Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu n’Umwami w’isabato

1 Kw isabato agenda aca mu mirima y’ingano; abigishwa biwe bamyoza ingano, barazihekenya, bazivunze mu minwe.

2 Bamwe mu Bafarisayo barababaza, bati N’iki gitumye mukora ikizira gukorwa kw isabato?

3 Yesu na we arababaza, ati Nta ho murasoma iki, ico Dawidi yakoze, aho yar’ ashonje, asonzanye n’abari kumwe na we;

4 ingene yinjiye mu nzu y’Imana, akābīra imitsima y’ibiterekērwa, akayirya, akayihako n’abari kumwe na we, ar’ umuziro kurībga, ukūye abaherezi bonyene?

5 Kand’ arababgira, at’ Umwana w’umuntu n’Umwami w’isabato.


Yesu akiza umuntu anyunyutse ukuboko

6 Ku yindi sabato yinjira mw isinagogi, arigisha: kandi hār’ umuntu anyunyutse ukuboko kw’i buryo.

7 Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’Abafarisayo baramugenza ngo barābe kw akiza kw isabato, ngo baronke ingene bomurega.

8 Na we amenya ivyo biyumvira; abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko, ati Va hasi, uhagarare hagati. Ava hasi, arahagarara.

9 Yesu arababgira, ati Ndababaze: mbeg’ ivyemerwa n’ugukora ivyiza kw isabato, canke n’ugukora ibibi; gukiza umuntu, canke kumwica?

10 Abēraguzamw’ amaso bose, aramubarira, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arabigira, ukuboko kwiwe kurakira.

11 Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu.


Yesu atoranya intumwa cumi na zibiri

12 Mur’ iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana.

13 Ijoro rikeye, ahamagara abigishwa biwe, atoranyamw’ icumi na babiri, abita intumwa;

14 Simoni, uwo yise Petero, na Andereya mwene nyina, na Yakobo, na Yohana, na Filipo, na Barutolomayo,

15 na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni yitwa Zelote,

16 na Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikaryota yabaye umuguranyi.

17 Amanukana na bo, ahagarara ahateze, kandi hārih’ ishengero ryinshi ry’abigishwa biwe, n’ishengero ryinshi ry’abantu bavuye i Yudaya hose n’i Yerusalemu no mu gihugu co muri Tiro n’i Sidoni gihereranye n’ikiyaga kinini, baje kumwumva no gukizwa indwara zabo.

18 Kandi n’abababazwa n’impwemu zihumanye barakizwa.

19 Kand’ ishengero ryose rigerageza kumukorako, kuk’ ubushobozi bgāmuvamwo bukabakiza bose.


Yesu yerekana abahirwe ab’ari bo

20 Yunamurira abigishwa biwe amaso, arababgira, ati Hahirwa mwebge aboro; kuk’ ubgami bg’Imana ar’ ubganyu.

21 Hahirwa mwebge mushonje none, kuko muzohāzwa. Hahirwa mwebge murira none, kuko muzotwenga.

22 Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk’ah’ ari ribi, babahōye Umwana w’umuntu.

23 Uwo musi muze munezerwe mwitere hejuru, kukw impēra yanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko ba sekuruza babo bāgize abāvugishwa n’Imana.

24 Ariko muzobona ibara, mwebge abatunzi; kuko muhejeje gutunganirwa.

25 Muzobona ibara, mwebge muhāze none; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebge mutwenga none; kuko muzoboroga murira.

26 Muzobona ibara, ah’abantu bose bazobashemagiza; kukw ari ko ba sekuruza babo bāshemagije abīgira abavugishwa n’Imana.


Twagezwe gukunda abansi bacu

27 Ariko mwebge mwumva ndababgire: Mukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka,

28 muhezagire ababavuma, musabire ababagirira nabi.

29 Ūgukubise mu musaya, umuhindukirize n’uwundi; ūkwaka umutamana, ntumwime n’ipfundo.

30 Ūgusaba wese umuhe, ūnyaga ivyawe ntuz’ ubimwake ukundi.

31 Kand’ uko mugomba kw abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe.

32 Kandi ni mwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo.

33 Kandi ni mwagirira neza ababagirira neza, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo.

34 Kandi ni mwagurana abo muziga ko bazobaguranura, muzoshimwa iki? Abanyavyaha na bo bagurana abandi banyavyaha, ngo baguranurwe nk’ivyabo.

35 Ariko mukunde abansi banyu, mubagirire neza, mugurane abantu, mutaziga ko muzoguranurwa; kand’ impēra zanyu zizoba nyinshi, namwe muzoba abana b’Īsumba vyose; kukw igirira neza intashima n’ababi.

36 Mugire imbabazi, nk’uko So agira imbabazi.


Nturābe abandi utīrāvye

37 Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa; mubohore, namwe muzobohorwa; mutange, namwe muzohabga;

38 ingero nziza, itsindagiye, inyingishe, isēsekaye, ni yo bazobaha mu co muteze. Kukw ingero mugeramwo ari yo muzosubirizwamwo namwe.

39 Kand’ abacira umugani, ati Mbeg’ impumyi yoshobora kujana iyindi mpumyi? Zompi ntizogwa mu cobo?

40 Umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe, arik’ umwigishwa wese arangije azoba nk’umwigisha wiwe.

41 Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, inkingi iri mu jisho ryawe ntuyītegereze?

42 Woshobora ute kubgira mugenzawe, uti Zana mugenzi ngutosore akabango kari mu jisho ryawe; nawe ubgawe nturābe inkingi iri mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.

43 Kukw ata giti ciza cama ibibi, kandi nta giti kibi cama ivyiza.

44 Igiti cose kimenyekanira ku vyo camye: nta bokwamura insukoni ku munyinya, cank’ inzabibu ku mukēre.

45 Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ribi: ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.

46 Kandi munyitira iki Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga?

47 Umuntu wese aza aho ndi, akumva amajambo yanje, akayakora, ndabereka ukw asa.

48 Asa n’umuntu yubaka inzu, yimvye hasi cane, akubaka itanguriro ku rutare: maz’ umugezi wuzuye usūrira kur’ iyo nzu, ntiwashobora kuyinyiganyiza, kuko yubatswe neza.

49 Arik’ uwumva, ntabikore, asa n’umuntu yubatse inzu kw ivu, atimvye itanguriro: maz’ umugezi uyisūrirako, ica irasenyuka, uguhomvoka kw’iyo nzu kwabaye ugukomeye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan