Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abaherezi bakuru babaza Yesu ububasha bgiwe

1 Umusi ur’ izina, yigishiriza abantu mu rusengero, avuga ubutumwa bgiza, abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bazanana kuri we n’abashingantahe:

2 baramubaza, bati Tubgire, n’ububasha ki bugutera gukora ivyo, canke ni nde yaguhaye ubgo bubasha?

3 Arabishura, ati Nanje hinge ndababaze ijambo, mumbgire:

4 non’ ukubatiza kwa Yohana kwāturutse mw ijuru, canke se mu bantu?

5 Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera?

6 Ariko ni twavuga tuti Ni mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.

7 Bamwishura yuko batazi aho kwavuye.

8 Yesu arababgira, ati Nuko rero nanje simbabgira ububasha bunkoresha ivyo.


Umugani w’abarimyi b’abagarariji

9 Atangura gucira abantu uyu mugani, ati Hābaye umuntu yateye uruzabibu, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga, amaray’ igihe kirekire.

10 Igihe c’iyera kigeze, atuma umukozi kuri ba barimyi, ngo bamwamurire inzabibu z’uruzabibu: abo barimyi baramushishagura, bamurungika gusa.

11 Yongera gutuma uwundi mukozi; uwo na we baramushishagura, baramutetereza, bamurungika gusa.

12 Atuma n’uwa gatatu; uwo na we baramukomeretsa, baramuhinda.

13 Nyen’ uruzabibu aribaza, ati Ngire nte? Ndatuma umwana wanje nkunda, kumbure bazomusonera.

14 Arikw abo barimyi bamubonye baja inama, bat’ Urya ni we samuragwa; tumwice, kugira ng’ umwandu uz’ ube uwacu.

15 Bamuhindira inyuma y’uruzabibu, baramwica. None nyen’ uruzabibu azobagira ate?

16 Azoza yice rubi abo barimyi, uruzabibu arusigarane abandi. Bavyumvise baravuga, bati Biragahera.

17 Arabitegereza, arababaza, ati None rer’ aya majambo yanditswe n’amaki, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka?

18 Ūzogwa kur’ iryo buye wese azovunagurika, arik’ uwo rizogwako wese rizomuvungura.

19 Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’abaherezi bakuru ako kanya barondera ingene bomushōrerakw amaboko, ariko batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani.


Abafarisayo bamugezesha ivy’ ikori

20 Baramugenza, batuma abo kumudaha bīgira intungane, ngo bakūre urwitwazo mu vyo avuga, bamushīre segaba nyen’ ububasha, ari we cēgēra ca Kayisari.

21 Baramubaza, bati Mwigisha, turazi yuk’ uvuga kandi wigisha neza, kandi k’udatinya ijunja ry’abantu, ariko ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri:

22 mbega biremerwa ko dutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?

23 Maz’ amenya ubugunge bgabo, arababgira,

24 ati Ni munyereke idenariyo; igishushanyo n’ivyanditswe kuri yo n’ivya nde? Bati N’ivya Kayisari.

25 Arababarira, ati Nuko rer’ ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana.

26 Ntibāshobora gukūra urwitwazo mur’ ayo majambo imbere y’abantu, batangazwa n’ivyo abishuye, barahora.


Yesu yishura Abasadukayo ivy’ ukuzuka

27 Abasadukayo bamwe baza kuri we, ni bo bahakana yukw ata kuzuka kuriho, baramubaza,

28 bati Mwigisha, Mose yatwandikiye yuko mwene nyina w’umuntu ni yapfa ar’ imponnyi, agasiga umugore, mwene nyina akwiye gucūra uwo mugore, ngw ahonore mwene nyina.

29 Nuko rero hābaye abavukana ndwi: uwa mbere arongora umugore, apfa ar’ imponnyi:

30 uwa kabiri aramucūra,

31 n’uwa gatatu nyene, nuko bose ukw ar’indwi baramucūra, bapfa badasize impfuvyi.

32 Hanyuma na wa mugore arapfa.

33 None mw izuka azoba muka nde muri bo? Ko bāri bamufise bose ukw ar’indwi!

34 Yesu arabishura, at’ Ab’ iyi si bararongora, kandi barashingirwa,

35 arikw abemerewe gushika muri ya si yindi no kuzuka mu bapfuye ntibarongora kandi ntibashingirwa;

36 kandi ntibaba bagishobora gupfa, kuko baringaniye n’abamarayika, kand’ ar’ abana b’Imana, kukw ar’ abana b’ukuzuka.

37 Arikw abāpfuye ko bazuka na Mose yabimenyekanishije hamwe havuga ivy’ Igisaka c’amahwa, aho yita Uhoraho Imana ya Aburahamu n’Imana ya Isaka n’Imana ya Yakobo.

38 Ereg’ Imana s’iy’ abāpfuye, ariko n’iy’ abariho: kuko kuri yo bose bariho.

39 Bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe baramwishura, bati Mwigisha, uvuze neza.

40 Ntibāba bacubahuka kumubaza irindi jambo.


Umwana wa Dawidi

41 Arababaza, ati Bavuga bate yuko Kristo ari mwene Dawidi?

42 Ko Dawidi ubgiwe avuga mu gitabo ca Zaburi, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje,

43 Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y’ibirenge vyawe.

44 Dawidi ko yamwise Umwami, non’ ashobora ate kuba umwana wiwe?


Uburyarya bg’abanyabgenge b’ivyanditswe

45 Maz’ abarira abigishwa biwe, abantu bose bumva,

46 ati Mwirinde abanyabgenge b’ivyanditswe, bakunda kugenda bambaye imvune, bagakunda kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwicara ku ntebe z’icubahiro mu masinagogi, n’ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe.

47 Barya ingo z’abapfakazi, kandi basengesha menshi bahūmba; abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan