Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Malaki 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umusi wo kugaruka kw’Umwami wacu

1 Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.

2 Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.

3 Kandi muzosiribanga abanyakibi; bazoba umunyota musi y’ibirenge vyanyu ku musi nzoshinga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

4 Ni mwibuke ivyagezwe vy’ umusavyi wanje Mose, amabgirizwa n’ivyashinzwe, ivyo namugereye i Horebu kuba ivyo kuganza Abisirayeli bose.

5 Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika.

6 Uwo ni we gisāngānya azosāngānya imitima ya ba se n’iy’ abana; kugira ngo noye kuzoza ngatera isi umuvumo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan