Luka 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesu atuma abigishwa cumi na babiri kwigisha 1 Akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ubushobozi n’ububasha ku badayimoni bose no gukiza indwara. 2 Abatuma kubarira abantu ivy’ ubgami bg’Imana, no gukiza abarwaye: 3 arababarira, ati Ntimugire ico mujana ku nzira, ar’inkoni cank’ isaho, cank’ impamba, cank’ amahera: kandi ntimugire amapfundo abiri. 4 Kand’ inzu yose muzokwinjiramwo, abe ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu. 5 Abazokwanka bose kubākīra, mukiva mur’ ico gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona. 6 Baragenda, bagendagenda mu mihana, bavuga ubutumwa bgiza, bakiriza abarwaye hose. Herode azazanirwa n’ivya Yesu 7 Maz’ umwami Herode, yumvise ivyābaye vyose, arazazanirwa, kuko bamwe bāvuga, bati Yohana yazutse mu bapfuye; 8 abandi bati Ni Eliya yiseruye; abandi bati N’umwe mu bāvugishwa n’Imana ba kera yazutse. 9 Herode aravuga, ati Yohana ni jewe namwiciriye izosi; mbeg’ uwo ni nde, numvakw ibimeze birtyo? Arondera uko yomubona. Yesu ahāza abantu ibihumbi bitanu 10 Za ntumwa zigarutse zidondera Yesu ivyo zākoze vyose. Arabajana, abīhererana mu gisagara citwa Betsayida. 11 Maz’ ishengero ribimenye riramukurikira: arabākīra, ababgira ivy’ ubgami bg’Imana, kand’ abāgomba kuvūrwa arabakiza. 12 Umusi ukuze, bamwe cumi na babiri baramwēgēra, bati Sezera abantu, baje mu mihana no mu misozi impande zose bāke indāro, baronke ivyo kurya, kuko hano turi mu gahinga. 13 Arababarira, ati Mube ari mwebge mubagaburira. Baramubgira, bati Nta kindi dufise, atar’ udutsima dutanu n’udufi tubiri, shiti tugiye gusumira aba bantu bose. 14 Kuko bār’ abagabo nk’ibihumbi bitanu. Abarira abigishwa biwe, ati Ni mubicarike bīcīye intēko z’abantu nka mirongwitanu‐mirongwitanu. 15 Babigira bartyo, barabīcarika bose. 16 Yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira, arabimanyagura, abiha abigishwa ngo babishire imbere y’abantu. 17 Bararya, barahāga bose, batororokanya utumanyagu tw’ imisigazwa, twuzura ibisimbo cumi na bibiri. Petero ashinga intahe yuko Yesu ari Kristo 18 Maze yarikw arasenga yiherereye, abigishwa biwe bāri kumwe na we; arababaza, at’ Abantu bagira ngo ndi nde? 19 Baramwishura, bati Bagira ng’ uri Yohana Umubatizi; abandi ng’ uri Eliya; abandi ng’ ur’ umwe mu bāvugishwa n’Imana ba kera yazutse. 20 Arababaza, at’ Ariko mweho mugira ngo ndi nde? Petero aramwishura, at’ Uri Kristo w’Imana. 21 Arabihanikiriza, ababarira kutagira umuntu babgira ivyo; 22 at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu. Ugukurikira Yesu mu nzira y’umusaraba 23 Abgira bose, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe uko bukeye, ankurikire. 24 Kuk’ ūgomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura; arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe kubganje azobukiza. 25 Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose, ni yabura ubugingo bgiwe, canke ni yabgakwa kw icīru? 26 Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bgiwe n’ubga Se n’ubg’ abamarayika bera. 27 Ariko ndababgire ukuri: Mur’ aba bahagaze hano, harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubgami bg’Imana. Ugukayangana kwa Yesu 28 Hanyuma y’ayo majambo, hashize imisi nka munani, ajana Petero na Yohana na Yakobo, adūga igisozi, aja gusenga. 29 Arikw arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana. 30 Abagabo babiri bavugana na we, yari Mose na Eliya, 31 baboneka bafise ubgiza, bavuga ivyo kuzotāmbūra kwiwe, agira anonosorere i Yerusalemu. 32 Petero n’abāri kumwe na we bāri baremerewe n’itiro, bikanguye rwose babona ubgiza bgiwe na ba bagabo babiri bahagararanye na we. 33 Bagira batandukane na we, Petero abgira Yesu, ati Mwigisha, bitubereye vyiza ko turi hano; nuko duce insago zitatu, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya. Ntiyar’ azi ico avuga. 34 Akibivuga, igicu c’igipfungu kiraza, kibatera igitūtu; ico gipfungu kikibashikako, baratinya. 35 Ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje natoranije, ni mumwumve. 36 Iryo jwi rishize, Yesu aboneka ar’ umwe. Barabihora, ntihāgira umuntu mur’ iyo misi babgira na kimwe mu vyo bābonye. Yesu akiza umuhungu arwaye intandara 37 Bukeye bg’aho bamanutse ico gisozi, ishengero ryinshi riramusanganira. 38 Kand’ umugabo wo muri bo avuga n’ijwi rirenga, ati Mwigisha ndakwinginze, ndābira umwana, kuko namuvyaye ar’ ikinege, 39 kandi har’ impwemu imufata, agatura akaborogo, ikamujegeza, akabimba ifuro, kand’ ihejeje kumukungagura ikagora cane kumuvamwo. 40 Nanje ninginze abigishwa bawe kuyisenda, irabananira. 41 Yesu arishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe no kubihanganira? Zana hano umwana wawe. 42 Arikw araza, dayimoni amutūra hasi, aramujegeza cane; Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se. 43 Bose batangazwa n’icubahiro gihambaye c’Imana. Ariko bose bagitangarira ivyo yakoze vyose, abarira abigishwa biwe, Yesu avuga urupfu rwiwe 44 ati Mushire aya majambo mu matwi yanyu: Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu. 45 Bayoberwa iryo jambo, kandi bararihishwa ngo ntibarimenye, batinya kurimubaza iry’ ari ryo. Yesu ahana abigishwa biwe ngo ntibarwanire ubukuru 46 Kandi havyuka ibihāri muri bo, vy’umukuru wabo uw’ ari we. 47 Ariko Yesu abonye ivyo bihāri vyo mu mitima yabo, yābīra akana, agahagarika i ruhande yiwe, 48 arababgira, at’ Ūzokwākīra aka kana mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye: kuk’ umuto muri mwebge hanyuma ya mwese ari we mukuru. Yesu yihaniza Yohana 49 Yohana aramwishura, ati Mwigisha, twabonye umuntu asenda abadayimoni mw izina ryawe, turamubuza, kukw atadukurikira. 50 Yesu aramubgira, ati Ntimumubuze, kuk’ ūtar’ umwansi wanyu ari mu ruhande rwanyu. Abasamariya bima Yesu indāro 51 Maz’ imisi yiwe yo kudūzwa mw ijuru igira ishike, yerekeza i Yerusalemu amaramaje kujayo, 52 atuma integuza imbere yiwe. Ziragenda, zija mu mihana y’Abasamariya kumuteguriza. 53 Ntibāmwākīra, kuko yerekeje i Yerusalemu. 54 Abigishwa biwe Yakobo na Yohana, babibonye, baramubaza, bati Mugenzi, ugomba ko tubarira umuriro ng’ utibuke uve mw ijuru, ubayigize, nk’uko Eliya yakoze? 55 Maz’ arahindukira, arabakankamira, at’ Erega ntimuzi umutima wanyu uk’ usa; kuk’ Umwana w’umuntu ataje guhonnya ubugingo bg’abantu, ariko yaje kubukiza. 56 Nuko baja mu yindi mihana. Gukurikira Yesu 57 Bariko baragenda mu nzira, umuntu aramubgira, ati Ndagukurikira ah’ uja hose. 58 Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyāri; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya. 59 Maz’ abarira uwundi muntu, ati Nkurikira. Na we, ati Mugenzi, banza undekure ngende mpambe data. 60 Ariko Yesu aramubarira, ati Reka abāpfuye bahambe abāpfuye babo, ariko weho genda, ukwize ivy’ ubgami bg’Imana. 61 Uwundi muntu aramubgira, ati Mugenzi, ndagukurikira, ariko banza undekure, nje gusezera abo mu rugo i wanje. 62 Ariko Yesu aramubgira, ati Nta muntu afashe isuka irimishwa n’inka, arāba inyuma, abereye ubgami bg’Imana. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi