Mariko 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Umumarayika avuga yuko Yesu azutse 1 Maz’ isabato ishize, Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo, na Salome bagura ibimota neza, ngo baje kubimusīga. 2 Kandi mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi barazinduka, bashika ku mva izuba rimennye ijuru. 3 Barabazanya, bati Ni nde adutembagariza ikibuye co ku munwa w’imva? 4 Maze bunamuye amaso babona ca kibuye catembagajwe cavuyeho, kandi cari kinini cane. 5 Maze binjiye mu mva, babona umusore yicaye mu ruhande rw’i buryo, yambaye imvune yera, barūmirwa cane. 6 Arababgira, ati Nta co mwumirwa: ndazi yuko murondera Yesu Umunyanazareti umwe yabambga: none yazutse, ntari hano: ehe, rāba aho bāri bamushize! 7 Ariko ni mugende mubgire abigishwa biwe na Petero, mut’ Arabītangira imbere kuja i Galilaya, iyo ni ho muzomubonera, nk’uko yababgiye. 8 Bava mu mva, barahunga, kuko bari bafashwe n’agatengo n’akumiza, maze ntibāgira ico babgira umuntu n’umwe, kuko batinye. [ Yesu yiyereka abigishwa bamwe 9 Yesu amaze kuzuka mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi, abanza kwiyereka Mariya Magadalene, uwo yasenzemw’ abadayimoni ndwi. 10 Uwo aragenda, abibarira abābana na we, asanga bababaye barira. 11 Na bo bumvise kw ari muzima, kandi ko yamwiboneye, ntibāvyemera. 12 Hanyuma y’ivyo yiyereka babiri muri bo, afise iyindi shusho, bagenda baja mu misozi. 13 Na bo nyene baragenda, babibgira abasigaye, maze ntibābemerera na bo. 14 Hanyuma yiyereka bamwe cumi n’umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw’imitima yabo, kuko batemereye abāmubonye, amaze kuzuka. 15 Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza. 16 Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’ ūtizera azotsindwa n’urubanza. 17 Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha; 18 bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire. Yesu adūzwa mw ijuru 19 Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana. 20 Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amen.] |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi