Luka 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesu ageragezwa na Satani 1 Yesu yuzuzwa Mpwemu Yera, ava kuri Yorodani, agendagendeshwa mu bugaragwa na Mpwemu, amaray’ imisi mirongwine, 2 ageragezwa n’Umurwanizi. Kandi mur’ iyo misi nta co yariye; ishize arasonza. 3 Umurwanizi aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira iri buye ricike umutsima. 4 Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa. 5 Aramudūgana, amwereka ubgami bgose bgo mw isi mu kanya gato. 6 Umurwanizi aramubgira, ati Ndaguha ubu bubasha bgose n’ubgiza bgabgo, kuko jewe nabuhawe, kandi mbuha uwo ngomba wese: 7 nuko ni wampfukamira, ukansenga, ubgo bgose buraba ubgawe. 8 Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene. 9 Amujana i Yerusalemu, amuhagarika mu gatwe k’urusengero, aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, ikororere hasi, 10 kuko vyanditswe, ngw Azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame: 11 kandi ngo Bazokuramira mu maboko yabo, Ngo kumbure ntutsitare kw ibuye. 12 Yesu aramwishura, ati Vyaravuzwe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe. 13 Umurwanizi arangije ivy’ amugerageresha vyose, amara igihe amuretse. Ab’i Nazareti bageza kwica Yesu 14 Maze Yesu asubira i Galilaya, ari n’ubushobozi bga Mpwemu, inkuru yiwe ikwira mu gihugu cose kihakikije. 15 Yigishiriza mu masinagogi yabo, bose baramushima. 16 Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome. 17 Bamuha igitabo c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, abona ahantu handitswe, 18 ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima, 19 No kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho. 20 Azinga igitabo, agisubiza umusanzi w’inzu, aricara; abantu bose bāri mw isinagogi bamuhanga amaso. 21 Atangura kubabgira, at’ Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nk’ukw amatwi yanyu yiyumviye. 22 Bose baramushima, batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe, bati Mbeg’ uyu si we mwene Yosefu? 23 Arababgira, ati Ntimuzobura kuncirak’ uyu mugani, muti Muvūzi, wivūre. Ivyo twumvise vyose ko wakoreye i Kaperinawumu, ubikorere n’ino mu ntāra y’i wanyu. 24 Kand’ ati Ndababgire ukuri, Nta muntu avugishwa n’Imana yemerwa mu ntāra y’i wabo. 25 Ariko ndababgire ukuri, Hārih’ abapfakazi benshi mu Bisirayeli mu gihe ca Eliya, hamwe ijuru ryakingwa, imvura igatara imyaka itatu n’amezi atandatu, ikigoyi cinshi kigatera mu gihugu cose; 26 yamara Eliya ntiyatumwa kuri n’umwe muri bo, arikw atumwa i Zarefati mu gihugu c’i Sidoni ku mugore w’umupfakazi. 27 Kandi hārih’ abanyamibembe benshi mu Bisirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ntihākizwa n’umwe muri bo, atari Namani Umusiriya. 28 Abo mw isinagogi bose bumvise ivyo barashungumirwa, 29 bava hasi, baramushika bamukūra mu gisagara cabo, bamujana ku manga y’umusozi wubatswekw igisagara cabo, ngo bamutembagarizeyo: 30 arikw aca hagati muri bo, arīgīra. Yesu akiza umuntu yinjiwemwo na dayimoni 31 Aramanuka aja i Kaperinawumu, igisagara c’i Galilaya: kand’ arikw arabigisha kw isabato, 32 batangazwa n’inyigisho ziwe, kukw ijambo ryiwe ryari n’ububasha. 33 Kandi mw isinagogi hār’ umuntu yinjiwemwo n’impwemu ya dayimoni ahumanye, asemerera n’ijwi rirenga, 34 ati Yō! Duhūriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonnya? Ndakuzi uw’ uri we, ur’ Uwera w’Imana. 35 Yesu aramuzibiza, ati Hora, muvemwo. Dayimoni amutūye hasi hagati yabo, amuvamwo, atagize ico amugira. 36 Bose baratangara, barabazanya, bat’ Iryo n’ijambo ki? N’ububasha n’ubushobozi agera impwemu zihumanye zigasohoka. 37 Inkuru yiwe ikwira hose mu ntāra ihakikije. Akiza inabukwe wa Simoni, n’abandi benshi 38 Ava hasi, arasohoka ava mw isinagogi, yinjira mu nzu kwa Simoni. Kandi inabukwe wa Simoni yar’ afashwe n’umururumbo ukomeye, baramumwingingira. 39 Amuhagarara i ruhande, akankamira umururumbo, urazima; avyuka uwo mwanya, arabazimana. 40 Kandi ku kirengazuba, abari bafise abarwaye bose barwaye indwara zitari zimwe barabamuzanira. Abarambikakw ibiganza umwe‐umwe, arabakiza. 41 Kandi n’abadayimoni bava muri benshi, basemerera, bat’ Ur’ Umwana w’Imana. Arabazibiza, ntiyabakundira ko bavuga, kuko bāri bazi yukw ari Kristo. 42 Kand’ ijoro rikeye, arasohoka, aja mu gahinga: ishengero riramurondera, bashika ah’ ari, bageza kumubuza ngo ntave muri bo. 43 Maz’ arababgira, ati Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana no mu bindi bisagara, kukw ari co natumwe. 44 Nukw avugira ijambo ry’Imana mu masinagogi y’i Galilaya. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi