Luka 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abagore bāgenda bafasha Yesu 1 Hashize igihe gitoya, agendagenda mu bisagara no mu mihana, ababgira ijambo ry’Imana, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bgayo; bamwe cumi na babiri bajana na we, 2 n’abagore bamwe bākijijwe impwemu mbi n’indwara, Mariya ari we Magadalene, abadayimoni ndwi bāri baramuvuyemwo, 3 na Yowana muka Kuza, umubgiriza wa Herode, na Susana, n’abandi bagore benshi, bābafashisha ivyabo. Umugani w’umubivyi 4 Ishengero ryinshi rirakorana, kand’ abāvuye mu bisagara vyose baza kuri we, abacira umugani, 5 at’ Umubivyi yasohoye imbuto ziwe; akibiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, barazikandagira, inyoni zo mu kirēre zirazinobagura. 6 Izindi zigwa ku rutare, zihejeje kumera zirūma, kuko zibuze ahabomvye. 7 Izindi zigwa mu mahwa hagati, amahwa amerana na zo, arazinyoha. 8 Izindi zigwa mw ivu ryiza, ziramera, zihunda impeke, imwe ijana, iyindi ijana, birtyo birtyo. Avuze ivyo, avuga n’ijwi rirenga, at’ Ūri n’amatwi yumva ni yumve. 9 Maz’ abigishwa biwe bamubaza uwo mugani, uw’ ari wo. 10 Arababgira, ati Mwebge mwāhawe kumenya amabanga y’ubgami bg’Imana: arikw abasigaye babibarirwa mu migani; ngo barābe, yamara ntibavyitegereze; bumve, yamara ntibabitahure. 11 Umugani n’uyu. Imbuto n’ijambo ry’Imana. 12 Abo i ruhande y’inzira n’abaryumvise, maz’ Umurwanizi yaza, agakūra iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe. 13 Abo ku rutare n’aba: iyo bumvise iryo jambo, baryākīrana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c’igeragezwa bakarireka. 14 Izaguye mu mahwa n’abaryumvise, maze bariko barīgīra umwitwaririko wo mur’ ubu bugingo, bo n’ubutunzi n’ibihimbaro vyo muri bgo, bikabanyoha, ntibame imbuto nziza. 15 Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana. 16 Kandi nta wodomeka itara, ngw aryubikekw ikintu, canke ngw arishire mu rutara, arikw arishira ku gitereko caryo, ngw abinjira basange habona. 17 Kukw ata canyegejwe kitazozanwa ahabona, cank’ icagizwe ibanga kitazomenyekana kikaja ahabona. 18 Mwiyubare uburyo mwumva: kuk’ ūfise azohabga, kand’ ūdafise azokwakwa n’ico yiyumvira kw afise. Yesu yerekana umuryango wiwe bgite 19 Maze nyina na bene nyina baza ah’ ari, ntibāshobora kumushikīra kubg’ ishengero. 20 Baramubgira, bat’ Umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze bagomba kubonana nawe. 21 Na we arabishura, ati Mama na bene mama n’aba bumva ijambo ry’Imana bakarikora. Inkūbi y’umuyaga mu kiyaga 22 Ku musi umwe mur’ iyo atambukira mu bgato, bo n’abigishwa biwe, arababgira, ati Tujabuke, tuje hakurya y’ikiyaga. Baterera ubgato, bava ku nkombe. 23 Bariko baragenda, arasinzira; hamanuka inkūbi y’umuyaga mu kiyaga, ubgato bgariko buruzura amazi, bari mw irinde. 24 Baraza, baramukangura, bati Mwigisha, Mwigisha, turapfuye! Ari angura, azibiza ingunza n’ugusūriranya kw’amazi: birahora, haba agahwekere. 25 Arababaza, ati Mbeg’ ukwizera kwanyu kuri hehe? Baratinya baratangara, barabazanya, bati Mbeg’ uyu n’umuntu ki, kw abarira n’umuyaga n’amazi bikamwumvira? Yesu asenda abadayimoni benshi mu muntu 26 Bafata hakurya mu gihugu c’Abageraseni, kirābana n’i Galilaya. 27 Ashitse i musozi, umuntu yavuye mu gisagara, yinjiwemwo n’abadayimoni, aramusanganira. Yar’ amaze imisi myinshi ata mpuzu acambara; nta nzu yabamwo, yaba mu masenga y’imva. 28 Abonye Yesu arasemerera, amwikubita imbere, avuga n’ijwi rirenga, ati Duhūriye hehe ga Yesu, Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakwinginze, ntumbabaze agashinyaguro. 29 Kuko yar’ abariye iyo mpwemu ihumanye kuva mur’ uwo muntu. Yahora imutera kenshi, kandi bāmubohesha iminyororo ku maboko no ku maguru, bakamurinda, agacagagura ibimuboshe, dayimoni akamukubebera mu bugaragwa. 30 Yesu aramubaza, ati Witwa nde? Aramwishura, ati Ndi Gitero. Kukw abadayimoni benshi bāri baramwinjiyemwo. 31 Baramwinginga ngo ntababarire kuja i kuzimu. 32 Kandi hār’ umukuku w’ingurube nyinshi zirisha kur’ uwo musozi; baramwinginga ngw abemerere kuzinjiramwo: arabemerera. 33 Abadayimoni basokoroka mur’ uno muntu, binjira muri nya ngurube, umukuku wirukira ku gatembge, zīsuka mu kiyaga, amazi araziniga. 34 Abāziragira babibonye barahunga, babivuga mu gisagara no mu misozi. 35 Na bo bavayo, baza kurāba ivyābaye, bashika aho Yesu ari, basanga wa muntu yavuwemwo n’abadayimoni, yicaye i ruhande y’ibirenge vya Yesu, yambaye, ubgenge bgāgarutse; baratinya. 36 Abābibonye babīgānira ingen’ uwari yinjiwemwo n’abadayimoni yakijijwe. 37 Abantu bose bo mu gihugu c’Abageraseni gikikije aho baramwinginga ngw ave i wabo, kuko bāri batewe n’ubgoba bginshi. Atambukira mu bgato, asubira inyuma. 38 Ariko wa muntu avuwemwo n’abadayimoni aramwinginga ngw agume kuri we. Arikw aramusezera, 39 ati Subira i muhira i wawe, ubadondere ivyo Imana igukoreye vyose. Aragenda, akwiza mu gisagara cose ivyo Yesu yamukoreye vyose. Yesu akiza umugore arwaye ubutinyanka; azura umukobga wa Yayiro 40 Yesu agarutse, ishengero riramusanganira, kuko bose bāri bamurorereye. 41 Maze haza umuntu yitwa Yayiro, umukuru w’isinagogi: yitembagaza imbere y’ibirenge vya Yesu, aramwinginga ngw aze i muhira i we, 42 kuko yar’ afise umukobga w’ikinege, yar’ amaze imyaka nka cumi n’ibiri avutse, kandi yarikw arahwera. Arikw aragenda, ishengero riramubānda. 43 Umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, yamariye utwiwe twose ku bavūzi adutangamw’ ingemu, ntihāgira ūshobora kumukiza, 44 amuturuka inyuma, akora ku buyonga bg’impuzu yiwe, ako kanya umugende w’amaraso urakama. 45 Yesu arabaza, ati Ni nde ankozeko? Bose bahakanye, Petero n’abāri kumwe na we baramwishura, bat’ Erega Mwigisha, n’ishengero rigutaye hagati rikubānda. 46 Yesu aramubgira, ati Har’ ūnkozeko, kuko numvise ubushobozi bumvuyemwo. 47 Wa mugore abonye yukw atayoberanye, aza ahinda agashitsi, amwikubita imbere, amubgirira mu maso y’abantu bose icatumye amukorako, n’ukw akize uwo mwanya. 48 Aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro. 49 Akivuga, haza umuntu avuye kwa wa mukuru w’isinagogi, ati Wa mwana wawe aracikanye, ureke kugora umwigisha. 50 Maze Yesu avyumvise aramubgira, ati Ntutinye, wizere gusa, arakira. 51 Ashitse ku nzu, ntiyagira uwundi muntu akundira kwinjirana na we, atari Petero na Yohana na Yakobo, na se wa nya mukobga na nyina. 52 Asanga bamuririra bose, bīshishitira. Arababarira, ati Nta co murira, ntahwereye, arikw arasinziriye. 53 Baramutwenga bamushinyagurira, kuko bari bazi ko yapfuye. 54 Amufata ukuboko, avuga n’ijwi rirenga, ati Mukobga, vyuka. 55 Ubugingo bgiwe buragaruka, aca ava hasi uwo mwanya; Yesu ababarira ngo bamugaburire. 56 Abavyeyi biwe baratangara, arikw arabīhanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babgira ibibāye. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi