Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Mariko 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu anēbagurwa n’abo mu ntāra y’i wabo

1 Avayo, aja mu ntāra y’i wabo, abigishwa biwe baramukurikira.

2 Isabato ishitse, aca yigishiriza mw isinagogi: benshi bamwumvise baratangara, bat’ Ivyo vyose uyu yabikūye hehe? Kandi n’ubgenge ki yahawe, n’ivyo bitangaza bingaho bikorwa n’amaboko yiwe n’ibiki?

3 Mbega si wa mubāji, mwene Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose na Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza.

4 Yesu arababgira, at’ Umuntu avugishwa n’Imana ntabura icubahiro, atari mu ntāra y’i wabo, no mu muryango w’i wabo, no mu nzu y’i wabo.

5 Maze ntiyashobora gukoreray’ igitangaza na kimwe, atar’ abarwaye bake yarambitsekw ibiganza, akabakiza.

6 Atangazwa n’ukutizera kwabo. Agendagenda mu mihana ihakikije, yigisha.


Yesu atuma intumwa cumi na zibiri kwigisha

7 Ahamagara bamwe cumi na babiri, atangura kubatuma babiri-babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye.

8 Ababuza ngo ntibagire ico bajana ku nzira, atar’ inkoni gusa, ati Ntimujane impamba cank’ isaho cank’ amahera mu mipfuko yanyu,

9 ariko mwambare inkweto, kandi ntimwambare amapfundo abiri.

10 Kand’ arababgira, at’ Inzu yose muzokwinjiramwo, abe ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu.

11 Ahantu hose aho bazokwanka kubākīra ntibabumve, mukivayo muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.

12 Baragenda, bigisha kw abantu bakwiye kwihana.

13 Basenda abadayimoni benshi, basīga amavuta abarwaye benshi, barakira.


Ingene Herode yishe Yohana Umubatizi

14 Umwami Herode aravyumva, kukw izina rya Yesu ryari ribaye rurangiranwa, aravuga, ati Yohana Umubatizi yāzutse mu bapfuye, ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we.

15 Arikw abandi baravuga, bati Ni Eliya; abandi bati N’umuntu avugishwa n’Imana, nka ba bandi bāvugishwa na yo.

16 Ariko Herode avyumvise, aravuga, ati Yohana uwo naciye izosi ni we yazutse.

17 Kuko Herode ubgiwe ari we yari yatumye ngo bafate Yohana, aramuboha, amushira mw ibohero, kubga Herodiya muka Filipo mwene se, kuko Herode yamucikije.

18 Kandi Yohana yari yarabgiye Herode, ati N’ikizira k’ufise muka mwene so.

19 Ni co catumye Herodiya amugirira akazīka, agomba kumwica, ntiyaronka uburyo:

20 kuko Herode yatinya Yohana, amuzi kw agororotse kand’ ar’ umuntu yera, aramurinda: iy’ amwumvise hose, ivyiwe vyaramuzazanira, yamara yanezererwa kumwumva.

21 Maz’ umusi uragera, uburyo buraboneka: war’ umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode; atumira abaganwa biwe, n’abakuru b’abagabisha b’abasoda, n’abapfasoni b’i Galilaya, ngo baze abatereke.

22 Umukobga wa Herodiya nyene arinjira aratamba, Herode n’abashitsi biwe baramushima. Umwami abgira uwo mukobga, ati Nsaba ico ugomba cose, ndakiguha.

23 Aramurahira, at’ Ico unsaba cose ndakiguha, n’iyo coba igisate c’ubgami bganje.

24 Arasohoka, abaza nyina, ati Nsabe iki? Aramwishura, ati Saba umutwe wa Yohana Umubatizi.

25 Aca aza ah’ umwami ari n’ingoga, aramusaba, ati Ndagomba k’umpa nonaha umutwe wa Yohana Umubatizi ku mubehe.

26 Umwami arababara cane, ariko kubga za ndahiro ziwe, no kubg’ abāsangira na we, bimunanira kuwumwima.

27 Uwo mwanya umwami atuma umushibamyi, amubarira kuzana umutwe wa Yohana. Aragenda, amucira izosi mw ibohero,

28 azana umutwe wiwe ku kibehe, awuha wa mwigeme, na we awuha nyina.

29 Abigishwa biwe bavyumvise baraza, bajana ikiziga ciwe, bagihamba mu cobo.


Yesu ahāza abantu ibihumbi bitanu

30 Nuko za ntumwa zikoranira aho Yesu ari, zimudondera ivyo zakoze vyose n’ivyo zigishije.

31 Arababgira, ati Ni muze mwebge mwenyene ahiherereye mu gahinga, muruhuke gatoya. Kuko hāri benshi banyurana, babura n’ingene botamira utwo kurya.

32 Bagenda mu bgato, baja ahantu h’agahinga kwiherērayo.

33 Bababona bagenda, benshi barabamenya, bava mu bisagara vyose, barirukanga, bajana inkōkoro y’ikiyaga, babatangayo.

34 Avuye mu bgato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe kuko bameze nk’intama zitagira umwungere: atangura kubigisha vyinshi.

35 Umusi ukuze, abigishwa biwe baramwēgēra, bati Mbega hano hantu kw ari mu gahinga, umusi ukaba ukuze;

36 basezere, baje mu misozi no mu mihana impande zose, kwirondereray’ ivyo kurya.

37 Arabishura, ati Mube ari mwebge mubagaburira. Baramubaza, bati Tugende tugure imitsima y’idenariyo amajana abiri, tuyibahe ga barye?

38 Na we arababaza, ati Mufise imitsima ingahe? Ni mugende muyirābe. Babimenye baramwishura, bati Ni dutanu, n’udufi tubiri.

39 Ababarira ko bose bicara ku vyatsi bibisi bīcīye intēko.

40 Bicara imirongo‐imirongo, hamwe ijana‐ijana, ahandi mirongwitanu‐mirongwitanu, bartyo bartyo.

41 Yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira, amanyagura iyo mitsima, ayiha abigishwa ngo bayishire imbere y’abantu, n’ifi zompi na zo arazibagaburira bose.

42 Bararya bose barahāga.

43 Batororokanya utumanyagu tw’imitsima n’utw’ ifi, twuzura ibisimbo cumi na bibiri.

44 Abāriye iyo mitsima bār’ abagabo ibihumbi bitanu.


Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga

45 Uwo mwanya agōbēra abigishwa biwe ngo batambukire mu bgato, bitangire kujabuka hakurya i Betsayida, aheze gusezera rya shengero.

46 Ahejeje gusezerana na bo avayo, adūga umusozi gusenga.

47 Bgagorovye, bga bgato bushitse mw idamba, ariko we yar’ i musozi wenyene.

48 Abonye ko batamijwe no gusōza, kuk’ umuyaga war’ ubaturutse imbere, ku muteramyi agira kane aza aho bari, agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, yagira abarengane.

49 Ariko babonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, bagira ngo n’igihūme, batura ubuku.

50 Bose baramubona, basimbga n’umutima. Arik’ uwo mwanya arabavugisha, ati Hūmura ni jewe, ni mureke gutinya.

51 Aratambuka, aja mu bgato bārimwo: umuyaga uraca. Barumirwa cane mu mitima yabo:

52 kuko batātahuye ivya ya mitsima, arikw imitima yabo yar’ ikomantaye.


Yesu akiza abarwaye benshi

53 Bamaze kujabuka hakurya, bafata i musozi mu ntāra y’i Genesareti, bazirika ubgato ku nkombe.

54 Bavuye mu bgato, abaho baca baramumenya.

55 Birukanga impande zose mur’ ico gihugu cose, batangura guterura abarwaye mu nderuzo, babakwiragirana aho bamwumvise hose.

56 Kand’ aho yaja, mu mihana canke mu bisagara canke mu misozi, bāshira abarwaye mu tuguriro, bakamwinginga ngo bamukore naho hoba ku buyonga bg’impuzu yiwe gusa; abamukozeko bose bagakira.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan