Malaki 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ingen’ abaherezi bishe amasezerano 1 Nuko rero mwa baherezi mwe, iri bgirizwa ni mwebge ndaribgirije. 2 Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’ umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma; mbere mmaze no kuyivuma, kuko mutarishizek’ umutima. 3 Rāba nzovuma imbuto zanyu, ari mwebge mubinteye, kandi nzobasīga mu maso amayezi y’ibimazi vyanyu; muzoyoranwa na yo. 4 Ni ho muzomenyera kw ari jewe nabarungikiye iryo bgirizwa, kugira ngw isezerano nasezeranye na Lewi rimugumeko, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 5 Isezerano nasezeranye na we ryar’ iry’ ubugingo n’amahoro; nabimuhaye ngw anyubahe: maz’ aranyubaha, ahindishwa agashitsi n’izina ryanje. 6 Icagezwe c’ukuri caba mu kanwa kiwe, kandi mu minwa yiwe nta bigoramye vyahumvikana; yagendana nanje mu mahoro no mu bugororotsi, yahindura benshi bakareka ibigabitanyo. 7 Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo. 8 Ariko mweho mwarakebeje muta inzira; mutsitaje benshi mu vy’ivyagezwe; mwononye isezerano rya Lewi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 9 Nanje ni co gitumye mbahindura inkēngērwa, nkabacisha bugufi imbere y’abantu bose, kuko mutakomeje inzira zanje, ariko mukarobanura abantu ku cubahiro mu vy’ivyagezwe. Ivyaha vy’abantu b’Imana 10 Mbega twese ntidusangiye Data? Imana yaturemye s’imwe? None n’iki gituma turyarukana, umuntu wese aryaruka mwene wabo, tukica isezerano ryasezeraniwe ba sogokuruza? 11 Yuda araryaruka, kandi bakora ibizira mu Bisirayeli n’i Yerusalemu; kuko Yuda ahumanije ahēra Uhoraho akunda, yābiriye umukobga w’imana y’inyamahanga. 12 Ūkora ben’ ivyo, Uhoraho azomurandura mu mahema ya Yakobo, ar’ umuteramyi, ar’ uwitaba, ar’ ūshikanira Uhoraho Nyen’ ingabo ishikanwa. 13 Kand’ ikigeretseko mukora, mutotesha igicaniro c’Uhoraho amosozi, mwīriza, musuhuza imitima, bigatuma atanakibabaye amashikanwa yanyu, ngw ayākīre ayemeye. 14 Yamara muravuga, muti Ni ku ki? Ni kuk’ Uhoraho yabaye icabona canyu, mwe n’umugore wawe wo mu bucance, uwo waryarutse, nah’ ar’ umugenzi wawe, akaba n’umugore w’isezerano. 15 Nta wokoze ben’ ivyo, Mpwemu akiri muri we. Ūmufise bimumerera bite? Yifuza kugira uruvyaro ruzokwubaha Imana. Nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, ntihagire ūryaruka umugore wiwe wo mu bucance. 16 Kuko nanka ivyo kwahukana, ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, nanka n’ūtwikira umwambaro wiwe umuryano, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, mwoye kuryarukana. 17 Uhoraho mwaramurambiye n’amagambo yanyu; yamara muravuga, muti Twamurambiye dute? Ni kuko muvuga yuk’ umuntu wese akora ivyaha ari mwiza imbere y’Uhoraho, ngo Kand’ aramuhimbara; canke ngw Imana ica imanza iri hehe? |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi