Malaki 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ibivuga ivyo kuzoza kwa Yohana Umubatizi n’ukw’ Umwami Yesu 1 Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 2 Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’ azoserukira? Kukw ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi. 3 Kand’ azovyagira nk’ uwicaye avugutira ifeza akayimaramw’ inkamba: kand’ abahungu ba Lewi azobamaramw’ inkamba, abatunganye nk’uko batunganya izahabu n’ifeza; maze bazoshikanira Uhoraho amashikanwa mu bugororotsi. 4 Ni ho amashikanwa y’i Buyuda n’i Yerusalemu azohimbara Uhoraho, nk’uko vyamuhimbara mu misi ya kera no mu myaka yahise. 5 Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 6 Kuko jewe Uhoraho ata ho mpinduka; ni co gituma, mwebge bana ba Yakobo, mutāmazwe rwose. Abagunga Imana ivyayo 7 Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabgirizwa yanje, ntimuyitondere. Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. Yamara muravuga, muti Twogaruka mu buryo ki? 8 Mbeg’ umuntu yogunga Imana? Ariko mwebge mwarangunze. Yamara muravuga, muti Twakugunze ibiki? Mwangunze ikigiracumi n’amashikanwa. 9 Wa muvumo murawuvumwe: kukw ihanga ryose uko mungana mwangunze. 10 Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza. 11 Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 12 Kand’ amahanga yose azobīta abanyehirwe: kuko muzoba igihugu c’igikundiro, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 13 Amagambo mwamvuze yar’ akomeye, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Twakuvuze ibiki? 14 Mwavuze ngo Gukorera Imana nta kimazi; kandi muti Vyatwunguye iki ko twitondeye ivyo yashinze, tukagendera imbere y’Uhoraho Nyen’ ingabo twiraburaniwe? 15 Noneh’ abībone ni bo twita abanyehirwe, mber’ abakora ibibi bagirwa abakomeye; ushime bagerageza Imana bagakira. Abubaha Imana uko bazomera 16 Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’ igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe. 17 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga, babe abo niharije ubganje; kandi nzobagirira ikigongwe, nk’uk’ umuntu akigirira umwana wiwe amukorera. 18 Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi