kubanza kuza? 12 Arabishura, ati Eliya abanza kuza koko, akaroranya vyose neza. Ariko vyanditswe bite ku Mwana w’umuntu yukw azobabazwa vyinshi, agatiturwa? 13 Ariko ndababgira yuko Eliya yamaze kuza, kandi bamwigiriye uko bagomba kwose, nk’uko vyanditswe kuri we. Yesu akiza umuhungu arwaye intandara 14 Bariko barashikīra abigishwa, babona ishengero ryinshi ribajiguje, n’abanyabgenge b’ivyanditswe bahārīra na bo. 15 Uwo mwanya ishengero ryose rimurabutswe riratangara rwose, barirukanga baramusanganira, baramuramutsa. 16 Arababaza, ati Mwariko murabahāririza ibiki? 17 Umwe mur’ iryo shengero aramwishura, ati Mwigisha, nari nakuzaniye umwana wanje, yinjiwemwo n’impwemu y’ikiragi. 18 Ah’ imufatiye hose, imutūra hasi, akabimba ifuro, akazyegenya amenyo, akagenda ashira umunywera; mbarira abigishwa bawe ngo bayisende, irabananira. 19 Arabishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire. 20 Baramuzana. Iyo mpwemu imubonye ica iramujegeza cane, aratemba, arigaragura, abimba ifuro. 21 Yesu abaza se, at’ Amaze igihe kingana iki bimutera birtyo? Aramwishura, at’ Uhereye mu bgana bgiwe. 22 Kenshi cane imuta mu muriro no mu mazi ngw imwice. Ariko namba har’ ico woshobora, tugirire akagongwe udutabare. 23 Yesu aramwishura, at’ Uvuze uti Namba wobishobora? Erega vyose bishobokera uwizeye. 24 Se w’uwo mwana aca aturika cane, ati Ndizeye, fasha ukutizera kwanje. 25 Yesu abonye abantu bagwirirana biruka, akankamira iyo mpwemu ihumanye, ati Yewe mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi, ubganje ndakubariye muvemwo, ntukamugarukemw’ ukundi. 26 Irataka, iramujegeza cane, imuvamwo, amera nk’ūhwereye, bituma abenshi bavuga bat’ Arahwereye. 27 Yesu amufata ukuboko, aramuvyura, arahagarara. 28 Yinjiye mu nzu, abigishwa biwe bamubaza biherereye, bati Tweho mbega ko vyatunaniye kuyisenda? 29 Arabishura, ati Ben’ irya ntikūrwamwo n’ikindi atar’ ugusenga no kwisonzesha. Yesu avuga urupfu rwiwe 30 Bavayo, baca i Galilaya, agomba ko hatogira ūbimenya. 31 Kuko yigisha abigishwa biwe, at’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu, bazomwica, hashize imisi itatu bamwishe, azozuka. 32 Ariko bayoberwa iryo jambo, batinya kurimubaza. Yesu ahana abigishwa biwe ngo ntibarwanire ubukuru 33 Bashika i Kaperinawumu. Yinjiye mu nzu arababaza, ati Mwāhārīra ibiki mu nzira? 34 Barīhorera, kuko mu nzira bāhārīra umukuru wabo uw’ ari we. 35 Aricara, ahamagara bamwe cumi na babiri, arababgira, at’ Umuntu ni yagomba kuba uw’ imbere, n’abe inyuma ya bose, n’abe n’umukozi wa bose. 36 Yābīra akana, agahagarika hagati yabo; arakarera, arababgira, 37 at’ Ūzokwākīra umwe mu twana nk’aka mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra, si jewe yākīra, ariko yākīra uwantumye. Yesu yihaniza Yohana 38 Yohana aramubgira, ati Mwigisha, twabonye umuntu asenda abadayimoni mw izina ryawe, turamubuza, kukw atadukurikira. 39 Yesu aramwishura, ati Ntimumubuze, kukw ata muntu azokora igitangaza mw izina ryanje, azoshobora guca amvuga nabi. 40 Kuk’ ūtar’ umwansi wacu ari mu ruhande rwacu. 41 Umuntu wese azobaha n’urwato rw’amazi kuko muri mw izina rya Kristo, ndababgire ukuri, ntazobura impēra yiwe. Ibitsitaza abantu 42 Kand’ ūzotsitaza n’umwe mur’ abo bato banyizera, iciza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga. 43 Ukuboko kwawe ni kwagutsitaza, uguce igikonjo; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse igikonjo, hak’ uja muri Gehinomu mu muriro utazima, ufise amaboko yompi: [ 44 ah’ inyo zabo zidapfa, kandi n’umuriro utazima.] 45 N’ikirenge cawe ni cagutsitaza, ugice; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse ikirenge, hak’ utererwa muri Gehinomu, ufise ibirenge vyompi: [ 46 ah’ inyo zabo zidapfa, kandi n’umuriro utazima.] 47 N’ijisho ryawe ni ryagutsitaza, urinogore; vyokubera vyiza kwinjira mu bgami bg’Imana upfuye ijisho, hāk’ utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi: 48 ah’ inyo zabo zidapfa, kandi n’umuriro utazima. 49 Kand’ umuntu wese azoryoshwa n’umuriro, nk’uk’ umunyu uryosha. 50 Umunyu ni mwiza, arik’ umunyu woshira uburyohe, mwoba mukiwuryohesha iki? Mugire umunyu mu mitima yanyu, kandi mubane amahoro. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi