Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu akiza umuntu arwaye urusina

1 Yinjiye mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo kw isabato kurya, baramugenza.

2 Imbere yiwe hār’ umuntu arwaye urusina.

3 Yesu abaza abigisha ivyagezwe n’Abafarisayo, ati Mbega biremerwa gukiza umuntu kw isabato, canke ntivyemerwa?

4 Maze barihorera. Aramufata, aramukiza, aramusezera.

5 Kand’ arababaza, ati Ni nde muri mwebge afise umwana cank’ inka, hogira igikorokera mw iriba, ntiyoca agikūrayo kw isabato?

6 Ntibāshobora kumwishura mur’ ivyo.


Uwishira hejuru azocishwa bugufi

7 Kand’ acira umugani abātumiwe, abonye ingene bitoraniriza ivyicaro vy’abakuru;

8 arababgira, at’ Umuntu ni yagutorera ubukwe, ntuze wicare mu cicaro c’abakuru: ngo kumbure ntihabeh’ umuntu akurusha igitinyiro yatowe,

9 kand’ uwabatoye mwempi akaza akakubgira, ati Habise uyu: ni ho uzomāramāra, ukagenda, ukicara inyuma y’abandi bose.

10 Ariko ni watorwa, ugende, wicare inyuma y’abandi bose, kugira ng’uwagutoye aje, akubgire, at’ Igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzobona icubahiro imbere y’abo mwicaranye musangira bose.

11 Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.

12 Kand’ abgira uwamutumiye, ati Ni wagira amazimano ku murango canke mw ijoro, ntuz’ utumire abagenzi bawe cank’ abo muvukana cank’ incuti zawe cank’ ababanyi bawe b’abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura.

13 Ariko ni wagira amazimano, upfume utumira aboro n’ibirema n’abacumbagira n’impumyi: ni ho uzoba uhiriwe;

14 kuko badafise ivyo kukwishura, arik’ uzokwishurwa mw izuka ry’abagororotsi.


Umugani w’abatumiwe babi

15 Maz’ umwe mu bicaranye na we avyumvise, aramubgira, ati Hahirwa ūzorīra mu bgami bg’Imana.

16 Na we aramubgira, ati Hābaye umuntu yarondeje amazimano menshi, atora benshi:

17 igihe co kurya gishitse, atuma umushumba wiwe kubarira abātowe, ngo Ni muze, kuko bihejeje gutegurwa.

18 Bose batangura kuzangazanga n’umutima uhūye. Uwa mbere, ati Naguze itongo, nkwiye kuja kurirāba; ndakwinginze, uramvugira antunge.

19 Uwundi, ati Naguze inka cumi, ngiye kuzirimisha ngo ndābe; ndakwinginze, uramvugira antunge.

20 Uwundi, ati Nārongoye, ni co kimbujije kuza.

21 Maze wa mushumba agarutse, abgira shebuja uko vyagenze. Nyen’ urugo araraka, abarira umushumba wiwe, ati Genda n’ingoga, uje mu nzira z’ibihamo no mu nzira nto‐nto zo mu gisagara, uzane hano aboro n’ibirema n’impumyi n’abacumbagira.

22 Umushumba wiwe, ati Mugenzi, ico umbariye ndagikoze, arikw imyanya iracasigaye.

23 Shebuja abarira uno mushumba wiwe, ati Genda uje mu nzira z’iroro no mu mihōra, ubagōbēre baze, kugira ngw inzu yanje yuzure.

24 Ndababgira yukw ata muntu n’umwe wo mur’ abo natumiye aza kugira ico atamira mu vyo nabateguriye.


Gukurikira Yesu

25 Kand’ ishengero ryinshi ryari rijanye na we: arahindukira, arababgira,

26 at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.

27 Ūtikorera umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.

28 Ni nde muri mwebge agomba kwubaka umutara w’amatafari muremure, ntiyobanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngw amenye yukw afise ayowunonosora?

29 Ngo kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y’itanguriro, ntashobore kuwuzuza; ababibonye bose bagatangura kumutwenga,

30 bat’ Uyu yatanguye kwubaka, ntashobora kwuzuza.

31 Canke har’ umwami yoba agiye guhūra n’uwundi ngo barwane, ntiyobanza kwicara, akaja inama, ko yoshobora kujana ingabo ibihumbi cumi guhwana n’ūmuteye ari n’ingabo ibihumbi mirongwibiri?

32 Bisanzwe atari ko biri, wa wundi akiri kure cane, amutumakw intumwa, akamubaza ico yomuhongera ngo babane amahoro.

33 Ni ko biri, umuntu wese muri mwebge adaheba ivy’ afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje.

34 Umunyu ni mwiza; arik’ umunyu wo, woshira uburyohe, woba ukiryoshwa n’iki?

35 Nta co umaze mu ndimiro canke mw icukiro: bapfa kuwuta. Ūri n’amatwi yumva ni yumve.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan