Luka 19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Zakayo 1 Ashika i Yeriko, arikw arahaca. 2 Hār’ umuntu yitwa Zakayo, yar’ umutozakori mukuru, kandi yar’ umutunzi. 3 Ageza kurāba Yesu, ngw amenye ukw asa, bimwankira kubg’ ishengero, kuko yari mugufi. 4 Arirukanga, aja imbere, yūrira igiti citwa umusukomora ngw amurābe, kuko yagira ace mur’ iyo nzira. 5 Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira, ati Zakayo, ururuka vuba, kuk’ uyu musi nkwiye kurāra i wawe. 6 Yururuka vuba, amwākīrana akanyamuneza. 7 Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha! 8 Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane. 9 Yesu amuvugako, at’ Uyu musi agakiza gashitse mur’ iyi nzu, kuk’ uyu na we ar’ umwana wa Aburahamu. 10 Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye. Umugani wa mina cumi 11 Bakiriko barumva ivyo, avyongerak’ umugani, kuko yari hafi y’i Yerusalemu, kandi kuko biyumvira yuk’ ubgami bg’Imana bugira buboneke uwo mwanya; 12 nukw aravuga, ati Hābaye umuganwa yagiye mu gihugu ca kure kwimikirwayo, ngw agaruke. 13 Ahamagara icumi bo mu bishikira biwe, abaha amahera cumi yitwa mina, arababarira, ati Muyacuruze, mugeze aho nzozira. 14 Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza. 15 Agarutse, amaze kwimikwa, ahamagaza ba bishikira yasigaranye ya mahera, ngw amenye inyungu umuntu wese yungutsemwo mu kuyacuruza. 16 Uwa mbere arengutse, aravuga, ati Mugenzi, mina yawe yungutsemw’ izindi mina cumi. 17 Aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza, ko wabaye umwizigirwa no kuri gito cane, n’ube umutware w’ibisagara cumi. 18 Uwa kabiri arengutse, aravuga, ati Mugenzi, mina yawe yungutsemw’ izindi mina zitanu. 19 Uwo na we aramubarira, ati Nawe twara ibisagara bitanu. 20 Uwundi arengutse, aravuga, ati Mugenzi, ngiyi mina yawe, nabītse itekeye mu kiremo: 21 kuko nagutinye k’ur’ umuntu w’umuhambazi, uterura ivyo utāhateretse, wimbura ivyo utārimye. 22 Aramubgira, ati Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko war’ uzi yuko nd’ umuntu w’umuhambazi, nterura ivyo ntāhateretse, nimbura ivyo ntārimye: 23 none se n’iki cakubujije guha abacurūza amahera yanje, nanje nagaruka nkayakwaka n’inyungu yayo? 24 Abarira abahagazeho, ati Ni mumwake ya mina, muyihe ūfise mina cumi. 25 Baramubgira, bati Mugenzi, mbega kw afise icumi! 26 Ndababgire, Ūfise wese azohabga, arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ afise. 27 Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje. 28 Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aja imbere, adūga aja i Yerusalemu. Yesu ashika i Yerusalemu, ari ku nyana y’indogoba 29 Ageze hafi y’i Betifage n’i Betaniya, ku musozi witwa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa, 30 arababarira, ati Muje mur’ iriya mihana ir’ imbere yanyu, ni mwayishikamwo, murabona inyana y’indogoba iziritse, ata muntu yigeze kuyigenderako: muyiziture muyizane. 31 Kandi ni hāgira ūbabaza, ati N’iki gitumye muyizitura? mumwishure, muti Databuja ni we ayigomba. 32 Abātumwe baragenda, babisanga uko yabibabgiye. 33 Bariko barazitura ya nyana y’indogoba, bene yo barababaza, bati Ko muzitura iyo nyana n’iki? 34 Barabishura, bati Databuja ni we ayigomba. 35 Bayizanira Yesu, bayishirakw impuzu zabo, bayiterekako Yesu. 36 Arikw aragenda, basasa impuzu zabo mu nzira. 37 Agira ashike, ageze ku kamanuko k’umusozi wa Elayono, ishengero ryose ry’abigishwa ritangura kunezerwa no guhimbaza Imana n’ijwi rirenga, bayishimira ibitangaza babonye vyose, 38 bati Hashemezwe Umwami, aje mw izina ry’Uhoraho, Amahoro abe mw ijuru, Icubahiro kibe ahasumba ijuru. 39 Abafarisayo bamwe bo mw ishengero baramubarira, bati Mwigisha, zibiza abigishwa bawe. 40 Arabishura, ati Ndababgire, Aba ni bahora, amabuye arasemerera. Yesu aririra Yerusalemu 41 Ashitse hafi, abona igisagara, arakiririra, 42 at’ Uyu musi iy’ umenya ivy’ amahoro! Ariko none bihishijwe amaso yawe. 43 Kukw imisi izokuzako, ah’ abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose, 44 bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuk’ utāmenye igihe wagendewemwo. Yesu yirukana abahumanya urusengero 45 Yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abārudandarizamwo, 46 arababgira, ati Vyanditswe, ngw Ingoro yanje izoba inzu yo gusengeramwo; ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi. 47 Kandi yigishiriza mu rusengero imisi yose. Arikw abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abantu bakuru‐bakuru bo mur’ ubgo bgoko barondera ingene bomwica, 48 babura uko bamugira; kukw abantu bose bāri bamumaseko, bamwumva. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi