Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umupfakazi w’umworo

1 Yunamura amaso, abona abatunzi bashikana, baterera amashikanwa yabo mu masandugu y’amahera.

2 Abona umupfakazi w’umworo ateramw’ amasenge abiri.

3 Arababgira, ati Ndababgire ukuri, Uyu mupfakazi w’umworo ashikanye ibirengeye ivy’ abandi bose:

4 kukw abo bose batereye mu mashikanwa ku bibasāgutse, ariko we ku bgoro bgiwe ashikanye ibimutunze vyose.


Uguhona kw’i Yerusalemu n’ukugaruka kwa Yesu

5 Kandi bamwe bavuga urusengero, ingene rwasharijwe amabuye meza n’amashikanwa; arababgira,

6 at’ Ivyo mubona ivyo, mu misi izoza ntihazosigara ibuye rigeretse ku rindi ridasamburiwe hasi.

7 Baramubaza, bati Mwigisha, non’ ivyo bizobaho ryari? Ikimenyetso kizoba iki c’igihe ivyo bizogira bishike?

8 Arababarira ati Mwirinde ntimuzimizwe: kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bat’ Igihe kiri hafi: ntimuze mubakurikire.

9 Kandi ni mwumva intambara n’imivurungano, ntimuze mucike ivutu; kukw ivyo bitazobura kubanza kubaho, arik’ umuhero ntuzoca ushika.

10 Maz’ arababgira, at’ Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami.

11 Kand’ isi izonyiganyiga cane henshi, kandi hamwe‐hamwe hazotera amapfa, hatere n’ikīza, habeho n’ibiteye ubgoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw ijuru.

12 Arikw ivyo vyose bitarabaho bazobashōrerakw amaboko, babahame, babashengerane mu masinagogi, babashirishe mu mabohero, babashengeze ku bami no ku baganza, babahōra izina ryanje:

13 bicike ikimenyetso kibere mwebge icabona.

14 Nukw ibi mubishirekw imitima, yuko mudakwiye kubanza kwiyumvira ivyo muzokwireguza:

15 kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.

16 Ariko muzoshengezwa n’abavyeyi banyu na bo, na bene nyoko n’incuti n’abakunzi, bamwe muri mwebge bazobicisha.

17 Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje.

18 Kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko mu mitwe yanyu.

19 Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu.

20 Ariko ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ ubuyobe bgaho bugira bushike.

21 Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’ abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke, kand’ abazoba bari mu misozi ntibaze baje i Yerusalemu.

22 Kukw iyo misi izoba iyo guhōra, kugira ngw ivyanditswe vyose bishike.

23 Mur’ iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara; kuko hazoba umubabaro mwinshi mu gihugu, kand’ uburake buzoba kur’ ubu bgoko.

24 Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.

25 Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda;

26 kand’ abantu bazogwishwa igihūmura n’ubgoba no kwitega ibigira bibe mw isi; kukw ivy’ inkomezi vyo mw ijuru bizonyiganyizwa.

27 Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.

28 Arikw ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike.

29 Kand’ abacira umugani, ati Ni murābe umusukoni n’ibiti vyose.

30 Iyo bitoshe, murabibona, mukamenya ubganyu yukw agatāsi kari hafi:

31 nuko namwe ni mwabona ivyo bibaye, muze mumenye yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi.

32 Ndababgire ukuri: Ab’ iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika.

33 Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.

34 Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:

35 kukw ari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw isi yose.

36 Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.

37 Imisi yose Yesu yirirwa mu rusengero yigisha, ariko bgira, agasohoka, akaja kurāra ku musozi witwa Elayono.

38 Abantu bose bakazindukira kuri we mu rusengero kumwumva.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan