Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Mariko 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umugani w’abarimyi b’abagarariji

1 Atangura kubabgira mu migani, ati Hābaye umuntu yateye uruzabibu, aruzitirira uruzitiro, yimbamw’ ubgato bg’ikinogo, yubakamw’ umutara, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga.

2 Hageze mw iyera atuma umukozi ku barimyi, ngw aze yake abo barimyi ivyāmūwe mu ruzabibu.

3 Baramufata, baramushishagura, bamurungika gusa.

4 Yongera kubatumak’ uwundi mukozi, uwo bamukubita uruguma mu mutwe, baramutetereza.

5 Atuma uwundi, uwo we baramwica: atuma n’abandi benshi, bamwe barabashishagura, abandi barabica.

6 Yar’ agisigaranye umwe, umwana wiwe akunda: hanyuma amubatumako, ati Bazosonera umwana wanje.

7 Maz’ abo barimyi baravugana, bat’ Urya ni we samuragwa; ni muze tumwice, umwandu uz’ ube uwacu.

8 Baramufata, baramwica, bamukwegera inyuma y’uruzabibu.

9 None nyen’ uruzabibu azogenza ate? Abo barimyi azoza abice rubi, uruzabibu arusigarane abandi.

10 Mbega nta ho murasoma iki canditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka;

11 Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu?

12 Barondera ingene bomufata, batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani; bamusiga hano, baragenda.


Abafarisayo bamugezesha ivy’ ikori

13 Bamutumako bamwe mu Bafarisayo n’abantu ba Herode, ngo bamutegeshe amajambo.

14 Bāje baramubgira, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi k’udatinya umuntu wese ku kigohe, kuk’ udatinya ijunja ry’abantu, ariko ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri. Mbega biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?

15 Turitange, canke dusigeho? Maz’ amenye uburyarya bgabo arababaza, ati Mungereza iki? Ni munzanire idenariyo, ndayirābe.

16 Barayizana. Arababaza, at’ Iki gishushanyo n’ibi vyanditsweko n’ivya nde? Baramwishura, bati N’ivya Kayisari.

17 Yesu arababarira, at’ Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana. Baramutangarira cane.


Yesu yishura Abasadukayo ivy’ ukuzuka

18 Maz’ Abasadukayo baza kuri we, abahakana yukw ata kuzuka kuriho, baramubaza,

19 bati Mwigisha, Mose yatwandikiye yuko mwene nyina w’umuntu ni yapfa, agasiga umugore wiwe, adasize umwana, mwene nyina akwiye gucūra uwo mugore, ngw ahonore mwene nyina.

20 Hābaye abavukana ndwi: uwa mbere ararongora, arapfa, ntiyasiga abana;

21 uwa kabiri acūra umupfakazi wiwe, na we apfa adasize abana; n’uwa gatatu aba artyo;

22 bose ukw ar’ indwi ntibāsiga abana. Hanyuma ya bose, na wa mugore arapfa.

23 Mbega mw izuka azoba muka nde muri bo? Ko bāri bamufise bose ukw ar’ indwi!

24 Yesu arabishura, at’ Igituma muzimira mbega s’uko mutāmenye ivyanditswe cank’ ubushobozi bg’Imana?

25 Aho bazozukira mu bapfuye ntibazorongora kandi ntibazoshingirwa: bazoba nk’abamarayika bo mw ijuru.

26 Arikw ivy’ abapfuye yuko bazurwa, nta ho murasoma mu gitabo ca Mose hamwe havuga ivy’ Igisaka c’amahwa, ingen’ Imana yamubgiye, iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo?

27 Imana s’iy’ abapfuye, n’iy’ abariho: mwarazimiye cane.


Ibgirizwa rikuru

28 Haza umwe mu banyabgenge b’ivyanditswe yumva babazanya, amenye kw abishuye neza, aramubaza, at’ Ibgirizwa ry’imbere muri yose n’irihe?

29 Yesu aramwishura, at’ Iry’ imbere n’iri, ngo Ni mwumve, yemwe Bisirayeli: Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene.

30 Kandi mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’ubgenge bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose.

31 Irya kabiri ngiri, Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda; nta rindi bgirizwa risumba ayo.

32 Uno munyabgenge w’ivyanditswe aramubgira, ati Ni koko, Mwigisha, uvuze ivy’ ukuri yukw ar’ Imwe, nta yindi, atari yo yonyene:

33 kandi kuyikundisha umutima wose, n’ugutahura kwose, n’inkomezi zose, bo n’ugukunda mugenzawe nk’uko wikunda, biruta cane ibimazi vyose vyoshejwe n’ibitoshejwe.

34 Yesu abonye amwishuranye ubgenge, aramubgira, ati Nturi kure y’ubgami bg’Imana. Ntihāgira ūsubira kwubahuka kugira ico amubaza.


Umwana wa Dawidi

35 Kandi Yesu yigishiriza mu rusengero, arababaza, at’ Abanyabgenge b’ivyanditswe bavuga bate yuko Kristo ari mwene Dawidi?

36 Dawidi ubgiwe yavugishijwe na Mpwemu Yera, aravuga, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y’ibirenge vyawe.

37 Dawidi kw ari we amwita Umwami, non’ ivyo kuba umwana wiwe vyavuye hehe? Abenshi mw ishengero banezererwa kumwumva.


Yesu abuza abigishwa gukurikira abanyabgenge b’ivyanditswe

38 Kand’ ababarira mu kwigisha kwiwe, ati Mwirinde abanyabgenge b’ivyanditswe, bakunda kugenda bambaye imvune, no kugirwako bgakeye mu tuguriro,

39 no kwicara ku ntebe z’icubahiro mu masinagogi, n’ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe.

40 Barya ingo z’abapfakazi, kandi basengesha menshi bahumba: abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.


Umupfakazi w’umworo

41 Yicara yerekeye ku masandugu y’amahera, abona ingen’ ishengero rishikana amahera, bayaterera mur’ ayo masandugu: benshi b’abatunzi batereramwo menshi.

42 Haza umupfakazi w’umworo, atereramw’ amasenge abiri, ni yo kuta.

43 Ahamagara abigishwa biwe, arababgira, ati Ndababgire ukuri, Uyu mupfakazi w’umworo ashikanye ibirengeye ivyo bose batereye mu masandugu:

44 kuko bose bashikanye ku bibasāgutse, ariko we ku bgoro bgiwe ashikanye ivyo yar’ afise vyose, n’ibimutunze vyose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan