Luka 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yohana Umubatizi atangura kubatiza no kwigisha abantu 1 Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene, 2 na Anasi na Kayafa ar’ abaherezi bakuru, mur’ uwo mwaka ijambo ry’Imana rishika kuri Yohana mwene Zakariya, ari mu bugaragwa. 3 Aja mu gihugu cose giherereye kuri Yorodani, yigisha abantu ukubatizwa kwo kwihana ngo bakūrwekw ivyaha: 4 nk’uko vyanditswe mu gitabo c’amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya, ngw Ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa, Ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho, Mugorore iz’ ibihamo ziwe. 5 Umwonga wose uzokwuzuzwa, N’umusozi wose n’akarambi bizoringanizwa, Ibigoramye bizogororoka, N’inzira z’ubukiru zizosenwa, 6 Maz’ abafise umubiri bose bazobona agakiza k’Imana. Yohana yishura abamubajije ivyo bakwiye gukora 7 Nukw abgira ishengero ryari rivuye i wabo rije kubatizwa na we, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza? 8 Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu. 9 Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rero, igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro. 10 Ishengero riramubaza, riti None tugire dute? 11 Arabishura, at’ Ūfise amapfundo abiri, rimwe n’arihe ūtarifise, n’ūfise ivyo kurya n’agire artyo. 12 Kandi haza n’abatozakori kubatizwa, baramubaza, bati Mwigisha, tugire dute? 13 Arabishura, ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe. 14 N’abasoda baramubaza, bati Tweho tugire dute? Arabishura, ati Ntihakagire umuntu mutangisha impongano canke mwagiriza ibinyoma, kand’ ingero zanyu zibabumbe. Yohana abgira abantu ivya Yesu 15 Kand’ abantu bāri barorereye ibizoba, bose bakabūranisha imitima ngo kumbure Yohana yoba Kristo. 16 Yohana ababarira bose, ati N’ukuri jeho ndababatirisha amazi, ariko hazoza ūndusha ubushobozi, ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’inkweto ziwe: uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro. 17 Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, ngw akubure imbuga yiwe neza, yimburire ingano mu kigega ciwe, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima. Herode afata Yohana 18 Kand’ abarira abantu ubutumwa bgiza, abahanūrisha ibindi vyinshi; 19 maz’ ahishutse umwami Herode ku vya Herodiya muka mwene se, no ku vy’ ibindi bibi vyose Herode yakoze, 20 kur’ ivyo vyose Herode agerekakw iki, yugaranira Yohana mw ibohero. Kubatizwa kwa Yesu 21 Nukw abantu bose babatijwe, na Yesu ahejeje kubatizwa, arikw arasenga, ijuru rirakinguruka, 22 Mpwemu Yera aramanuka amugwako, afise ishusho y’umubiri usa n’inuma; ijwi riva mw ijuru, riti Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara. Ba sekuruza ba Yesu 23 Aho Yesu yatangura kwigisha, yar’ amaze imyaka nka mirongwitatu avutse, kandi biyumvira ko yari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli, 24 Heli mwene Matati, Matati mwene Lewi, Lewi mwene Meluki, Meluki mwene Yanayi, Yanayi mwene Yosefu, 25 Yosefu mwene Matatiya, Matatiya mwene Amosi, Amosi mwene Nahumu, Nahumu mwene Esili, Esili mwene Nagayi, 26 Nagayi mwene Mati, Mati mwene Matatiya, Matatiya mwene Semeyini, Semeyini mwene Yoseki, Yoseki mwene Yoda, Yoda mwene Yohanani, 27 Yohanani mwene Resa, Resa mwene Zerubabeli, Zerubabeli mwene Shalutiyeli, Shalutiyeli mwene Neri, 28 Neri mwene Meluki, Meluki mwene Adi, Adi mwene Kosamu, Kosamu mwene Elumadamu, Elumadamu mwene Eri, Eri mwene Yesu, 29 Yesu mwene Eliyezeri, Eliyezeri mwene Yorimu, Yorimu mwene Matati, Matati mwene Lewi, 30 Lewi mwene Simeyoni, Simeyoni mwene Yuda, Yuda mwene Yosefu, Yosefu mwene Yonamu, Yonamu mwene Eliyakimu, Eliyakimu mwene Meleya, 31 Meleya mwene Mena, Mena mwene Matata, Matata mwene Natani, Natani mwene Dawidi, 32 Dawidi mwene Isayi, Isayi mwene Obedi, Obedi mwene Bowazi, Bowazi mwene Salumoni, Salumoni mwene Nahasoni, 33 Nahasoni mwene Aminadabu, Aminadabu mwene Aruni, Aruni mwene Hesironi, Hesironi mwene Peresi, 34 Peresi mwene Yuda, Yuda mwene Yakobo, Yakobo mwene Isaka, Isaka mwene Aburahamu, Aburahamu mwene Tera, Tera mwene Nahori, 35 Nahori mwene Serugi, Serugi mwene Reyu, Reyu mwene Pelegi, Pelegi mwene Eberi, Eberi mwene Shela, Shela mwene Kayinani, 36 Kayinani mwene Arupakisadi, Arupakisadi mwene Shemu, Shemu mwene Nowa, 37 Nowa mwene Lameki, Lameki mwene Metusela, Metusela mwene Henoki, Henoki mwene Yeredi, Yeredi mwene Mahalaleyeli, 38 Mahalaleyeli mwene Kayinani, Kayinani mwene Enoshi, Enoshi mwene Seti, Seti mwene Adamu, Adamu w’Imana. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi