Luka 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesu akiza umushumba w’umugabisha w’abasoda 1 Kand’ ahereje ayo majambo yiwe yose mu matwi y’abantu, aja i Kaperinawumu. 2 Hāriy’ umugabisha w’abasoda ijana, umushumba wiwe akunda cane yar’ arwaye, ari ku mpfiro. 3 Yumvise inkuru ya Yesu, amutumakw abashingantahe b’Abayuda kumwinginga, ngw aze gukiza umushumba wiwe. 4 Na bo bashitse aho Yesu ari, baramwinginga cane, bati Birabereye k’umugirira urtyo, 5 kukw akunda ubgoko bgacu, n’isinagogi yacu ni we yayitwubakiye. 6 Yesu ajana na bo. Atakiri kure y’inzu, wa mugabisha amutumakw incuti ziwe, ati Mugenzi, nturinde kwigora, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje: 7 ni co catumye niyumvira ko bitambereye ko noza ah’ uri: ariko vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira. 8 Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje nti Kora iki, akagikora. 9 Yesu yumvise ivyo, aramutangarira, ahindukirira ishengero rimukurikiye, ati Ndababgire, Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli. 10 Abātumwe basubiye mu nzu, basanga wa mushumba akomeye. Yesu azura umwana w’umupfakazi 11 Hashize igihe gitoya, aja mu gisagara citwa Nayini: abigishwa biwe n’ishengero ryinshi bajana na we. 12 Ashitse hafi y’irembo ry’igisagara, hasokoroka abajanye umuvyimba kuwuhamba, ariko yar’ ikinege, kandi nyina yar’ umupfakazi: abantu benshi bo mur’ ico gisagara bari kumwe na we. 13 Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira. 14 Yigira hafi y’ikigagara, agikorako, abahamvyi barahagarara. Aravuga, ati Muhungu, ndakubariye nti Vyuka. 15 Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga; Yesu amuha nyina. 16 Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo. 17 Iyo nkuru yiwe ikwira i Yudaya hose no mu gihugu cose gihereranye na ho. Yohana Umubatizi atuma kuri Yesu 18 Yohana abigishwa biwe bamudondera ivyo vyose. 19 Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi? 20 Abo bagabo bamushikiriye, baramubgira, bati Yohana Umubatizi yakudutumyeko, ngo Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi? 21 Mur’ ako kanya akiza benshi indwara n’ivyago n’impwemu mbi; n’impumyi nyinshi arazihumūra. 22 Maz’ arabishura, ati Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n’ivyo mwumvise. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abāpfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza. 23 Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza. Yesu ashingira intahe Yohana Umubatizi 24 Abatumwa ba Yohana bagiye, atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga? 25 Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambara impuzu zishajije n’abinibanibira baba mu ngo z’abami. 26 Ariko mwajanywe no kurāba iki? Umuntu avugishwa n’Imana? Ego me ni co; kandi ndababgire, Aruta ūvugishwa n’Imana cane. 27 Uyo ni we yanditswe, ng’ Umve, ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira imbere yawe. 28 Ndababgire, Mu bāvyawe n’abagore nta wuruta Yohana: arik’ umutoya mu bgami bg’Imana aramuruta. 29 Kand’ abantu bose n’abatozakori bumvise Yohana bemeye ukugororoka kw’ Imana, kuko bābatijwe na Yohana: 30 arikw Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bībujije inama z’Imana, kuko batābatijwe na we. 31 Nukw abantu b’iki gihe ndabagereranya n’iki, kandi basa n’iki? 32 Basa n’abana bicaye mu kaguriro bahamagarana, bati Twavugije imyironge, ntimwahamiriza; twakomye induru, ntimwarira. 33 Yohana Umubatizi yaje atarya umutsima, atanywa vino, mugira mut’ Ahagazweko na dayimoni. 34 Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, mugira muti Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha. 35 Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’abana babgo bose. Umugore w’umunyavyaha asīga Yesu ku birenge 36 Maz’ umwe mu Bafarisayo aramuhamagara ngw amuzimane. Yinjira mu nzu y’uwo Mufarisayo, aricara ngw arye. 37 Umugore wo mur’ ico gisagara, yar’ umunyavyaha, amenye yukw arīra mu nzu y’uwo Mufarisayo, azana ikebano ry’amavuta atāmirana, 38 ahagarara inyuma yiwe, hafi y’ibirenge vyiwe, arira, atangura kumutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura, abisīga ya mavuta. 39 Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’ Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ ukw asa, kw ar’ umunyavyaha. 40 Yesu aramubgira, ati Simoni, mfise ico ngomba kukubgira. Aramwishura, ati Mbarira, Mwigisha. 41 Aramubgira, ati Hābaye umuntu yagurāna, yar’ afise abari mu mwenda wiwe babiri. Umwe yar’ amufitiye idenariyo amajana atanu, uwundi mirongwitanu. 42 Maze badafise ico kumwishura, azibahebera bompi. Mbeg’ ūzorushiriza kumukunda n’uwuhe? 43 Simoni aramwishura, ati Ngira ngo n’uwo yahebeye nyinshi. Na we aramubgira, at’ Uvuze ukuri. 44 Ahindukiriye wa mugore, abgira Simoni, at’ Urabona uyu mugore? Ninjiye mu nzu yawe, ntiwampa amazi yo kwoga ibirenge: arik’ uyu antonyangirije amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe. 45 Ntiwansomye; arik’ uyu uhereye aho ninjiriye ntiyasizeho kunsomagura ibirenge. 46 Ntiwansutse amavuta ku mutwe: arik’ uyu ansīze amavuta atāmirana ku birenge. 47 Iki ni co gitumye nkubgira yukw ahariwe vya vyaha vyiwe vyinshi; kuko yagize urukundo rwinshi: arik’ ūhariwe bike agira urukundo ruke. 48 Abgira wa mugore, at’ Urahariwe ivyaha vyawe. 49 Maz’ abasangira na we batangura kwibaza, bat’ Uyo ni nde, kw aharira n’ivyaha? 50 Abgira wa mugore, at’ Ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi