Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yuda agura Yesu

1 Imisi mikuru y’imitsima itambiwe, yitwa Pasika, yagira ishike.

2 Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo kumwica, kuko batinya abantu.

3 Satani yinjira muri Yuda ari we Isikaryota, yari mu gitigiri ca bamwe cumi na babiri.

4 Aragenda, aja inama n’abaherezi bakuru n’abakuru b’abashibamyi b’urusengero, y’uburyo bgo kumubaronkera.

5 Baranezerwa, basezerana kumuha amahera y’ifeza.

6 Na we aremera, arondera uburyo bgo kumubaronkera, ishengero ritariho.


Yesu n’abigishwa basangira ivya Pasika

7 Umusi w’imitsima itambiwe urashika, uwo bakwiye kubāgak’ umwagazi w’intama wa Pasika.

8 Atuma Petero na Yohana, arababarira, ati Ni mugende, mudutegurire ivya Pasika, kugira ngo turye.

9 Baramubaza, bat’ Ugomba ko tubitegurira hehe?

10 Arabishura, at’ Umve, mumaze gushika mu gisagara, murahūra n’umugabo yikoreye umubindi w’amazi; mumukurikire mu rugo ajamwo.

11 Mubgire nyen’ urugo, mut’ Umwigisha agize ngw Indāro iri hehe, ah’ asangirira ivya Pasika n’abigishwa biwe?

12 Na we arabereka icumba kinini co mu nzu yo hejuru gitunganijwe: abe ari co muteguriramwo.

13 Baragenda, babisanga uko yabibabariye: bategura ivya Pasika.

14 Igihe gishitse, aricara ngw arye, kand’ intumwa na zo zicarana na we.

15 Arababgira, ati Kwifuza nifuje cane gusangira namwe ivy’ iyi Pasika, ntarababazwa.

16 Ndababgire, Sinzokwongera kuyiryako, kugeza ah’ izoshikira mu bgami bg’Imana.


Yesu atanguza Ingaburo Yera

17 Yābīra igikombe, agishimira Imana, arababarira, ati Mwābīre iki, mugisangire:

18 kuko mbabgira yuk’ uhereye none ntazokwongera kunywa ku nzabibu, kugeza ah’ ubgami bg’Imana buzozira.

19 Yābīra umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababgira, at’ Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe: murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje.

20 N’igikombe akigenza artyo bahejeje kurya, arababgira, at’ Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje, abaviriye.


Yesu avuga yuk’ umwe mu ntumwa agira amugure

21 Kandi rāba, ukuboko kw’ ūngura kuri kumwe nanje ku meza.

22 N’ukuri, Umwana w’umuntu aragenda, nk’uko vyashinzwe: arik’ uwo muntu amugura azobona ibara.

23 Batangura kubazanya, ngo ni nde muri bo agira akore ico kintu.


Abigishwa baja impāri z’ivy’ ubukuru

24 Maze havyuka impāri muri bo, z’uwo bagereranyako kw ar’ umukuru uw’ ari we.

25 Arababgira, at’ Abami b’amahanga bayatwaza amanyama, n’abafise ububasha bgo kuyaganza bitwa ba rutungaboro.

26 Ariko mwebge s’uko: mugab’ umukuru muri mwebge abe nk’umuto, n’ūganza abe nk’ūbakorera.

27 Umukuru ni nde, n’ūkorerwa, canke n’ūmukorera? Mbega s’ūkorerwa? Ariko jeho ndi hagati muri mwebge mmeze nk’ūbakorera.

28 Ni mwebge mwamanye nanje mu vyo nageragejwe.

29 Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye,

30 ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.


Yesu avuga ko Petero ahava amwihakana gatatu

31 Ati Simoni, Simoni, rāba Satani yabasavye ngw abagosore nk’ingano;

32 ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.

33 Aramubgira, ati Mugenzi, niteguye kujana nawe no mw ibohero no mu rupfu.

34 Aramubgira, ati Petero, ndakubgire, Inkoko itarabika uyu musi, uhava unyihakana gatatu ngo ntunzi.

35 Kand’ arababaza, ati Hamwe nabatuma mudafise umupfuko w’amahera cank’ isaho cank’ inkweto, har’ ico mwabuze? Baramwishura, bati Nta co twabuze.

36 Arababgira, at’ Ariko noneho, ūfise umupfuko w’amahera awujane, n’ūfise isaho ayijane; kand’ ūdafise inkota, ashōre impuzu yiwe ayigure.

37 Ndababgire, Ibi vyanditswe bikwiye kunshikako, ngo Yaharūranywe n’abanyabicumuro. Kukw ivyanje bigira bishike.

38 Baramubgira, bati Mushingantahe, ehe, ngizi inkota zibiri. Arababgira, ati Ziramaze.


Yesu asengana umubabaro

39 Arasohoka, aja ku musozi wa Elayono, nk’uko yamenyereye: abigishwa biwe na bo baramukurikira.

40 Ashitse aho hantu, arababarira, ati Ni musenge, kugira ngo ntimuje mu mosha mabi.

41 Atandukana na bo, ashika nk’ahoterwa ibuye, arapfukama, arasenga,

42 ati Data, asangw’ ubigomba, kūra iki gikombe, kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.

43 Umumarayika aramwiyereka, avuye mw ijuru, amuha intege.

44 Arushirije kwicwa n’umubabaro, ashishikara gusenga cane, icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi.

45 Amaze gusenga, ava hasi aja ah’abigishwa bari, asanga basinzirijwe n’umubabaro.

46 Arababaza, ati N’iki gitumye musinzira? Ni muvyuke, musenge, ntimuje mu mosha mabi.


Bafata Yesu

47 Akivuga, haza igitero kizanywe n’uwitwa Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, abagiye imbere: yēgēra Yesu, ngw amusome.

48 Yesu aramubaza, ati Yuda, mbeg’ utangisha Umwana w’umuntu kumusoma?

49 Abāri kumwe na we babonye ibigira bibeho, baramubaza, bati Mugenzi, tubakubite inkota?

50 Umwe muri bo ayikubita umusavyi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’i buryo.

51 Yesu arababarira, ati Geza aho. Akora ku gutwi kwiwe, aramukiza.

52 Yesu abaza abaherezi bakuru n’abakuru b’abashibamyi b’urusengero n’abashingantahe bamuziye, ati Mbega munziye nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri?

53 Imisi yose nāmana namwe mu rusengero ko mutāramvuye amaboko ngo mumfate; arikw iki n’igihe canyu n’ic’ ububasha bg’umwiza.


Petero yihakana Yesu

54 Baramufata, baramujana, bamwinjiza mu nzu y’umuherezi mukuru, ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka.

55 Bacanye umuriro mu rugo hagati, bicaye hamwe, Petero yicara hagati muri bo.

56 Incoreke imubona yicaye ahabona, imwitegereje iravuga, iti N’uyu yari kumwe na we.

57 Na we arabihakana, at’ Eka nyina wanje, sindanamuzi.

58 Hashize akanya gato, uwundi aramubona, aramubgira, ati Nawe nyene ur’ uwo muri bo. Petero aramwishura, at’ Eka wa muntu, si jewe.

59 Hashize umwanya nk’isaha imwe, uwundi abivuga yigumiye, ati N’ivy’ ukuri, uyu yari kumwe na we, bitayeko n’Umunyagalilaya.

60 Petero aramubgira, at’ Eka wa muntu, sinzi n’ivy’ uvuze. Akivuga, uwo mwanya inkoko irabika.

61 Umwami Yesu arakebuka, yitegereza Petero. Petero yibuka rya jambo ry’Umwami, ingene yamubgiye, at’ Uyu musi inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu.

62 Arenga irembo, araturika ararira.


Bashinyagurira Yesu

63 Abagabo bāri bafashe Yesu baramushinyagurira, baramutonagura,

64 bamupfuka mu maso, baramubaza, bati Pfīndūra: ni nde agukubise?

65 N’ibindi vyinshi babimuvuga bamutuka.


Abaherezi n’abashingantahe bacira Yesu urubanza

66 Iryo joro rikeye, hakorana abashingantahe b’ubgo bgoko, ni bo baherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bamujana mw ikombe ryabo, baramubaza,

67 bati Namb’ uri Kristo, tubgire. Arababgira, ati N’iyo nobabgira, ntimwovyemera;

68 n’iyo nobabaza, ntimwonyishura.

69 Arik’ uhereye none Umwana w’umuntu azoba yicaye i buryo bg’ububasha bg’Imana.

70 Bose baramubaza, bati None rer’ ur’ Umwana w’Imana? Arabishura, ati Murarivuze ko ndi we.

71 Bati Turacaronderera iki ivyabona? Kuk’ ubgacu tuvyīyumviye mu kanwa kiwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan