Mariko 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Umugani w’umubivyi 1 Atangura ukundi gusha kwigishiriza ku nkombe y’ikiyaga. Ishengero ryinshi cane rikoranira kuri we, bimutera gutambukira mu bgato buri mu kiyaga, yicaramwo, ishengero ryose riguma ku nkombe y’ikiyaga. 2 Abigisha vyinshi mu migani, ababgira mur’ ukwo kwigisha kwiwe, 3 ati Ni mwumve; umubivyi yasohoye imbuto. 4 Akibiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira; inyoni ziraza, zirazinobagura. 5 Izindi zigwa ku rutare, hatar’ ivu ryinshi; zica zimera vuba, kukw ata vu ryinshi ririho: 6 izuba rirashe, ziraraba, kukw ata mizi zifise, zirūma. 7 Izindi zigwa mu mahwa, amahwa arakura, arazinyoha, ntizama. 8 Izindi zigwa mw ivu ryiza, ziramera, zirakura, zihunda impeke, zimwe mirongwitatu, izindi mirongwitandatu, izindi ijana, birtyo birtyo. 9 Kand’ at’ Ūri n’amatwi yumva, ni yumve. 10 Bīherereye, abāri kumwe na we na bamwe cumi na babiri bamubaza iyo migani; 11 arabishura, ati Mwebge mwahawe ibanga ry’ubgami bg’Imana, arikw abo hanze babarirwa vyose mu migani: 12 ngo kurāba barābe, yamara ntibavyitegereze; kwumva bavyumve, yamara ntibabitahure; ngo kumbure bohindukira bagaharirwa. 13 Kand’ arababaza, ati Ntimuzi uwo mugani? Non’ imigani yose muzoyitahura mute? 14 Umubivyi abiba ijambo ry’Imana. 15 Ab’i ruhande y’inzira, ah’ iryo jambo ribibga, iyo bahejeje kwumva, Satani aca aza uwo mwanya, akabakūramw’ iryo jambo ryabibge muri bo. 16 N’aba n’uko, ni bo bābibge ku rutare; iyo bumvise iryo jambo, baca baryākīrana umunezero, 17 ntibagire imizi muri bo, ariko bahagarara umwanya muto, maz’ iyo bādutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo bazira iryo jambo, bica bibagwisha. 18 Abandi ni bo bābibge mu mahwa, abo ni bo bumva iryo jambo, 19 maz’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi no kwifuza ibindi, iyo bibinjiyemwo, binyoha iryo jambo, rikaba ikirumbirane. 20 Abābibge mw ivu ryiza, abo ni bo bumva iryo jambo bakaryemera, bagahunda impeke, umwe mirongwitatu, uwundi mirongwitandatu, uwundi ijana, birtyo birtyo. Iyindi migani itatu 21 Kand’ arababaza, ati Mbeg’ itara rizanwa ngo baryubikekw igisimbo canke barishire mu rutara, ntirishirwa ku gitereko caryo? 22 Kukw ata canyegejwe kitazoserurwa, cank’ icagizwe ibanga kitazoja ahabona. 23 Ūri n’amatwi yumva, ni yumve. 24 Kand’ arababarira, ati Mwiyubare mu vyo mwumva. Ingero mugeramwo ni yo muzogererwamwo, kandi muzorengerezwa: 25 kuk’ ūfise azohabga, arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ asanzwe afise. 26 Yongera kubabgira, at’ Ubgami bg’Imana busa n’umuntu yabivye imbuto mw ivu, 27 bgije agasinzira, bugaca akavyuka, imbuto zikamera, zigakura, atazi ingene zakuze. 28 Ivu rimeza ryonyene, habanza kuba ibironge, hanyuma hakaba imiyange, hanyuma hakaba amahundo atēngēngeye impeke. 29 Maz’ imirima yeze, aca ayitemesha umuhoro, kukw igihe c’ishwābūra kigeze. 30 Kand’ arababaza, at’ Ubgami bg’Imana tubushushanye n’iki? Canke tubusobanurishe umugani ki? 31 Busa n’akabuto ka sinapi, iyo gatewe mw ivu, nah’ ari kanzinya hanyuma y’imbuto zose ziri mw isi; 32 arikw iyo gatewe, karakura, kakaba kanini, kakaruta ibirimwa vyose, kagashamika amashami manini, kand’ inyoni zo mu kirere zishobora kwārika ivyāri mu gitūtu cako. 33 Kand’ ababgira ijambo ry’Imana mu migani myinshi imwe n’iyo, uko bashobora kwumva. 34 Kand’ atabaciriye umugani nta co yababgira, ariko yihereranye n’abiwe bigishwa akabibasobanurira vyose. Inkūbi y’umuyaga mu kiyaga 35 Kur’ uwo musi bugorovye, arababgira, ati Tujabuke tuje hakurya. 36 Basiga abantu hano, bamujana mu bgato yahozemwo, kand’ ayandi mato yari kumwe na bo. 37 Nuko haza inkūbi ikomeye y’umuyaga, imipfunda yisuka mu bgato, bgariko buruzura. 38 Ariko we yar’ aryamye mu mutwe w’inyuma, yiseguye umusego yisinziriye. Baramukangura, baramubaza, bati Mwigisha, ntubabaye ko turiko turapfa? 39 Arikangura, azibiza ingunza, abarira ikiyaga, ati Hora, utekereze. Umuyaga uraca, haba agahwekere rwose. 40 Arababaza, ati N’iki kibateye ubgoba? Ntimurizera? 41 Baratinya, bagira ubgoba bginshi, barabazanya, bati Mbeg’ uyu n’umuntu ki, umuyaga n’ikiyaga ko bimwumvira? |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi