Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Kuzuka kwa Yesu

1 Ku wa mbere w’imisi ndwi kare mu mutwenzi baja kuri ya mva, bajanye vya bimota neza bāteguye.

2 Basanga ikibuye gitembagajwe kivuye ku mva;

3 binjirayo ntibāsangamw’ ikiziga c’Umwami Yesu.

4 Ivyo bikibazazaniye, abagabo babiri bahagarara i ruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana.

5 Bagitinye, bunamitse amaso hasi, barababaza, bati N’iki gitumye muronderera ūriho, ahantu h’abāpfūye?

6 Ntari hano, ariko yāzutse. Mwibuke uko yababgiye, akir’ i Galilaya,

7 at’ Umwana w’umuntu akwiye gushirwa mu maboko y’abanyavyaha, no kubambga, no kuzuka ku musi ugira gatatu.

8 Bibuka ya majambo yiwe,

9 bava mu mva, basubira inyuma, ivyo vyose babibarira bamwe cumi n’umwe n’abandi bose.

10 Abo bagore ni Mariya Magadalene na Yowana na Mariya nyina wa Yakobo: kandi n’abandi bagore bāri kumwe na bo, babarira intumwa ivyo.

11 Ayo majambo ababera nk’umuyaga, ntibābemera.

12 Ariko Petero ava hasi, yirukira ku mva, arunama, arungurukamwo, abona impuzu zera ziri zonyene: asubira i we, atangajwe n’ibibaye.


Yesu yiyerekera abigishwa babiri mu nzira ija Emawusi

13 Uwo musi nyene babiri muri bo bari mu nzira baja mu mihana ahītwa Emawusi, ni kure y’i Yerusalemu nk’urugendo rwa stadiyo mirongwitandatu,

14 bavugana ivyabaye vyose.

15 Bakivugana babazanya, Yesu ubgiwe arabēgēra, ajana na bo.

16 Arikw amaso yabo atabgamw’ uruhuni ngo ntibamumenye.

17 Arababaza, ati Mbeg’ ivyo mugenda murabazanya n’ibiki? Barahagarara, bijiriwe.

18 Umwe muri bo yitwa Kileyopa aramwishura, ati Mbega ni wewe gusa watse indāro i Yerusalemu, utazi ivyabayeyo mur’ iyi misi?

19 Arababaza, ati N’ibiki? Baramwishura, bati N’ivya Yesu Umunyanazareti, yar’ umuntu avugishwa n’Imana, akaba umunyabushobozi bginshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y’Imana n’imbere y’abantu bose:

20 n’ivy’ ukw abaherezi bakuru n’abashingantahe bacu bāmutanze ngw acirwe urubanza rwo gupfa, bakamubamba.

21 Kandi twari twishimiye yukw ari we azocungura Abisirayeli. Kand’ ikigeretseko, uyu n’umusi ugira gatatu uhereye ah’ ivyo vyabereye.

22 Kandi n’abagore bo muri twebge badutangaje, bazindutse baja ku mva;

23 babuze ikiziga ciwe, baraza batubarira yukw abamarayika babiyeretse bavuga yukw ariho.

24 Kandi na bamwe mu bari kumwe natwe bagiye ku mva basanga ari ko biri, ukw abo bagore batubariye; ariko we ntibamubona.

25 Arababgira, ati Yemwe mwa mburabgenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abāvugishwa n’Imana bāvuze vyose!

26 Mbega Kristo ntiyar’ akwiye kubabazwa artyo ngw abone kuja mu bgiza bgiwe?

27 Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.

28 Bashitse hafi y’umuhana bajako, amera nk’ūgomba kuwurēngāna.

29 Baramugōbēra, bati Gumana natwe, kuko bugira bgire kand’ umusi ukuze cane. Arinjira ngw agumane na bo.

30 Yicaye ngw asangire na bo, yābīra umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.

31 Uruhuni rubava ku maso, baramumenya: maz’ arakamangana, ntibāba bakimubona.

32 Baravugana, bati Mbeg’ imitima yacu ko yarikw iragurugumba, aho yarikw aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe!

33 Ako kanya barīkora, basubira i Yerusalemu, basanga bamwe cumi n’umwe bakoranye, bo n’abāri kumwe na bo,

34 kandi bavuga, bati N’ukuri Umwami Yesu yāzutse, kandi yabonywe na Simoni.

35 Na bo babadondera vya bindi vyo mu nzira, kandi yuko bamumenyeshejwe n’uko yamanyaguye umutsima.


Yesu yiyereka abigishwa biwe

36 Bariko baravuga ivyo, Yesu ubgiwe ahagarara hagati muri bo, arababgira, at’ Amahoro abe muri mwebge.

37 Ariko bafatwa n’ubgoba bacika ivutu, bagira ngo n’umuzimu babonye.

38 Arababaza, at’ Ikibahagaritse imitima n’iki? Kandi n’iki gitumye mubūranisha imitima?

39 Ni murābe ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje, mumenye kw ari jewe ubganje: ni munkorakore, murābe, kuk’ umuzimu utagira inyama n’amagufa, nk’ivyo mumbonana.

40 Avuze ivyo, abereka ibiganza vyiwe n’ibirenge.

41 Akanyamuneza kakibabujije kuvyemera, bariko baratangara, arababaza, ati Har’ utwo kurya mufise hano?

42 Bamuha igihimba c’ifi yokeje,

43 aracābīra, akirīra imbere yabo.


Yesu asezera abigishwa biwe, adūzwa mw ijuru

44 Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.

45 Maz’ abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe.

46 Arababgira, ati Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bāpfuye ku musi ugira gatatu,

47 kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.

48 Namwe mur’ ivyabona vyo kuvuga ivyo.

49 Umve, ngira mbarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw ijuru.

50 Abavanaho, abashitsa aharābana n’i Betaniya, aterura amaboko, arabahezagira.

51 Akibahezagira, atandukanywa na bo, adūzwa mw ijuru.

52 Na bo baramusenga, basubira i Yerusalemu bafise akanyamuneza kenshi,

53 bama mu rusengero ubudasība bashima Imana.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan