Mariko 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ukwahukana ntikubereye 1 Arīkora avayo, aja mu gihugu c’i Yudaya no hakurya ya Yorodani, ishengero ryongera gukoranira kuri we, yongera kubigisha nk’uko yamenyereye. 2 Abafarisayo baza kuri we, baramugeza, bati Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore wiwe? 3 Na we arababaza, ati Mose yabagereye iki? 4 Baramwishura, bati Mose yemeye ko handikwa icete co kuvāvānura, akamwirukana. 5 Yesu arababgira, ati Gukomantara kw’imitima yanyu ni kwo kwamwandikishije ico cagezwe. 6 Arik’ uhereye kw itanguriro ry’ukuremwa, Imana yabaremye bar’ uburyo bubiri. 7 Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, 8 bompi bakaba umubiri umwe. Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. 9 Nukw ico Imana yamatanije umuntu ntaz’ akimature. 10 Yinjiye mu nzu abigishwa bongera kumubaza iryo jambo. 11 Arababgira, at’ Umuntu wese yirukana umugore wiwe, akābīra uwundi, aba asambanye kand’ amuhemukiye. 12 Kandi na we ubgiwe, ni yāhukana n’umugabo wiwe, akābīrwa n’uwundi, azoba asambanye. Yesu ahezagira abana bato 13 Maze bamuzanira abana bato, ngw abakoreko: abigishwa barabakankamira. 14 Maze Yesu abibonye, araraka, arababarira, ati Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ ubgami bg’Imana ar’ ubg’ abameze bartyo. 15 Ndababgire ukuri, ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto, ntazobginjiramwo na gatoya. 16 Arabarera, arabahezagira, abarambitsekw ibiganza. Umutunzi 17 Agisohoka ngw akomeze urugendo, haza umuntu kuri we yirukanga, aramupfukamira, aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira? 18 Yesu aramubaza, at’ Unyitira iki mwiza? Nta mwiza, atar’ umwe, ni we Mana. 19 K’uzi ivyagezwe, ngo Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma, ntukagunge, wubahe so na nyoko. 20 Aramubgira, ati Mwigisha, ivyo vyose naravyitondeye, mpereye mu buto bganje. 21 Yesu amwitegereje aramukunda, aramubgira, at’ Uhajije kimwe: genda, ushōre ivy’ utunze vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire. 22 Yumvise iryo jambo arijirwa, agenda ababaye, kuko yar’ afise itunga ryinshi. 23 Yesu yeraguza amaso, abgira abigishwa biwe, at’ Erega biragoye kw aba vyinshi binjira mu bgami bg’Imana! 24 Abigishwa batangazwa n’amajambo yiwe. Yesu yongera kubabgira, ati Bana banje, erega biragoye kw abizigiye ubutunzi binjira mu bgami bg’Imana! 25 Icoroshe n’ingamiya guca mu zuru ry’urushinge biruta umutunzi ko yinjira mu bgami bg’Imana. 26 Baratangara rwose, bati None rero, ni nde ashobora gukizwa? 27 Yesu arabitegereza, arababgira, ati Kubg’ abantu ntigishoboka, ariko ku Mana s’uko, kuko vyose bishobokera Imana. Inshumbushanyo z’ivyaretswe 28 Maze Petero atangura kumubgira, ati Rāba, twebge twaretse vyose turagukurikira. 29 Yesu arababgira, ati Ndababgire ukuri, Nta waretse inzu, canke bene nyina, canke bashiki biwe, canke nyina, canke se, cank’ abana, cank’ itongo, kubganje no kubg’ ubutumwa bgiza, 30 atazobishumbushwa ijana mur’ iki gihe ca none, amazu, na bene nyina, na bashiki biwe, na ba nyina, n’abana, n’itongo, bisukiranijwe no guhamwa, kandi mu gihe kizoza azohabga ubugingo budashira. 31 Ariko benshi b’imbere bazoba ab’ inyuma, kand’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere. Yesu avuga ivy’ urupfu rwiwe 32 Bāri mu nzira badūga i Yerusalemu. Yesu yar’ abagiye imbere, baratangara, abāmukurikira baratinya. Yongera kujana bamwe cumi na babiri bar’ ukwabo, atangura kubabarira ibigira bimubeko, 33 at’ Ehe, turadūze i Yerusalemu, kand’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bazomucira urubanza rwo gupfa, bamuhe abanyamahanga, 34 bamushinyagurire, bamuvume amate, bamutonagure, bamwice, maz’ imisi itatu ishize azozuka. Ubukuru bgo mu bgami bg’Imana 35 Yakobo na Yohana bene Zebedayo baramwēgēra baramubgira, bati Mwigisha, turagomba k’uduha ico tugusaba cose. 36 Arababaza, ati Mugomba ko mbaha iki? 37 Baramwishura, bat’ Uduhe ngo tuze twicare, umwe i buryo bgawe uwundi i bumoso, mu bgiza bgawe. 38 Maze Yesu arabishura, ati Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe nnywerako, canke kubatizwa umubatizo mbatizwa jewe? 39 Baramwishura, bati Turashobora. Yesu arababgira, at’ Igikombe nnywerako, muzokinywerako, kandi muzobatizwa umubatizo mbatizwa jewe. 40 Ariko gutanga ivyicaro i buryo bganje cank’ i bumoso, s’ivyanje, shit’ abo vyateguriwe. 41 Bamwe cumi bavyumvise batangura kwitonganiriza ivya Yakobo na Yohana. 42 Yesu arabahamagara, arababgira, ati Murazi yukw abavugwa ko baganza amahanga bayatwaza amanyama, kandi n’abakuru bayo bayagirak’ ububasha. 43 Ariko muri mwebge si ko biri. Yamar’ ūgomba kuba mukuru muri mwebge, az’ abe umukozi wanyu: 44 kand’ ūgomba kuba uw’ imbere, az’ abe umuja wa mwese. 45 Kuko na none Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi. Yesu ahumūra impumyi yitwa Barutimayo 46 Nuko bashika i Yeriko: akivana i Yeriko n’abigishwa biwe n’ishengero ryinshi, mwene Timayo yitwa Barutimayo, umusēzi w’impumyi, yari yicaye i ruhande y’inzira. 47 Yumvise kw ari Yesu Umunyanazareti atangura gutakamba, ati Yesu, mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi. 48 Abantu benshi baramuzibiranya ngw ahore: arikw arushiriza cane gutakamba, ati Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi. 49 Yesu arahagarara, arababarira, ati Ni mumuhamagare. Bahamagara iyo mpumyi, barayibgira, bati Hūmura, va hasi, araguhamagaye. 50 Na yo ita impuzu yayo, irabaduka, yēgēra Yesu. 51 Yesu arayibaza, at’ Ugomba ko ngukorera iki? Ino mpumyi iramwishura, iti Ndagomba guhumūka, Mwigisha. 52 Yesu arayibgira, ati Genda, ukwizera kwawe kuragukijije. Aca arahumūka, amukurikira ku nzira. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi