Luka 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesu arobesha ifi nyinshi 1 Nukw ishengero ririko riramubanda ryumva ijambo ry’Imana, yar’ ahagaze ku musenyi w’ikiyaga c’i Genesareti. 2 Abona amato abiri aziritswe ku nkombe y’ikiyaga, arikw abarovyi bāri bayavuyemwo, boza insenga. 3 Atambukira mu bgato bumwe, bgar’ ubga Simoni, aramusaba ngw abgigizeyo buve ku nkombe gatoya: aricara, yigisha ishengero, ari mu bgato. 4 Ahejeje kuvuga, abarira Simoni, at’ Igira mw idamba, muterere insenga zanyu murobe. 5 Simoni aramwishura, at’ Erega Mwigisha, twakesheje ijoro ryose twātamye, nta co twafashe: ariko kubg’ ijambo ryawe ndaterera insenga. 6 Babigize, baroba ifi nyinshi cane, insenga zabo zigomba gucika. 7 Bākura abagenzi babo bāri mu bundi bgato, ngo baze babafashe: baraza, buzuza amato yompi, agomba kudobera. 8 Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha. 9 Kukw atangaye, n’abāri kumwe na we bose, babonye ifi barovye. 10 Na Yakobo na Yohana bene Zebedayo na bo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abgira Simoni, ati Nta co utinya, uhereye none uzoroba abantu. 11 Bahejeje gushikana amato yabo ku nkombe, basiga vyose, baramukurikira. Yesu akiza umunyamibembe 12 Ikindi gihe ari mu gisagara kimwe muri vyo, haza umuntu ajejeta imibembe: abonye Yesu yikubita hasi yubamye, aramwinginga, ati Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura. 13 Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka. Imibembe ica imuvako. 14 Aramwihanikiriza, ngo ntagire umuntu abibarira, at’ Ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yabgirije, bibe ikimenyetso kibabere icabona. 15 Arikw inkuru yiwe irushiriza gukwira, ishengero ryinshi rikoranira kumwumva no gukizwa indwara zabo. 16 Ariko we yigunga mu bugaragwa, asenga. Yesu akiza ikimuga 17 Ku musi umwe muri yo yarigisha. Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bāri bicayeho, bavuye mu mihana yose y’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yerusalemu; kand’ ubushobozi bg’Umwami Imana bgari muri we bgo gukiza indwara. 18 Maze haza abagabo bazanye ikimuga, bagiteruye mu nderuzo, barondera ingene bacinjiza ngo bagishire imbere yiwe. 19 Babuze aho bocinjiriza kubg’ ishengero, būrira hejuru ku nzu, bagicisha mu mategura ayisakaye, bacururutsa mu nderuzo hagati y’abantu imbere ya Yesu. 20 Abonye ukwizera kwabo, aravuga, at’ Ewe muntu, ivyaha vyawe urabihariwe. 21 Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kwibūranya, bat’ Uyo ni nde arogose? Ni nde ashobora guharira ivyaha atar’ Imana yonyene? 22 Maze Yesu, amenye ivyo bibūranya, arababaza, ati Mwibūranya ibiki mu mitima yanyu? 23 Icoroshe n’ikihe, n’ukuvuga nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukuvuga nti Vyuka ugende? 24 Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — abgira ico kimuga, ati Ndakubariye, nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe. 25 Aca avyuka imbere yabo, yikorera inderuzo yar’ aryamyemwo, arataha, ahimbaza Imana. 26 Bose barumirwa cane, bahimbaza Imana, baterwa n’ubgoba bginshi, bat’ Uyu musi tubonye ibitangaza. Yesu ahamagara Lewi umutozakori 27 Ivyo bishize, arasohoka, abona umutozakori yitwa Lewi, yicaye aho yatoreza ikibuguro, aramubarira, ati Nkurikira. 28 Asiga vyose, ava hasi, aramukurikira. 29 Lewi amurondereza izimano ryinshi mu nzu yiwe: kandi hār’ abantu benshi b’abatozakori n’abandi bicaranye na bo basangira. 30 Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha? 31 Yesu arabishura, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye. 32 Sinaje guhamagara abagororotsi, ariko naje guhamagara abanyavyaha ngo bihane. Ivyo kwisonzesha 33 Na bo baramubgira, bat’ Abigishwa ba Yohana barisonzesha kenshi bagasenga, n’ab’ Abafarisayo n’uko, arikw abawe barīrīra, barīnywera. 34 Yesu arababaza, ati Mbega mwoshobora mute kugera abātowe ngo bisonzeshe, bakiri kumwe n’umukwe? 35 Ariko har’ imisi izoza; kand’ umukwe ni yabakūrwamwo, bazoca bisonzesha mur’ iyo misi. 36 Kand’ abacira umugani, ati Nta wotabura ikiremo ku mpuzu nsha, ngw acomeke ku mpuzu y’umushire: uwogira artyo yoba atabuye nsha, kand’ ikiremo atabuye kuri nsha nticomatana n’iy’ umushire. 37 Kandi nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse; kuko vino yoturitsa iyo mikuza, igashirira hasi, imikuza igapfa. 38 Arikw igikwiye n’ugutara umutobe wa vino mu mikuza misha. 39 Kandi nta muntu yanyoye vino ihiye yogomba umutobe: kukw avuga, at’ Īhiye ni yo nziza. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi