Malaki 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ukw Abisirayeli bākēngereye urukundo rw’Imana 1 Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli, yatumwe Malaki. 2 Narabakunze, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Wadukunze mu biki? Mbega Esau ntiyari mukuru wa Yakobo? ni k’Uhoraho abaza; ariko rero nakunze Yakobo, 3 Esau na we naramwanse, mpindura imisozi yiwe amatongo, ishamvu yiwe ndayiha imbgebge zo mu bugaragwa. 4 Naho Edomu yavuga, ati Dutsinzwe hasi, ariko tuzosubira kwubaka ahāsanganguwe; uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazokwubaka, ariko nanje nzosambura. Abantu bazobīta intāra y’ibigabitanyo, babīte n’ubgoko Uhoraho yama arakiye ibihe bidashira. 5 Kand’ amaso yanyu azovyibonera, namwe muvuge, mut’ Uhoraho arahambaye no hirya y’urugabano rw’i Bgisirayeli. 6 Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute? 7 Ni kuko mwashikanye ivyo kurya bihumanye ku gicaniro canje. Maze mukavuga, muti Twaguhumanishije iki? Ni kuko mwavuze yukw ameza y’Uhoraho ar’ igikēngēretse. 8 Ereg’ iyo mutanze impumyi kw ikimazi, mugira ngo Nta co biriko! N’iyo mutanze iyicumbagira n’iyirwaye, na ho nyene ngo Nta co biriko! Genda uyishikanire icēgēra c’umwami: mbeg’ ubgo yogushimira, canke yokwemera n’uko mubonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza. 9 Enda rero, ni mwinginge Imana idutunge, itugirire ikigongwe, kukw ivyo vyabaye kubganyu: mbega nyene, hari n’umwe muri mwebge yokwemerera ko babonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza. 10 Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye. 11 Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 12 Ariko mweho murarihumanya, kuko muvuga, mut’ Ameza y’Uhoraho aranduye, kandi n’ivyo aduhēra kuri yo vy’ivyo kurya n’ibikēngēretse. 13 Ikindi muvuga, mut’ Ewe miruho turimwo! kandi muravyimyoza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kandi muzana ico munyaze, n’igicumbagira n’ikirwaye: uko ni ko muzana amashikanwa. Mbega ben’ ayo mashikanwa noyemera? ni k’Uhoraho abaza. 14 Arik’ umuntu w’ingunge aravumwe, afise isukurume mu mukuku wiwe yasezeranye kuyishikana, maz’ agashikanira Umwami Imana iyifise agasembga; kuko nd’Umwami ahambaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ izina ryanje riteye ubgoba mu banyamahanga. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi